Covid-19: Papa Francis ahagaritswe umutima n'abatinya incanco muri Ekleziya

Ahavuye isanamu, EPA
Papa Francis avuga ko atabona ingene yosigura igituma bamwe mu bakardinali muri Ekleziya Katolika batinya gufata urucanco rwa Covid-19.
Avugana n'abanyamakuru igihe yagira yurire indege ava muri Slovakia asubira mu Butaliyano, Papa Francis yavuze ati: "Ntivyumvikana kuko kahise k'isi kerekana ko umuntu afitaniye ubucuti n'incanco".
Papa atera akamo abantu kwicandagisha "ku neza y'abandi", ni mu gihe na we nyene yamaze kwiteza urucanco rwa Covid-19.
Avuga ko umukardinali umwe yisanze ari mu cumba c'indembe kubera Covid-19.
Francis ntiyadomyeko urutoke uyo muntu, ariko umukardinali w'umunyamerika agendera ku vyakera Raymond Burke w'imyaka 73, aherutse kumara imisi mu bitaro ari muri ca cuma gifasha guhema inyuma yo kwandura uwu mugera.
Ntibizwi neza nimba Kardinali Burke yaricandagishije canke aticandagishije, ariko muri kahise yagiye yumvikana anegura cane ivyo kwicandagisha.
Papa Francis yabwiye abanyamakuru ati: "No mu nama nkuru y'abakardinali, harimwo abarwanya incanco. Ariko umwe muri bo, ibibabaje cane, yararajwe mu bitaro kubera uwu mugera. Ni ibintu bitangaje mu buzima".
Yongerako ko hafi bose i Vaticano ubu bamaze gucandagwa, kandi ko bariko bariga ingene bofasha abo bagifise ubwoba.
Atangara cane, yavuze ati: "Tukiri abana, twaracandazwe agasama n'ubukangwe - abana bose baracandazwe kandi nta n'umwe yigeze avuga na kimwe".
Hagati aho, Papa aremera ko impari zimwe zimwe kuri izi ncanco zishobora gutuma haba ubwoba bwinshi n'amadidane ku bijanye n'izi ncanco, akavuga ko ari ngombwa ko "twerekana aho ukuri kuri kandi tukavugana umutima mu nda".
Bamwe mu bayobozi b'Ekleziya, cane cane muri Amerika, bemeza ko abakatolika bakwiye kwemererwa kwanka izi ncanco za Covid-19 bisunze ukwemera kwabo.
Ariko, Papa Francis ntahuza nabo, akavuga ko izi ncanco "ata ngorane ziteye ku kwemera kw'umuntu", ko rero zokoreshwa ku neza.











