Abakuru ba US na China bavuganye kuri terefone ubwa mbere mu mezi indwi

Umukuru w'Ubushinwa Xi Jinping (i buryo) ahanye ukuboko n'icegera c'umukuru wa Amerika Joe Biden (i bubamfu) muri Great Hall of the People ku wa 4/12/2013 i Beijing, China

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iri ribaye irya kabiri gusa abo bategetsi bavugana kuri terefone kuva Biden ashitse ku butegetsi.
Yatangajwe

Prezida w'Ubushinwa Xi Jinping yavuganye na mugenziwe wa Amerika Joe Biden ku wa kane, bukaba ari bwo bwa mbere bavuganye kuri terefone mu mezi indwi.

Itangazo ry'ibiro vy'umukuru wa Amerika, Maison Blanche/White House ryavuze ko bavuganye "vyinshi bijanye n'aho inyungu zabo zihurira".

Bubabye ubwa kabiri gusa bavugana kuri terefone kuva prezida Biden ashitse ku butegetsi.

Imigenderanire hagati y'Ubushinwa na Amerika imaze igihe irangwa n'icuka kibi, bitumwe n'imvo zirimwo kunyinyana ku bijanye n'urudandazwa, ukwabura n'ikiza ca Covid.

Itangazo rya Maison Blanche ryongeye riti: "Uko kuvugana, nk'uko prezida Biden yabisobanuye neza, kwari mu murongo w'utwigoro Amerika ibandanya tw'uko Amerika n'Ubushinwa vyokwitwara neza mw'ihiganwa hagati yavyo".

"Abo bategetsi babiri bavuganye inshingano za buri gihugu zo kwirinda ko ihiganwa hagati yavyo ridahinduka rikavamwo intambara."

Mu ntango z'uyu mwaka, ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru hagati y'ubutegetsi bwa Biden n'Ubushinwa vyaranze no guterana amajambo hagati y'intumwa z'ivyo bihugu.

Abategetsi b'Ubushinwa bari bagirije Amerika gukokeza ibihugu "gutera Ubushinwa", nayo Amerika ivuga ko Ubushinwa "bwaje kwiyerekana neza gusa".

Ni ibiki Ubushinwa na Amerika batumvikanako?

Ni vyinshi cane ugiye kubiraba.

Hari ibibazo bitari bike bikomeye cane ivyo bihangange bibiri mu butunzi binyinyanirako - kimwe muri ivyo kikaba ari uburengenzira bwa zina muntu na demokrasi.

Amerika yagiriza Ubushinwa gukora ihonyabwoko ku bwoko bw'aba Uighur mu ntara ya Xinjiang.

Ivuga kandi ko reta y'Ubushinwa ihonyanga uburenganzira bwa demokrasi muri Hong Kong biturutse kw'itegeko rishasha ry'umutekano abarinegura bavuga ko rikoreshwa mu gucinyiza abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

Ubushinwa nabwo bumaze kubwira Amerika kenshi

guhagarika kwivanga mu vyo buvuga ko ari ibiraba ico gihugu ubwaco, bukagiriza Amerika "gukengera" umugambwe w'aba Communiste.

Hari n'ikibazo c'urudandazwa. Ivyo bihugu vyompi biri mu ntanbara y'urudandazwa yatanguye mu 2018 ku ntwaro ya prezida Donald Trump.

Amerika yashinze amafaranga arihwa ku bidandazwa biva mu Bushinwa biciye miriyari 360 z'ama dorari , Ubushinwa nabwo buca bubikora ku bidandazwa biva muri Amerika biciye miriyariri 110 z'ama dorari.

Joe Biden ntaco arahindura ku hari hahagaze uwo yasubiriye ku vyerekeye imigenderanire n'Ubushinwa mu bijanye n'urudandazwa, ivyo rero bikaba bibushavuza cane.

Ariko na Afghanistan ishobora kuba iyindi mvo yo kutumvikana.

Muri iyi ndwi, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'Ubushinwa bujejwe imigenderanire Wang Wenbin yaneguye cane ukuvana ingabo za Amerika muri Afghanistan avuga ko ari "ugusiga akajagari".

Yagirije kandi Amerika kuba yetumye Abanya-Afghanistan "batakaza vyinhi cane".