Afghanistan: Biden araburira ko hashobora kuba ikindi gitero i Kabul

Igikorwa cy'Ubutaliyani cyo guhungisha n'indege kuva i Kabul berekeza i Roma (ifoto yo ku itariki ya 28 y'ukwa munani mu 2021)

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Aba bahungishijwe bashoboye kugera amahoro mu Butaliyani mu rugendo rwa nyuma rw'indege rwerekezayo ruvuye i Kabul
Yatangajwe

Perezida w'Amerika Joe Biden yaburiye ko bishoboka cyane ko haba ikindi gitero ku kibuga cy'indege cya Kabul, avuga ko abakuru b'ingabo bamubwiye ko gishobora kuba mbere kuri iki cyumweru.

Ibiro by'ububanyi n'amahanga by'Amerika byashishikarije Abanyamerika bose kuva mu gace kegereye ikibuga cy'indege kubera "inkeke yihariye, yo kwizerwa".

Amerika ikomeje ibikorwa byo guhungisha, ariko ingabo za nyuma z'Ubwongereza, abadipolomate babwo n'abandi bategetsi ubu bamaze kuva i Kabul.

Igitero cy'umwiyahuzi hafi y'ikibuga cy'indege cyo mu murwa mukuru Kabul, ku wa kane cyiciwemo abantu bagera ku 170.

Ishami ry'umutwe wiyita leta ya kisilamu (IS) rikorera muri Afghanistan - rizwi nk'umutwe wiyita leta ya kisilamu mu ntara ya Khorasan (IS-K) - ryigambye ko ari ryo ryagabye icyo gitero.

Mu kwihimura, ku wa gatanu nijoro Amerika yagabye igitero cy'akadege katarimo umupilote (drone), ivuga ko yishe babiri "bo hejuru" bo mu mutwe wa IS-K.

Abo babiri bavugwa ko ari ucura imigambi wo muri uwo mutwe n'umufasha. Ntibizwi niba mu buryo butaziguye baragize uruhare mu gucura umugambi w'igitero cyo ku wa kane ku kibuga cy'indege cya Kabul.

Ingabo z'Amerika ku kibuga cy'indege cya Kabul

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ingabo z'Amerika ku kibuga cy'indege cya Kabul

Mu itangazo Bwana Biden yasohoye ku wa gatandatu, yagize ati: "Iki gitero si cyo cya nyuma. Tuzakomeza guhiga umuntu uwo ari we wese wagize uruhare mu gitero cya kinyamaswa tubimuryoze".

IS-K ni wo mutwe w'ubuhezanguni bwinshi cyane kandi ufite ubugome bwinshi cyane kurusha indi mitwe yose y'intagondwa yiyitirira idini ya Islam yo muri Afghanistan, kandi ufite ibintu byinshi utumvikanaho n'aba Taliban, ubu bagenzura byinshi mu bice by'igihugu.

Ubashinja gutererana urugamba bakajya mu bwumvikane bw'amahoro n'Abanyamerika.

Aba Taliban bamaganye igitero cy'indege cy'Amerika, bavuga ko Abanyamerika bari bakwiye kuba barabagishije inama mbere yacyo, nkuko umuvugizi w'aba Taliban yabibwiye ibiro ntaramakuru Reuters.

Ingabo z'Amerika zatangiye kuva ku kibuga cy'indege - umubare wazo ubu ni abasirikare 4,000, bavuye ku ho bari benshi muri iki cyumweru gishize aho bageraga ku 5,800.

Bishoboka ko iminsi micye iri imbere izaba ari yo mibi cyane kuva guhungisha byatangira, nkuko abategetsi bo mu biro bya perezida w'Amerika bya White House babivuga.

Abaturage b'abasivile barenga gato 1,000 baracyacyeneye guhungishwa n'indege bakuwe ku kibuga cy'indege cya Kabul, nkuko umutegetsi wo mu burengerazuba bw'isi utatangajwe izina yabibwiye Reuters.

Aba Taliban bashyizeho izindi bariyeri mu nkengero z'ikibuga cy'indege kandi ubu noneho barimo kwemererera benshi mu Banya-Afghanistan gutambuka, nkuko bitangazwa n'ibiro ntaramakuru Associated Press (AP).

Bose hamwe, abantu barenga 110,000 - Abanya-Afghanistan n'abanyamahanga - ni bo bamaze guhungishwa n'indege bakuwe ku kibuga cy'indege cya Kabul kuva ibikorwa byo guhungishwa byatangira mu byumweru bibiri bishize.

Sergeant (Sgt) Nicole Gee wo mu mutwe w'aba Marine mu gisirikare cy'Amerika, ateruye umwana w'Umunya-Afghanistan

Ahavuye isanamu, US DEPARTMENT OF DEFENSE

Insiguro y'isanamu, Sergeant (Sgt) Nicole Gee wo mu mutwe w'aba Marine mu gisirikare cy'Amerika, wari ufite imyaka 23, ni umwe mu basirikare 13 b'Amerika biciwe mu gitero cy'ubwiyahuzi cyo ku wa kane

Ku wa gatandatu, indege ya nyuma y'Ubutaliyani ni bwo yageze i Roma ihungishije abantu ikuye muri Afghanistan.

Ubutaliyani bwavuze ko bwahungishije Abanya-Afghanistan bagera hafi ku 5,000 bubakuye i Kabul - uyu ukaba ari wo mubare wa mbere munini mu bihugu byo mu muryango w'Ubumwe bw'Uburayi (EU/UE).

Ubufaransa bwavuze ko kuva ku itariki ya 17 y'uku kwezi kwa munani bwahungishije abantu barenga 2,800, mu gihe Ubudage bwo bwavuze ko bwahungishije Abanya-Afghanistan bagera hafi ku 4,000.

Umukuru w'ingabo z'Ubwongereza Jenerali Sir Nick Carter, yavuze ko "bibabaje" kuba batarashoboye guhungisha buri muntu wese.

Mu gihe ubushobozi bwo guhunga mu ndege burimo kugabanuka, amakuru avuga ko Abanya-Afghanistan benshi ubu barimo kugerageza guhunga igihugu banyuze ku mupaka wo ku butaka n'igihugu cya Pakistan, mu burasirazuba.

Amarembo y'umupaka hafi y'umujyi wa Spin Boldak mu majyepfo ya Afghanistan arafunguye, ndetse abantu bamwe bamaze igihe bahambukira. Hamwe mu hambukirwa cyane ku mupaka, mu mujyi wa Torkham, harafunze.

Ubufaransa n'Ubwongereza bizashishikariza umuryango w'abibumbye (ONU/UN) gushyiraho "akarere gatekanye" i Kabul ko gufasha ibikorwa byo guhungisha, nkuko byavuzwe na Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron.

Yavuze ko kazafasha amahanga gukora ibikorwa by'ubutabazi no "kugumisha igitutu ku ba Taliban".

Abanya-Afghanistan bari hanze ya banki yafunze i Kabul, ku itariki ya 25 y'ukwezi kwa munani mu 2021

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Imbaga y'abantu yateraniye hanze y'amabanki, mu gihe abantu bagerageza kubikuza amafaranga

Kuva aba Taliba bafata Kabul ku itariki ya 15 y'uku kwezi kwa munani, ubukungu bwa Afghanistan bwarazahaye, mu gihe abaterankunga bahagaritse inkunga ndetse n'ababikije amafaranga yabo bataye umutwe bagashaka kuyabikuza.

Ku wa gatandatu, imbaga y'abigaragambya yateraniye hanze y'amabanki i Kabul.

Umugabo umwe yabwiye Reuters ati: "Ibi bintu nibikomeza n'abakozi ba leta ntibabone imishahara yabo n'umucuruzi ntashobore kubona amafaranga ye muri banki ngo akore ubucuruzi, ikizavamo giteye ubwoba bwinshi cyane, ndetse hazabaho n'ubukene muri sosiyete, kandi nta muntu n'umwe washobora gucyemura icyo kibazo".