Nigeria: Ubugeni i bwami, hari indege zababa 50

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Indege nizo zari zuzuye amabarabara y'ikibuga c'indege c'igisagara ca Kano kiri mu buraruko bwa Nigeria, mu gihe abanyacubahiro b'igihugu n'abandi bategetsi bo mu bihugu vya Afrika y'Uburengero bitabira urubanza rw'ubugeni rw'umuhungu w'umukuru w'igihugu, aho nijoro yarongora umukobwa w'umuganwa akaba n'umutegetsi akomeye w'idini rya Islam.

Ubu bugeni bwa Yusuf Buhari na Zahra Nasir Bayero ni bumwe mu birori bikomeye cane muri Nigeria muri uno mwaka.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bitabiriye ibi birobi vyabereye ku kirimba ca Bichi, igisagara co mu ntara ya Kano.

Umuhinga mu vya kahise yabiwye BBC ko ubugeni hagati y'imiryango y'umukuru w'igihugu n'iy'ibwami butari bwigere bubaho muri Nigeria.

Aba baraye bubakanye bahuriye kw'ishure kaminuza ya Surrey mu Bwongereza.

Ibi birobi vyaraye bibaye nijoro kuwa gatandatu, igihe se w'umuhungu Nasir Ado Bayero yari aramutse yimikwa nka Emir wa Bichi. Mwenewabo nawe ni Emir wa Kano, umwe mu bategetsi b'idini rya Islam bakomeye cane muri Nigeria.

Umuryango w'umuhungu watanze inkwano y'ama naira (amafaranga yo muri Nigeria) angana na 500.000 (ni ukuvuga amadorari 1200 y'amadorari y'abanyamerika ) - incuro cumi ku rugero rw'inkwano zisanzwe zitangwa mu buraruko bwa Nigeria.

Umunyamakuru wa BBC Ishaq Khalid muri Nigeria avuga ko amashusho y'umukobwa imbere y'ubugeni yateje impari zikomeye ku mbuga hwaniro, aho bamwe bavuga ko impuzu yari yambaye ari "ubutabanga" kubera ibitugu vyiwe vyari hanze, mu gihe abandi nabo bamushigikira.

Mu gihe hari amakuru yavuga ko hari indege 100 zaje kuri uru rubanza, umutegetsi wo ku kibuga c'indege wewe avuga ko zitarenga 50.

Ariko gusa, ibirori vyabaye ibibayabaye kubera ikiza karanda ca coronavirus. Abenshi mu batumire bari bambaye udupfukamunwa muri kino gihe Nigeria ihanganye n'ibitigiri vy'abandura vyiyongereye.

Ubu bugeni bwari bucungerewe bikomeye, aho abaporisi n'abasirikare bari bacungereye ikirimba n'ibibanza bikomakomeye.

Ubu bugeni bwari burongowe n'umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Isa Ali Pantami, umu Imam akomeye.

Abanyaporitike bakomakomeye, harimwo n'abategetsi kama mu gihugu cose bari bitabiriye uru rubanza, harimwo n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi batari bake. Muri bo harimwo n'uwo Perezida Muhammadu Buhari yasubiriye amutsinze mu matora ya 2015, Goodluck Jonathan.

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu wa Gambia Fatoumata Bah Barrow hamwe n'uwahoze ari umukuru w'igihugu kibanyi ca Niger, Muhammadu Issoufu, bari mu batumire mvamakungu muri ubu bugeni.

.