Nyamugigima ya Haiti mu mafoto: baracarondera abacitse kw'icumu

Yatangajwe

Nyamugigima (umutingito mu kinyarwanda) yo ku gipimo ca 7.2 yabaye muri Haiti ku wa gatandatu yahitanye abantu bababa 2000 abandi nabo baharurwa mu bihumbi barakomereka.

Akarere k'ubumanuko bushira uburengero bw'igihugu niko kaboneka ko kasinzikaye cane gusumba, cane cane mu micungararo y'igisagara ca Les Cayes.

Abajejwe ubutabazi muri ico gisagara bakoresha amamashini akoreshwa mu rwubako kugira ngo bakureho ibihomoka, ariko igikorwa co kurondera abacitse kw'icumu nticoroshe.

Utwigoro two gutabara twahagaritswe n'imvura nyinshi yaturutse kw'isegenya Tropical Storm Grace.

Abantu baharurwa mu bihumbi mirongo basigaye mu kangaratete inyuma y'aho iyi nyamugigima ibomoreye amazu yabo, bibaza nimba borya umutima amenyo bakabandanya kwitega iyi segenya, canke nimba bosubira mu nyubakwa zononywe n'iyi nyamugigima, izi zigashobora no kubahitana.

ONU ivuga ko abana hafi 500.000 ubu batagira ic'epfo n'ica ruguru, batagira aho barara, batagira amazi meza n'imfungurwa.

Aba banya Haiti kuri iyi sanamu yo musi bahuye n'iki kiza batondeye isashe y'imfungurwa zitanzwe nk'imfashanyo n'ishirahamwe ry'abagiraneza FAES (Fund for Economic and Social Assistance).

Aha musi, aba ni abasirikare bajejwe gucungera imbibe ba Amerika bariko batwara imiti n'ibindi bikoresho vyo kwa muganga ku bitaro vya Ofatma mu gisagara ca Les Cayes.

Umushikiranganji wa mbere Ariel Henry, asanzwe ari ku butegetsi gushika igihe hazobera ayandi matora, yatangaje amategeko adasanzwe mu kiringo c'ukwezi kwose, yongera asaba abanyagihugu "gufatana mu nda".

Amasanamu yose agengwa n'amategeko agenga ikoreshwa ryayo.