Tanzania: Ni igiki coba cinyegeje inyuma y' 'inkuru iyovya y'ikinyamakuru' cegukira CCM?

    • Umwanditsi, Rashid Abdallah
    • Igikorwa, Akurikiranira hafi poritike, Tanzania
  • Yatangajwe

Bivanye n'uko Perezida Samia Suluhu Hassan azoba arengeje imyaka itatu ari ku butegetsi gushika mu gihe c'amatora yo mu 2025 inyuma y'aho uwo yasubiriye John Pombe Magufuli asandabiye, ibwirizwashingiro rya Tanzania rizofata iki gihe cose azoba amaze ku butegetsi nk'ikiringo cose gikwiye.

Ni hagera ko haba ayandi matora mu 2025, azoba ahejeje ikiringo ciwe ca mbere. Rero ibwirizwashingiro riramwemerera gusubira kwiyamamariza ikiringo kigira kabiri, mu gihe yoshaka guhiganwa n'abatavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi muri ico kibanza.

Inyuma y'aho ikinyamakuru Uhuru cegukira umugambwe Chama cha Mapinduzi (CCM), candikiye inkuru yavuga ngo "Sina wazo kuwania Urais 2025 - Samia" (ni ukuvuga ngo "Nta mugambi mfise wo kwitoreza ikibanza c'umukuru w'igihugu - Samia"), uwu mugambwe umenyesha ko wababajwe n'iyi nkuru yashizwe ku rupapuro rwa mbere mw'iki kinyamakuru casohotse ku wa 11 z'uku kw'umunani.

Uwu mugambwe wemeza ko iyi nkuru ari ikinyoma kandi ko Perezida Samia atigeze avuga aya majambo nk'uko iki kinyamakuru kibivuga, cemeza ko casubiyemwo ivyo yivugiye we nyene mu kiganiro yagiranye na BBC ku wa 09 z'uku kw'umunani.

Hari impari zikomeye hagati y'abemeza ko iyi nkuru itanditswe ku gihamana kibi kubera iki kiganiro na Perezida Samia cari gitomoye, aba bakavuga ko bitokwumvikana ingene inkuru nk'iyi yoca mu minwe y'abanyamakuru n'ababarongoye ntibayibone. Bobo bavuga ko iyi nkuru "yanditswe ifise intumbero ya poritike".

Urundi ruhande rugizwe n'abemeza ko habayemwo ugwangara mu kwandika iyi nkuru, bakemeza ko ivyo uwo murwi wa mbere uvuga atari vyo.

Ugwangara rw'iki kinyamakuru canke ni amayeri ya poritike?

Ni umugenzo mu mugambwe CCM ko iyo umukuru w'igihugu ahejeje ikiringo ciwe ca mbere atabamurwanya iyo ashatse guhiganira ica kabiri, n'aho haba uguhangana gukomeye iyo hageze kurondera umukandida yiyamamariza uwo mugambwe mu kiringo ca mbere c'umukuu w'igihugu.

Akahise karerekana ko uwiyamamariza ikiringo kigira kabiri atawumuhangara, haba kuva kuri Benjamin Mkapa, Jakaya Kikwete n'umuhisi John Pombe Magufuli.

Avugana n'abanyamakuru, Bashiru Ali yahoze ari umunyamabanga mukuru wa CCM yaratuye neza ko iyo ari yo poritike ya CCM n'aho itanditswe ahantu na hamwe.

Uravye uburemere bw'uwu mugirwa, hari ababona ko ivyanditswe n'ikinyamakuru Uhuru ari amayeri yo gutesha agaciro Perezida Samia ni hagera mu 2025 no kurondera ingene umugambwe CCM uhindura uwu muco wamanye kuva kera.

Ubukomezi bwa CCM

Mu mugambwe CCM nk'uko bishobora gushikira umugambwe uwo ari wo wose, ntihabura ukutumvikana, n'aho umaze kwerekana ko ufise inguvu zo gutorera umuti indyane utarinze gucibwamwo amababa.

Ni umwe mu migambwe imaze igihe kirekire ku mugabane wa Afrika.

CCM yavuye mu kwiyunga kw'imigambwe ibiri mu 1977, TANU (Tanganyika African National Union) wo ku ruhande rwa Tanganyika (ikunze kwitwa Tanzania bara) userukiwe na Julius Nyerere, hamwe na ASP (Afro-Shirazi Party) wo mu mazinga ya Zanzibar userukiwe na Aboud Jumbe. Imaze imyaka irenga mirongo ine.

Indyane ziheruka muri CCM ni izadutse mu 2019, igihe abategetsi bakomeye muri uwo mugambwe bandikiye urwandiko bashikiriza ibibabakiye, hamwe n'ibiganiro bagiriraniye kuri terefone amajwi akaja ahabona batabishaka, bavuga cane ko batari bishimiye ingene ibintu vyari bimeze ku butegetsi bw'umuhisi Magufuli.

Nico kintu gikomeye cavuzwe cane carimwo abategetsi bakomeye ba CCM kuva Magufuli ashitse ku butegetsi nk'umukuru w'igihugu akaba n'umukuru w'umugambwe.

Mu bari muri vyo harimwo Abdulrahman Omari Kinana, yabaye umunyamabanga mukuru wa CCM kuva 2012 gushika 2018. Bernard Kamillius Membe, yigeze kuba umushingamateka wa CCM n'umushikiranganji w'imigenderanire hagati ya 2007 na 2015. Uwundi yarimwo ni Willium Ngeleja yari umushingamateka wa CCM mu karere ka Sengerema mu ntara ya Mwanza.

Abandi bari Nape Moses Nnauye, yigeze kuba umushikiranganji wo kumenyesha amakuru , imico kama n'inkino ku butegetsi bwa Magufuli nyene, ubu akaba ari umushingamateka wa CCM mu karere ka Mtama mu ntara ya Lindi.

Harimwo kandi Januari Makamba yigeze kuba umushikiranganji ajejwe ubwiyunge n'ibidukikije mu biro vy'icegera c'umukuru w'igihugu, hamwe kandi na se wiwe, Yusuf Makamba, inararibonye muri poritike yanabaye umunyamabanga mukuru wa CCM hagati ya 2007 na 2011.

N'aho amazina y'abari muri vyo ari ay'abantu bakomeye cane, CCM yarashoboye kuzivya ako karwi, mbere impera ya vyose abatari bake muri bo basaba imbabazi ku mukuru w'umugambwe, Magufuli, abandi bararengutswa kwisigura, maze umugambwe urabagabisha bikomeye.

Turavye akahise k'uwu mugambwe, si ibintu vyoroshe guteza akajagari mu mugambwe CCM gushika aho uwucamwo amababa, aho indyane muri uwo mugambwe ari nk'imikuba yo mu kiyaga ihuhuma ariko ubwato bukibandaniriza urugendo.

Ingaruka ku binyamakuru

Khalifa Said, umunyamakuru akorera i Dar es Salaam avuga ati: "Reta ntiyategerezwa kuba ifise ububasha bwo kwugara ikinyamakuru, naho coba ari ica nde. Ntivyumvikana ingene reta yoba uwitwara ikongera ikaba umucamanza. Ibi biteye kubiri n'intwaro ibereye, ubutungane n'ubwigenge bwo kumenyesha amakuru".

Bivanye n'uko Tanzania ifise kahise kabi ko gutoteza ibinyamakuru mu kubitoza amahadabu, kubigabisha no kuvyugara, iyugarwa ry'iki kinyamakuru cegukira umugambwe uri ku butegetsi ni ikimenyetso kibi ku bindi binyamakuru.

Ico kinyamakuru gihejeje gusohora iyo nkuru iyovya, umunyamabanga mukuru wa CCM Daniel Chongolo yaciye aremesha ikiganiro n'abanyamakuru kuri iki kibazo. Muri vyinshi yavuze, kimwe muri vyo ni iyugarwa ry'iki kinyamakuru mu kiringo c'indwi yose.

Igihano nticagarukiye ngaho, umukuru w'igisata kijejwe kumenyesha amakuru muri Tanzania Gerson Msigwa, akaba n'umuvugizi wa reta, yahagaritse ico kinyamakuru Uhuru mu kiringo c'imisi 14 kuva ku wa 12 z'uku kw'umunani, 2021.

Iyi ngingo yarateye ubwoba abasanzwe bafashe mu mugongo ibinyamakuru, bakabona ko ubutegetsi bushobora kuyifatirako mu kwerekana ko reta ya Tanzania itagira nkunzi iyo hageze guhana canke kwugara ikinyamakuru, ibi bigashobora gutuma ibinyamakuru cane cane bitegamiye ubutegetsi bihohoterwa gusumba.

Khalifa abajijwe icokorwa kugira ngo reta ntibandanye ifata ingingo zo kwugara ibinyamakuru ku mvo za poritike mu gihe kirenze ku mategeko ngenderwako y'umwuga, yishuye ati:

"Amategeko aratomoye, bishitse ikinyamakuru kikarenga ku mabwirizwa agenga umwuga w'ukumenyesha amakuru, bitegerezwa kumenyeshwa urwego rujejwe kumenyesha amakuru muri Tanzania (MCT), ari na rwo rujejwe kwumvikanisha impande zompi. Mu gihe uwitwaye adashimishijwe n'ibivuyemwo, ategerezwa kwuguruza urubanza muri sentare".