Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Wuhan: Abahaba bose bagiye gupimwa kubera icaduka gishasha c'umugera
- Umwanditsi, Na Yvette Tan
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Abategetsi mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa bagiye gutangura gupima abakibamwo bose inyuna y'aho baboneye ko hari abantu bake batowe umugera wa corona.
Aho muri Wuhan hatowe abantu indwi banduriye aho nyene - bakaba aribo bantu banduriye imbere mu gisagara mu kiringo kirenga umwaka.
Ico gisagara c'abantu miriyoni 11 camenyekanye cane kw'isi inyuma y'aho coronavírus ihatorewe ubwa mbere mu 2019.
Ubushinwa muri iyi minsi buhanganye n'icaduka ca mbere kinini mu mezi atari make , aho hamaze gutorwa abantu 300 banduye mu minsi 10.
Intara 15 mu gihugu ziramaze kubonekamwo abarwaye, ivyo bikaba vyatumye igihugu gifata ingingo zo gupima ikivunga no kugabanya uruja n'uruza.
Abategetsi bavuga ko iryo kwirakwira ry'umugera ryavuye ku bwoko bwawo bwandukira cane bwa Delta hamwe n'igihe c'ubukerarugendo mu gihugu.
Gutangaza ko muri Wuhan abantu bose bagiye gupimwa bije mu gihe mu gihugu hatowe abandi bantu 90 banduye umugera kuri uyu wa kabiri.
Umugwi w'igihugu ujejwe amagara wavuze ko 61 muri abo bantu banduriye aho basanzwe baba - ugereranije na 55 banduye nk'uko ku munsi w'imbere yaho.
Ubushinwa bwari bwarashoboye ahanini kurwanya umugera imbere mu gihugu.
Ariko iri kwirakwira rishasha, ryabonywe ubwa mbere ku kibuga c'indege gikora cane ca Nanjing kwasubiye gutera amakenga.
Abategetsiu bapimye incuro zitatu abantu bose baba muri Nanjing uko ari miriyoni 9,2 baca bategekega abantu ibihumbi n'ibihumbi kudasubira kuva i muhira.
Ariko mu mpera z'indwi, amaso yahindukiriye ahantu hagenderwa cane hitwa Zhangjiajie mu ntara ya Hunan ahatowe benshi mu banduye bashasha . Abantu baturuka muri Nanjing vyibazwa ko bagendeye ico gisagara muri iyi minsi.
Abajejwe amagara babanje kuronderera ku nyubakwa y'ibiteramo (theatre) muri Zhangjiajie ubu naho bakaba bariko baragerageza gukurikirana abantu bashika ibihumbi 5000 bitavye ibiteramo hanyuma bagasubira mu bisagara iwabo.
Zhong Nanshan, umuhinga w'Ubushinwa ku ndwara zo guhema yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Zhangjiajie ubu niyo yabaye intango nshasha y'ikwiragira ry'ikiza mu Bushinwa".
Ico caduka gishasha canashitse ku murwa mukuru Beijing , aho abategetsi bemeza ko hari abantu benshi banduriye imbere mu gisagara nyene.