Tanzania yatanguye kurihisha ikori ryo gukunda igihugu kuri telefone

Amakompanyi amwe amwe yo gutumatumanako avuga ko ibiciro vyo kurungika canke gutora amafaranga kuri telefone muri Tanzania vyadutse incuro zibiri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kompanyi zimwe zimwe zo gutumatumanako zivuga ko ibiciro vyo kurungika canke gutora amafaranga kuri telefone muri Tanzania vyadutse incuro zibiri
Yatangajwe

Umusoro mushasha wiswe "ikori ryo gukunda igihugu" mu gihe umuntu arungitse canke atoye amafaranga aciye kuri terefone watanguye gutozwa mu gihe batari bake banegura iri tegeko.

Iri kori riherutse kwemezwa n'inama nshingamateka y'ico gihugu mu kwezi guheze rizotuma ibiciro vyo kurungika canke gutora amafaranga ku materefone ngendanwa biduga.

Amakompanyi yo gutumatumanako muri Tanzania ariko arakwiragiza amatangazo mu binyamakuru vyo muri ico gihugu yerekana ibiciro bishasha vyo kurungika no kwakira amafaranga biciye kuri terefone ngendanwa.

Hari amakompanyi amwe avuga ko iri kori ryo gukundisha igihugu ryatumye ibiciro vyo kurungika no gutora amafaranga biduga incuro zibiri.

Umushikiranganji w'ikigega ca reta wa Tanzania arashigikira uwu musoro mushasha, akavuga ko amafaranga azokwegeranywa azokoreshwa mu bikorwa vy'iterambere, nko gutanga amazi meza mu mashure.

Ariko, ibi biciro bishasha biranegurwa cane, aho abanyagihugu bavuga ko bije gusongera isibe ku banyagihugu bo muri iki gihugu co mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko basanzwe bakenye.