Kenneth Kaunda: Habaye ibirori vyo gusezera uwabaye prezida wa mbere wa Zambia

Kenneth Kaunda

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Ibirori vyo gusezera uwabaye prezida wa mbere wa Zambia, Kenneth Kaunda, vyabaye harimwo no kurasa ibisasu vya muzinga 21 hamwe n'urukurikirane rw'indege za gisirikare mu kirere.

Kaunda yashengeye afise imyaka 97 inyuma yo kurwara umusonga (pneumonie) mu kwezi guheze.

Niwe yari uwanyuma mu runganwe rw'abategetsi b'Abanyafrika bagwanije intwaro ya gikoroni, hanyuma aca aba umukuru wa Zambia imaze kuronka intahe yo kwikurira mu 1964.

Ibirori vyabereye mu kibuga c'inkino ku murwa mukuru Lusaka, aho abategetsi bavuye mu bindi bihugu bamwunamiye bakanavuga amajambo yo kumushimagiza.

Abategetsi bitavye kwunamira Kenneth Kaunda, Lusaka, 02/07/2021

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abategetsi batari bake bo muri Afrika bitavye ibirori vyo kumwunamira
Vya muzinga i LUsaka, Zambia, 02/07/2021

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Harashwe ibisasu vya muzinga 21 mu guha icubahiro umuhisi prezida Kenneth Kaunda

Muri ico kibuga, abanya-Zambia benshi nabo bazungagije udutambara twera mu kwibuka uwo yahoze ari indongozi yabo atakunda kuboneka adafise bene ako gatabara mu ntoke.

Amaze gupfa, reta yashinze ikigandaro c'indwi zitatu aho ibintu vyose vyo kwiryohera vyahagaritswe.

Ikiziga ciwe caracishijwe kandi mu gihugu kugira abanyagihugu bamwunamire.  

Prezida wa Zambia Edgar Lungu yatanze kandi ikiruhuko ku gihugu cose ku minsi yo kwunamira ubwa nyuma no gushingura umuhisi Kaunda - kumushingura bikazoba ivy'umuryango gusa ku ndwi iza.

Mu bitavye ibirori vyo kuri uyu wa gatanu harimwo abategetsi ba Kenya na Ghana, hamwe n'uwa Afrika y'Epfo Cyril Ramapfosa, yashize amafoto yiwe muri urwo rubanza ku mbuga hwaniro.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Presentational white space

Kaunda - yari azwi cane nka KK - yashigikiye cane ibikorwa vyo kuvanaho intwayo y'amacakubiri y'abazungu muri Afrika y'Epfo, apartheid. Yari kandi mu bari imbere mu gushigikira imihari yo kurondera ubwigenge muri Mozambique no mu kiri ubu Zimbabwe.

Afashe ijambo muri ivyo birori, umukuru w'urwego rutwara ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika, Moussa Faki Mahamat, yavuze ko Kaunda ari ''igihangange mu bagabo'' akaba ''n'uwanyuma mu bashinze ishirahamwe bakanaha ubwigenge ibihugu atari iciwe gusa''.

Yongeyeko ati: "Iyo hataba ukwitanga k'urunganwe rwiwe ico gihe, simba ndiko ndavugira imbere yanyu kuko Ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika ritaba ririho."

"Tuzokwama dufitiye umwenda Kenneth Kaunda n'abanya-Zambia ."

Ifoto ya Kenneth Kaunda

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kenneth Kaunda yatwaye Zambia imyaka 27

Kaunda yamenyekanye nk'umuntu akomeye mu myaka ya 1950 mu muhari wo kurondera ubwigenge bw'icitwa ico gihe Northern Rhodesia yatwarwa gikoroni n'Ubwongereza.

Hari bamwe bamutaziriye "Ghandhi wo muri Afrika" kubera intumbero itarangwa n'intureka mu bikorwa vyiwe vyo guharanira ubwigenge.

Nk'umukuru w'umugambwe w'umurongo w'aba socialiste United National Independence Party (UNIP) , Kaunda yaciye atwara igihugu mu butegetsi bw'umugabwe umwe.

Martin Luther King na Kenneth Kaunda mu 1960

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kaunda yarafatiye cane ku vyiyumviro vya Martin Luther King

Ariko ugukundwa mu gihugu kwahavuye gutituka kuko uko iminsi ihera yagiye arongereza gutwaza igitugu, hanyuma ava ku butegetsi atsinzwe amatora y'imigambwe myinshi mu 1991.

Mu buzima bwakurikiye, Kaunda yaciye yijukira kurwanya umugera wa SIDA inyuma y'aho umwe mu bahungu biwe, Masuzyo, yiciwe n'indwara ifatiye kuri uwo mugera.

Yabwiye itororokanirzo ry'amakuru Reuters mu 2002 ati: "Twaragwanije ubukoroni. Dutegerezwa gukoresha umwete nk'uwo nyene mu kurwanya SIDA igeramiye kuzimanganya Afrika".