UK: umushikiranganji yasavye imbabazi inyuma y'amashusho amwerekana asomana n'umufasha

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Kathryn Snowdon
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Imiryango yaburiye ababo muri ca kiza karanda Covid-19 iragabisha ko umushikiranganji Matt Hancock yubahutse agasomana n'umufasha mu biro iwe bishobora gutesha urubwa reta, bigatuma abantu bahonyanga amabwirizwa ajanye no kutegerana mu ntumbero yo kurwanya iki kiza.
Vyabaye ngombwa ko uyu mushikiranganji w'amagara y'abantu asaba imbabazi inyuma y'aho amashusho avugwa ko yafashwe ku wa 06 z'ukwa gatanu amwerekaniye ariko asomana na Gina Coladangelo.
Ishirahamwe riharanira agateka k'ababuze ababo bahitanywe na Covid-19 (Covid-19 Bereaved Families for Justice) rivuga ko mu gihe vyonanirana ko Hancock yirukanwa bishobora kugira ingaruka mbi nk'izabaye kuri Cummings, maze abantu bagahonyanga amabwirizwa.
Umushikiranganji wa mbere wewe abona ko ikibazo carangiye.
Umuvugizi w'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere avuga ko Boris Johnson yemeye imbabazi zasabwe na Hancock, kandi ko afitiye icizere uyu mushikiranganji w'amagara y'abantu.
Ishirahamwe Covid-19 Bereaved Families for Justice ryandikiye umushikiranganji wa mbere Johnson rimusaba kwirukana Hancock mu gihe atotanga imihoho, rikibaza mbere nimba uyu mushikiranganji w'amagara y'abantu akibereye kuba umutegetsi yofata ingingo zijanye na Covid.
Rivka Gottlieb wo mw'iryo shirahamwe yavugiye mu kiganiro The World Tonight ca BBC Radio 4 ati: "Mu gihe yoramuka atangaje izindi ngingo za guma mu rugo canke ayandi mabwirizwa, ubona hari n'umwe yokwumvira umuntu na we ubwiwe adakurikiza amabwirizwa"?
"Ivyo twese vyaratubabaje. Kuri Cummings ntacabaye, yibandanirije akazi kiwe, ehe raba ivyabaye, abantu baciye batangura guhonyanga amabwirizwa. Mfise ubwoba ko ivyo ari vyo bishobora kuba".
ingingo yo kutegerana ku kazi si itegeko, ariko reta isaba ko abantu batandukana imetero zibiri aho bishoboka - canke imetero imwe, hampande y'izindi ngingo zo kugabanya ikwirakwira, nk'izijanye n'ukwambara udupfukamunwa.
Mu kwa gatatu kw'uno mwaka, umuhanuzi mukuru w'umushikiranganji wa mbere ico gihe, Dominic Cummings, yaniramuye afata urugendo rw'ibirometero birenga 418 ava i Londres aja mu karere ka Durham kandi igihugu cari ingingo za guma mu rugo. Ico gihe reta yari yafashe amategeko akomeye yo kugabanya uruja n'uruza
Mu nyuma we n'umugore wiwe bagiye kwandura Covid.
Abanyagihugu bariyamirije Cummings, ariko umushikiranganji wa mbere yaramuryamaryamyeko, mu kuvuga ko ata "kundi yari kugira" atari ugufata urwo rugendo.
Prof Stephen Reicher, wo kuri kaminuza yigisha ibijanye n'inyifato, University of St Andrews' School of Psychology, avuga ko icatumye inyifato ya Cummings ibonwa "nabi cane" si ukubera vyakozwe n'umuhanuzi wa reta, ariko ni ukubera ingene Boris Johnson yamuvugiye.
Prof Reicher yabwiye Newsnight ca BBC Two ati: "Ugusamara kw'umuntu umwe kwatumye abantu bibaza ibibazo ku ntwaro, aho babona ko hari itegeko rituraba twebwe irindi rikaraba abandi".
"Mu gihe igihugu gihanzwe n'ibibazo bikomeye, dukeneye reta twizeye, kandi dukeneye reta dushobora kwumviriza".
Abashikiranganji bandi bari muri reta bashigikiye uyu mugenzi wabo ajejwe amagara y'abantu.
Ariko Sir John Curtice yigisha ibijanye na poritike kuri kaminuza ya Strathclyde yabwiye BBC BBC Radio 4 ivyo ari vyo vyose umushikiranganji Hancock ata mahoro azoronka.
Ikinyamakuru The Sun, ari naco ca mbere cerekanye aya masanamu ya Hancock n'umupfasoni Coladangelo kikayashikana mu biro bijejwe amagara y'abantu, yerekana n'ayandi mashusho y'aba bantu babiri ingene bavyifatamwo.
Iki kinyamakuru kivuga ko iyi sanamu iheruka yerekana Hancock n'umupfasoni Coladangelo bari mu nzu y'uburiro ku wa 23 z'ukwa gatanu - haciye imisi 17 herekanywe amashusho y'ingene bariko basomana.










