Ingumu, imigere n'iterabwoba bizogeza hehe inama nshingamateka ya Africa?

Roger Nkodo Dang (C) speaks with others inside the house following its postponement in Midrand, Johannesburg on June 1, 2021

Ahavuye isanamu, AFP

    • Umwanditsi, Na Dickens Olewe
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Igishingwa, Inama nshingamateka ya Afrika (Pan-African Parliament, PAP) yari ifise intumbero yo gushira hamwe uyu mugabane, ariko ikoraniro riheruka ryabaye akambaro k'ibara aho bamwe mu bashingamateka bayo bakubitaniye abandi nabo bagakangishanya kwicana.

Iri bara ryabaye mu gihe hariko hibonekeza ukutumvikana gukomeye ku bijanye n'uwari gushirwa imbere ngo arongore iyi nama nshingamateka igizwe n'abantu 235, aho abashingamateka bava mu karere ka Afrika y'ubumanuko bashimangira ko umuntu wabo bari bashize imbere ari we yategerezwa gutorwa kugira ngo ntibandanye yiziziwe n'uturere tumwe.

Mu gihe haduka imishamirano yafashwe amasanamu, umushingamateka wo muri Afrika y'Epfo, Julius Malema, yatumye urutoke ku mushingamateka bahanganye, avuga ati: "Ndakwica".

Mu kwisigura kuri aya majambo, Malema yavuze ko nawe yari yatewe ubwoba.

Mu rindi koraniro, habaye induru bavuga ngo: "Nta kubisanya. Nta matora. Ni uko nyene!", aha ni mu gihe bariko barwanira amasandugu y'itora.

Mu gihe akajagari kariko karabandanya, bamwe mu banyaporitike bahanye amakofi (inshyi mu kinyarwanda), aho umwe yumvikana yitakambira ati: "Hamagara abaporisi, birihutirwa".

Tambuka YouTube ubutumwa
Uremeye ibiri kuri Google YouTube?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Google YouTube. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Google YouTube amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya YouTube ubutumwa

1px transparent line

Umushingamateka wo muri Zimbabwe Barbara Rwodzi, yabwiye BBC ko yakomerekejwe ku kuboko kw'ibubamfu - biba ngombwa ko ashirwako igitambara - aho hari mu gihe "c'imishamirano" hagati y'abashingamateka mu nama yabereye mu gisagara ca Johannesburg.

Ababanegura babona ko ivyabaye ari agahomerabunwa.

Umwigisha wa kaminuza ya Afrika y'Epfo, Lesiba Teefu, asanzwe ari umuhinga mu vya poritike, asubirwamwo n'itororokanirizo Africa News Agency avuga ati: "Twaracanyemwo bikomeye nk'umugabane mu buryo butari bwigere bubaho - uko ni ukiri. Turaja ng'aho tugahendana ngo turi bamwe mu gihe hari akarenganyo karenze urugero. Dufise abarongoye inama nshingamateka badashaka kurekura, bashaka kuguma ku ntebe ubuzima bwabo bwose".

"Si ukuvuga ko turiko turatyozanya. Tumaze imyaka igera hafi ku 60 tugerageza kwibohora, ariko turacari kure yo gushika aho dushira hamwe".

'Ukwiyagira ivyabo gusa'

Ishingwa ry'iyi nama nshingamateka mu myaka 17 iheze ryari mu mugambi munini wiyumviriwe na bamwe mu bategetsi ba Afrika bariho ico gihe, harimwo uwari umukuru w'igihugu ca Libya Muammar Gaddafi, mu ntumbero yo gushira hamwe uyu mugabane ugizwe n'ibihugu birenga 50.

Bari bafise integuro ko ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika (AU/UA) ryari kugera aho rishinga reta imwe hanyuma iyi nama nshingamateka nayo ikaba iyo gushiraho amategeko.

Muammar Gaddafi yagize uruhara mu gushinga Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika (U/UA)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Muammar Gaddafi yagize uruhara mu gushinga Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika (U/UA)

Ariko iyo batariko baraterana ingumu, iyi nama nshingamateka - nk'uko bivugwa n'ikigo ca kaminuza cigisha ivyigwa bijanye n'umutekano - nta kindi ikora atari "ukwiyagira ivyabo gusa".

Umushingamateka wa Senegal, Toussaint Manga, yabwiye BBC ko ingorane nyamukuru ari uko mu bihugu 54 bigize Afrika, 11 vyonyene ari vyo bimaze gutera igikumu ku masezerano yo mu 2014 - azwi nk'amasezerano ya Malabo - afise intumbero yo guha iyi nama nshingamateka inguvu zo gufata ingingo. Hakenewe ibihugu 28.

Ati: "Nimba koko dushaka ko iyi nama nshingamateka itera imbere, ibihugu ni vyemeze aya masezerano kugira ngo igire ububasha bwose".

Ariko ubu ikiraje ishinga abashingamateka ni ukumenya uwuzoba umukuru w'inama nshingamateka - akazi kamuha uturusho twinshi cane, harimwo guhabwa inzu y'uburaro yo ku rwego ruhanitse muri Afrika y'Epfo - vyose bikarihwa n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.

Abahiganira iki kibanza bazosubira guhangana mu kw'icumi, inyuma y'aho ikoraniro ry'ukwezi guheze rihagarikiwe kubera iyi mishamirano.

Umushingamateka wa Namibia, McHenry Venaani, yabwiye BBC ati: "Uturere two mu buseruko, mu burengero, no hagati, twarigaruriye iki kibanza c'umukuru w'inama nshingamateka mu biringo bitatu vyose".

N'aho ari inkehwa mu matora, abashingamateka bo mu karere ka Afrika y'ubumanuko bipfuza ko iki kibanza gihabwa umunya Zimbabwe, Chief Fortune Charumbira, asanzwe ayirongoye mu kiringo mfatakibanza, igishobora gutuma uturere tugenda tubisanya muri iki kibanza.

Thousands of Malians attend a mass rally at Independence Square in Bamako, Mali on August 21, 2020

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, The military in Mali is under pressure to give power to a civilian government

Mu gutinya ko umukandida wabo atsindwa muri uru rugamba rwamuhuza n'abandi bo muri Mali na Sudani y'Epfo, bamwe mu bashingamateka bo mu karere ka Afrika y'ubumanuko bateje akajagari, bishimikije ko ivyo bihugu bibiri birangwamwo umutekano muke.

Umupfasoni Rwodzi ati: "Mali ni igihugu kimaze kubamwo coups d'Etat zibiri kandi canahagaritswe mu nama nshingamateka y'akarere irimwo, mu nyuma ihagarikwa mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika".

"Uwundi mukandida ava muri Sudani y'Epfo. Birazwi neza ko inama nshingamateka y'ico gihugu idakora, umuntu yokwibaza iyo yaje ava - umuntu atigeze anarahira imbere y'inama nshingamateka y'igihugu ciwe".

Yongerako ati: "Umukandida wacu afise intumbero yo gusubiza iteka iyi nama nshingamateka ya Afrika".

Hagati aho, abamunegura baribaza nimba koko Zimbabwe, aho umugambwe ZANU-PF uri ku butegetsi kuva yikukira mu 1980, ari yo yofata ikibanza c'imbere mu guhagararira demokarasi n'ibikorwa vy'iyi nama nshingamateka.

Ariko umukuru w'igisata kijejwe kwegeranya amakuru yo hanze mw'ishirahamwe rya Afrika y'Epfo rijejwe kumenyesha amakuru, SABC, abona ko hari abashingamateka bakiri bato bipfuza impinduka mu nama nshingamateka ya Afrika.

Sophie Mokoena avuga ati: "Bashaka ko abategetsi bashira mu ngiro amasezerano ya Malabo kandi ko uwahoze arongoye iyo nama nshingamateka ashirwa mu butungane kuko hari ivyo yagirizwa bijanye no kurya ibiturire".