Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru ku wa kane itariki 03.06.2021: Mbappe, Lukaku, Wijnaldum, Trippier, Wood, Firpo
Real Madrid izogiriranira amasezerano n'umukinyi w'imbere w'Ubufaransa Kylian Mbappe w'imyaka 22 ubu akinira umugwi wa Paris St-Germain, hanyuma uwo mugwi na wo uzane umunye Portugal Christiano Ronaldo w'imyaka 36, mu gihe umunye Argentine na we Mauro Icardi w'imyaka 28 azova muri PSG aje muri Juventus. (La Gazzetta dello Sport,via Mail)
Jose Mourinho yaravuganye na Real Madrid mu ndwi iheze, imbere y'uko uwo mugwi ugena Carlo Ancelotti mu mabanga y'umumenyereza wayo, n'aho uwo yahoze amenyereza imigwi ya Real na Tottenham yari yemeye kuba umumenyereza w'umugwi wa Roma mu kwezi guheze. (Telegraph)
Icizere ca Chelsea co kugiriranira amasezerano na Romelu Lukaku caheze inyuma y'aho uwo mukinyi w'imyaka 28 w'umubiligi avugiye ko azoguma muri Inter Milan. (Football Italia)
Barcelone iracari mu biganiro n'umukinyi w'imbere wo mu Buholande Memphis Depay w'imyaka 27 kugira akinire uwo mugwi ata n'urumeya rutanzwe avuye mu mugwi wa Lyon, mu gihe mugenzi we Georginio Wijnaldum w'imyaka 30 vyamaze kumenyekana ko azokwimukira muri uwo mugwi ata gisabwe. (Fabrizio Romano,Twitter)
Manchester United yasubiye kurondera umukinyi w'inyuma mu ruhande rw'iburyo Kieran Trippier w'imyaka 30, akinira umugwi wa Atletico Madrid. (Manchester Evening News).
Aston Villa ni umwe mu migwi 12 yo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza yipfuza umukinyi w'imbere Chris Wood wa Burnley ikaba ishaka ama pawundi imiliyoni 30 kuri uwo mukinyi w'imyaka 29.
West Ham na New York City bamenyesheje ko barondera, ata mahera barinze gutanga, umukinyi w'imbere w'Ubufaransa Olivier Giroud w'imyaka 34 ariko aritegurira kuva mu mugwi wa Chelsea. (Calciomercato)
Umumenyereza wa Real Madrid Carlos Ancelotti avuga ko umukinyi wa Ecosse Gareth Bale w'imyaka 31 hamwe n'umukinyi w'umubiligi Eden Hazard w'imyaka 30, bashobora kuguma muri uwo mugwi. (Guardian)
Umukinyi wo hagati wa Borussia Monchenglabach, Florian Neuhaus w'imyaka 24, amaze imisi anuganugwa ko ashaka kuja muri Liverpool, arahakana inkuru zivuga ko yagiriraniye amasezerano na Bayern Munich. (Tageszeitung-in German)
Arsenal, Manchester United na Totteham bose barashaka umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'iburyo akinira umugwi wa Lille, umunya Turukiya Zeki Celik,24. (Standard).
West Ham na Southampton bariko barahiganirwa gutwara umunyegori wa Barcelona Junior Firpo,24. (Sport-via The Boot Room)
West Ham iteye kure mu biganiro vyo kugiriranira amasezerano na Alex Kral w'imyaka 23, akinira umugwi wa Spartak Moscow ku mapaundi iliyoni 20. (Football Insider)
Umukinyi w'imbere wa Argentine Sergio Aguero w'imyaka 33, yaranse icipfuzo ca Juventus co kuja muri uwo mugwi, ahubwo ahitamwo kuja muri Barcelone ata gisabwe avuye muri Manchester City. (Mundo Deportivo-in Spanish)
Seville yipfuza umukinyi w'umunya Chili Alexis Sanchez w'imyaka 32 akinira Inter Milan. (Sport-in Spanish)
Leeds United irashaka kugura umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'ibubamfu wa Espagne akinira umugwi wa Huesca, Javi Galan w'imyaka 26, agaciro kiwe kamaze kugabanuka gushika ku mapawundi imiliyoni 3.5. (Football Insider)
West Brom iriko iritegurira kurondera umumenyereza mushasha inyuma y'ibiganiro bagiriraniye n'uwahoze amenyereza Sheffield United Chris Wilder w'imyaka 53. (Football Insider)