Ibinuganugwa mw'igura n'igurishwa ry'abakinyi: Ronaldo, Bielsa, Mbappe, Konate, Kane, Zidane, Odegaard, Bissouma

Ahavuye isanamu, Reuters
Manchester United irakurikiranira hafi ivy'uwahoze ari umukinyi wayo w'imbere Cristiano Ronaldo mui Juventus, kuko ''abegereye'' uwo rutahizamu w'umunya-Portugal w'imyaka 36 bavuga ko ''ashobora kuva'' muri uwo mugwi w'i Turin. (Athletic, subscription required)
Leeds United yemeye ayandi masezerano y'uwundi mwaka umwe n'umumenyereza w'umunya-Argentine, Marcelo Bielsa w'imyaka 65, ivyo bikazomenyeshwa icese muri iyi ndwi. (Mirror)
Rutahizamu wo muri Paris St-Germain'sParis St-Germain, umufaransa Kylian Mbappe, w'imyaka 22 asigaje umwaka umwe muri uwo mugwi wo mu cicaro ca mbere, avuga ko hariko haraba ibiganiro kuri kazoza kiwe ariko yumva ashaka kuba ari ahantu ashobora gutsinda. (Canal+, via Metro)

Ahavuye isanamu, AFP
Icizere ca Liverpool co kugiranira amasezerano n'umukinyi wo hagati, umunya-Mali Yves Bissouma w'imyaka 24 wo muri Brighton congerejwe n'ingingo ya Arsenal yo kuronderera ahandi. (Mail)
Hagati aho , umugambi wa Liverpool wo kurondera umukinyi w'inyuma w'umufaransa wo muri RB Leipzig Ibrahima Konate w'imyaka 21 , watewe ibibazo n'icifuzo c'uwo mugwi wo muri Bundesliga co kubanza kurihwa miriyoni 34 z'ama pound yose hamwe - none aba Reds bashobora guca bahindukirira umunya-Turikiya Ozan Kabak w'imyaka 21, yari asanzwe ari Anfield nk'intizo avuye muri Shalkie kuva mu kwezi kwa kabiri. (Times)
PSG iri mu bashobora guha amasezerano umunya-Hollande akina hagati Georginio Wijnaldum agiye kuva muri Liverpool. Barcelona nayo yitezwe kwemeza ko yifuza uwo mukinyi w'imyaka 30.(Le10Sport -mu gifaransa)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Chelsea Thomas Tuchel ashaka umukinyi w'imbere w'umwongereza wo muri Tottenham , Harry Kane, w'imyaka 27, ariko aba Blues bafise impungenge ko umukeba wabo wo muri West London atazokwemera kwumvikana na bo. (Telegraph, subscription required)
Uwahoze ari umukinyi w'imbere muri Chelsea Tony Cascarino yabwiye Tottenham kurondera umukinyi w'imbere Ollie Watkins wo muri Aston Villa nk'uwoza gusubirira mugenzi we wo mu mugwi w'igihugu Harry Kane muri Sprurs. (Talksport)
Umukini w'indongozi w'umunya-Espagne Juan Mata umukinyi wa Machester United w'imyaka 33 ntazi nimba azoguma muri Manchester United niharangira amasezerano yiwe muri iri ci. (BT Sport, via Goal)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza Mikel Arteta avuga ko Arsenal igiye gutangura ibiganiro na Real Madrid ku masezerano mashasha ku mukinyi w'intizo wo hagati aturuka muri Norvege Martin Odegaard, w'imyaka 22, "mu minsi mike iri mbere". (Sun)". (Sun)
Umumenyereza wa Norwich City Daniel Farke avuga ko hazokenerwa ko ''biheba kurusha iyindi migwi'' kw'isoko ry'abakinyi nimba bashaka kuguma muri Premier League mu mwaka w'inkino wimirije. (Eastern Daily Press)
Arsenal iravugwa kuri Cengiz Under, w'imyaka 23, wo muri Roma amaze umwaka w'inkino ari intizo muri Leicester City. Imigwi ya AC Milan na Borussia Dortmund na yo irashaka uwo mukinyi wo ku mpande aturuka muri Turkia. (Tuttomercatoweb - via Mirror)
Barcelona irarondera umukinyi w'inyuma i bubamfu wo muri Atalanta akinira n'Ubudagi Robin Gosens, w'imyaka 26, avugwa kandi ko yoba aronderwa na Manchester City, Inter Milan, Juventus na AC Milan. (Sport - mu ki Espagnol)
Real Madrid ishaka kugurisha umukinyi wo hagati umunye Espagne Dani Ceballos, muri iri ci, ariko Arsenal ntishaka gufata mu buryo ntabanduka uwo mukinyi w'imyaka 24. (90min)
Bournemouth ishaka kugumana Cameron Carter-Vickers, w'imyaka 23, umukinyi akina inyuma aturuka muri USA, ku masezerano ntabanduka inyuma yo kuba intizo muri Tottenham, ariko bamugwanira na Newcastle United na Anderlecht. (SBI)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Naples Gennaro Gattuso niwe Juventus yabonye ko yohitamwo ubwa mbere ngo asubirire mugenziwe yatwaye igikombe c'isi, Andrea Pirlo , ubu kazoza kiwe katazwi neza. (Tuttosport -mu gitaliyano)
Umumenyereza wa Atalanta Gian Piero Gasperini, yatsinzwe na Juve muri Coppa Italia mu rukino rwa nyuma mu ndwi iheze, nawe ari mu bashobora kuronderwa ngo basubirire Pirlo. (Calciomercato)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Zinedine Zidane agiye kuzogiranira ibiganiro na Real Madrid mu minsi iri imbere kuvyerekeye kazoza kiwe. (ESPN)










