Israel-Gaza: Biden abwira Netanyahu ko ashaka 'inzira yo guhagarika intambara'

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru wa Reta Zunze Ubunwe za Amerika Joe Biden yabwiye umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ko yiteze ko haba ''uguhosha intambara bifadika" muri Gaza ku wa gatatu.
Prezida wa Amerika yabariye umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ko ashaka inzira y'uguhagarika intambara.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisanzwe ari incuti ikomeye ya Israel mbere zikaba zaranse ko hasohoka itangazo rya ONU kuri iyo ntambara.
Imbere y'aho Netanyahu yari yavuze ko bariko ''baritaho ivyo bashaka gushikako". Anavuga ati "ntitugendera kw'isaha".
Iyo ntambara igeze ku munsi wayo ugira 10, hakaba hakomeje kuraswa ibisasu vya roketi biva muri Gaza bitumbera muri Israel, n'ibitero vy'indege vya Israel kuri Gaza.
Ku wa gatatu, roketi zine zarasiwe ku butaka bwa Liban zitumberezwa muri Israel hanyuma igisirikare ca Israel naco cishura mu kurasa ibisasu vya muzinga ku ''bibanza bimwe bimwe ku butaka bwa Liban". Ntivyashotse bigaragara niba ibi bija gutuma ibintu biyangara.
Intambara ya Gaza yatanguye inyuma y'iminsi y'icuka kibi mu bice vyigaruriwe muri Jerusalem y'ubuseruko, kiza kuvamwo ugutana mu mitwe ku kibanza cerenda haba ku ba Islam haba no ku Bayahudi. Hamas, umuhari ugenzura Gaza, waciye utangura kurasa za roketi umaze kugabisha Israel kuva muri ico kibanza, uca utuma haba ibitero vy'indege vyo gusubiza.
Nibura abantu 219 barimwo abagore n'abana hafi 100 , baramaze gupfa muri Gaza gushika ubu, hisunzwe ibiharuro bitangwa n'ubushikiranganji bwayo bujejwe amagara.
Israel ivuga ko muri abo bamaze gupfa muri Gaza harimwo abagwanyi ba Hamas 150. Hamas ntiyigera itanga ibitigiri vy'abagwanyi bapfuye.
Muri Israel abantu 12, barimwo abana 2, baramaze gupfa, nk'uko bivugwa n'inzego zayo zo kwa muganga.
Israel ivuga ko roketi zishika 3.750 zimaze kuraswa zitumberezwa ku butaka bwayo n'abagwanyi bo muri Gaza.
Kurondera ihagarikwa ry'intanbara ntibitera imbere
Ku wa gatatu mu gitondo, Biden yavuganye ubugira kane na Netanyahu kuva intambara itangura.
Itangazo ryo mu biro vy'umukuru wa Amerika, Maison Blanche, rivuga ko : "Umukuru w'igihugu yashikirije umushikiranganji wa mbere ko yiteze ko haba uguhosha urugamba bigaragara uyu munsi mu nzira yo guhagarika intambara."
Amerika yari imaze gusaba ko haba agahengwe ariko iranka itangazo rya ONU ivuga ko ataco ryoza rifasha mu guhosha intambara.
Uwuserukira Palestina muri ONU, Riyad Mansour, yavuze ko kubona ONU inanirwa no gushikiriza aho ihagaze mw'ijwi rimwe ari "akamaramaza".
Integuro y'itangazo ryo gusaba ko intambara ihagarara yari yateguwe n'Ubufaransa, Misiri, na Jordania, vyanse ko irengana ku wa kabiri Amerika ivuze ko "yobangamira utwigoro two guhosha intanbara".
Isoko mu gisirikare ca Israel ryabwiye Reuters ko Israel iriko irihweza ko bishoboka ko haba agahengwe.
Ikinyamakuru co kuri internet Ynet canditse ko abanya-Israel bavugana n'abahuza b'abanya-Misiri.
Kivuga ko hari amasoko yo muri reta ya Israel yavuze ko Israel ishobora gushika ku vyo irondera hanyuma igahagarika intambara ''mu minsi".
Umwe mu ndongozi za Hamas yavuze ko ibikorwa vy'abahuza ''bikomeye kandi bibandanya'' ariko ko ibisabwa na Palestina bitegerezwa kwubahirizwa.
Netanyahu kuri uyu wa gatatu ntiyasa n'uwuteguriye agahengwe.
Yavuze ko hari "inzira zibiri zonyene zo guhangana" na Hamas.
"Ushobora kubigarurira, kandi ico cama kiri mu bishobora gukorwa, canke ukabaca intege, ubu rero ico turiko turakora n'ukubaca intege hakoreshejwe inguvu, ariko mvuga ko ata na kimwe dusiga inyuma."
Ibitero vyo kwica
Ingabo za Israel zivuga ko habaye ibitero bishasha vya roketi biva muri Gaza ku wa gatatu, hanyuma ko indege z'intambara zayo zagavye ibitero ku bibanza vya gisirikare harimwo inzira zo mu kuzimu, n'imihana y'abategetsi ba Hamas.
Umunyamakuru wa BBC muri Gaza Rushdi Abualouf avuga ko abagwanyi babiri b'abanya-Palestina biciwe muri Gaza City mu gihe ibitero vyinshi vy'indege vyatumbereye ako karere n'igisagara kiri mu bumanuko ca Khan Younis.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igisirikare ca Israel kivuga ko roketi 3.750 zimaze kuraswa zitumberezwa muri Israel kuva iyo ntambara itanguye, zikaba zimaze guhitana abantu 12.
Roketi 550 zaguye muri Gaza, mu gihe ubuhinga bwo kwivuna, Iron Dome missile defence system, bwategerereye mu kirere 90% y'izajabutse urubibe rwa Israel, nk'uko bibandanya bivugwa n'igisirikare ca Israel nyene.

Ahavuye isanamu, Reuters
Hagati aho ku wa gatatu, Turkia yiyamirije ivyo iregwa na Amerika ko prezida Recep Tayyip Erdogan yavuze amajambo agwanya Abayahudi kuri Israel.
Yari yagirije Israel "iterabwoba" ku banya-Palestina hanyuma ubu bwa vuba avuga ngo: "Niko bameze".
Umuvugizi w'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire Ned Price yavuze ko Amerika isanga ayo majambo akwiye "kwiyamirizwa".
Omer Celik, umuvugizi w'umugambwe wa Erdogan, yavuze ko umukuru w'igihugu amaze gutanga ubutumwa bukomeye bwiyamiriza kugwanya Abayahudi , yongerako ati : "Kwagiriza umukuru w'igihugu cacu kugwanya Abayahudi ntivyumvikana kandi n'inzira itari yo. Ico ni ikinyoma".










