Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya igiye guhererwa n'inkingo za Covid-19
Uwujejwe umugambi wo gukingira ikiza ca Covid-19 muri Kenya yabwiye BBC ko ububiko bw'inkingo Kenya yahawe buzoba bugaragara mu ntango z'indwi iza.
Dr Willis Akhwale yavuze ko Kenya yari yaronse inkingo zirenga umuriyoni mu nkingo imiriyoni 3,5 za AstraZenea ico gihugu cari casavye umugambi Covax (ujejwe kuronsa inkingo ibihugu).
Yagize ati "twateye incanco abanye Kenya bashika hafi 940.000, rero nta zindi nkingo dusigaranye."
Ibi bisigura yuko abanye Kenya bari munsi ya 2% ari bo baronse urukingo rwa mbere.
Abajejwe ivy'amagara bari bizigiye gutangura gutanga urukingo rwa kabiri kuva mu ndwi yambere y'ukwezi kwa gatandatu, ariko iyo gahunda isa n'iyitagikunze.
Guhagarika kurungika hanze inkino vyagizwe n'Ubuhinde mu gihe bugeramiwe n'ikiza ca Covid-19, kwabangamiye imigambi yo gukingira hirya no niho kw'isi, cane cane mu bihugu vyikora ku rukingo rwa AstraZeneca.
Dr Akhwale yavuze ko Kenya yari yatumije inkingo imiriyoni 30 za Johnson & Johnson bikaba vyitezwe ko zishika mu kwezi kwa munani.
Abahinga bagabisha yuko kubura inkingo zikwiye mu bihugu vyo muri Afrika bishobora kuzotuma coronavirus yihindukiranya, hakaza ikibazo gikomeye nk'icibonekeje mu Buhinde.
Dr Akhwale yavuze ko gusabikanya inkingo ku buryo bungana "bitegerezwa kuba".
Yongeyeko ati "'ntushobora gutekana gushika abandi bose batekanye' kigomba kuguma ari icivugo ngenderwako".