Kenya: Abasoromyi b'icayi bajanye urubanza muri sentare ya Scotland

Tea picker
    • Umwanditsi, Na David Cowan
    • Igikorwa, BBC Scotland
  • Yatangajwe

Abakozi indwi bo mu mirima muri Kenya bitwariye muri sentare yo muri Ecosse (Scotland ) imwe muri kompanyi zikomeye cane kw'isi zimbura icayi basaba indishi ku mvune batewe n'akazi.

Abo basoromyi b'icayi bavuga ko bagize imvune nyinshi kubera uburyo bakoramwo mu mirima ya James Finlay Kenya Ltd.

Iryo ni ishami rimwe ry'iyo kompanyi ikorera henshi kw'isi ifise amamuko muri Glasgow mu kinjana ca 18.

Iyo kompanyi ntiyemera urwo rubanza mu gushigikira ingingo zayo zijanye n'amagara n'umutekano mu kazi.

Finlays batanguye bacuruza ipampa muri Ecosse mu 1750 ubu bakaba bafise ibikorwa mu migabane itanu y'isi, Starbucks ikaba ari umwe mu bakiriya babo.

Kenyan lawyer
Insiguro y'isanamu, Umushingwamanza w'umunyaKenya Isaac Okero avuga ko bamwe mu bo yunganira bagize imvune mu ruti rw'umugongo

Iyo kompanyi ni nini cane ku buryo yimbura icayi gikwiye igikenerwa ku mwaka mu Bwongereza bwose.

Iyo kompanyi yimuye icicaro cayo gikuru ikivana Glasgow ikijana Londres haraheze imyaka 15 ariko n'ubu yanditswe ko ikorera Aberdeen, ivyo bigatuma imanza irimwo zijanwa muri sentare za Ecosse.

Abo bagabo n'abagore indwi bitwaye basaba indishi ingana n'ibihumbi 15 mu mafaranga y'abongereza £15.000, umwe umwe muri sentare ya Sheriff Personal Injury muri Edinburgh.

'Imvune z'igihe kirekire'

Uwubunganira muri Kenya, Isaac Okero, avuga ko bagize imvune zitandukanye harimwo no mu ruti rw'umugongo.

Yabwiye BBC Scotland ati: "Abo bakozi bo mu cayi bavuga ko baravye imyaka bamaze bakorera James Finlay Kenya Ltd, n'uburyo bakoreramwo, bagiye baragira imvune buhoro buhoro gushika aho zigira ingaruka ku buzima bwabo."

"Izo mvune zifatiye ku mubiri no mu mutwe."

Tea picker

Okero avuga ko bamwe bari bagikora igihe urwo rubanza rwatanguzwa muri ico gisagara kiri ku birometero birenga ibihumbi bitandatu uvuye muri Kenya, ariko ubu umwe wenyene ni we agikora.

Abandi barungitswe mu kiruhuko canke naho ntibaba bagishobora gukora.

Yibaza ko urwo rubanza ruzogira ingaruko irenze aho.

Yavuze ati: "Twizeye ko ruzotuma iyo kompanyi ihindura cane uburyo abakozi bakoreramwo, uru rubanza rero rukazotuma haba akarusho gafadika mu masezerano n'uburyo vy'akazi k'abasoroma icayi, hanyuma harangire ivy'uko hari abakozi b'abanyaKenya bagira invune zibakurikirana ubuzima bwose nk'uko aba bakozi indwi vyabashikiye."

David Short
Insiguro y'isanamu, Umushingwamanza mu vy'imvune z'akazi akorera Edinburgh, David Short, ni we ahagarariye abo bakozi

Umuhinga mu bijanye n'imvune z'akazi David Short wo mu kigo ca Balfour and Manson co muri Edinburgh ni we ahagarariye abo basoromyi b'icayi.

Yavuze ati: "Mu rubanza rwo muri sentare kimwe mu bintu vya mbere ubanza kuraba n'aho witura, ni iyihe sentare izotwemerera kwakira urubanza.

"Ngaha dufise kompanyi yanditswe muri Ecosse, gutyo rero ikibanza ciza c'urwo rubanza ni muri sentare yo muri Ecosse.

"Twitwaye mu rubanza ku bisanzwe rwobereye muri Kenya. Rwerekana uburyo abakozi babo bakoreramwo n'ubutunzi bwabo."

'Uburyo bwo gukoreramwo buteye ubwoba'

Imyaka ibiri urubanza rumaze gutangura mu 2017, umucamanza yategetse ko Finlays ireka abunganira mu mategeko abo basoromyi bagashika mu mirima yayo muri Kenya, ikabareka bakaraba uburyo abantu bakoreramwo.

Finlays yaciye ishingisha urubanza rwo kuvyanka mu masentare yo muri Kenya iranarutsinda ivuga ko ingingo yo muri Ecosse idashobora gushirwa mu ngiro kiretse ibanje kwemerwa na sentare yo muri Kenya.

Abasoromyi b'icayi barunguruje kuri iyo ngingo, uruzocibwa rukaba rwitezwe gusohoka mu kwezi kwa gatanu.

Short avuga ati: "Bitwaza ngo ntivyemewe mw'ibwirizwanshingiro.

"Naho vyoba biri uko, ni kuki batatureka ngo tuje kuraba? Ndakeka ko ari uko badashaka ko tubona uburyo buteye ubwoba abo bantu bakoreramwo."

Lawyer
Insiguro y'isanamu, Gwen Morgan-Evans, wo mw'ishirahamwe ry'abashingwamanza Hugh James, avuga ko bizigiye ko urwo rubanza ruzogira ico ruhinduye kinini ku bakozi bo mu cayi muri Kenya

Mu kwezi kwa kabiri, abo basoromyi b'icayi barerekanye uburyo abakozi bo mu yindi kompanyi yo muri Kenya bakoreramwo, abunganizi babo bo mu Bwongereza barabiraba.

Gwen Morgan-Evans, wo mw'ishirahamwe ry'abashingwamanza Hugh James, avuga ati: "Twaragiye muri Kenya turi kumwe na babiri mu bahinga bo mu Bwongereza kugira barabe ingene icayi gisoromwa kugira bagire inama sentare yo muri Ecosse y'ingene ubwo buryo bwo gukora buhungabanya amagara.

"Ico kibazo gishika kure. Hamwe urwo rubanza borutsinda, abarushingishije bizigiye ko vyozana akarusho ku bakora mu cayi muri Kenya."

Ikinyamateka ca vuba ca Finlays 1750 cashimikiye ku bikorwa vyayo muri Kenya.

Tea picker

Umukuru w'iyo kompanyi Guy Chambers yakibwiye ati: ''Turemera ko vyose bitera ngo de kandi ko hama hari ivyo gukora neza gusumba.

"Ariko abatunegura rimwe na rimwe barirengagiza urugero rw'utwigoro twagize mu gufasha ab'aho dukorera."

Mw'itangazo umuvugizi yagize ati: ''James Finlays [Kenya] Ltd yiyemeje kwiregura ku birego vyose vyashikirijwe haba muri sentare nkuru ya Nairobi canke iya All Sheriff Personal Injury."

Iyo kompanyi ivuga ko ibikorwa vyayo vyo kurima no guhingura icayi muri Kericho na Bomet birimwo abakozi ibihumbi 8 n'ubundi buzi bushamikiye ku cayi vyose ''bitanga inyungu ifadika muri ako karere".

Demo
Insiguro y'isanamu, Harabaye imyiyerekano yerekeye iyo kompanyi i Glasgow mu myaka ya 1980

Iryo tangazo rirabandanya riti: "Twama turondera gushika ku rugero rwo hejuru rwo kwitaho amagara, umutekano n'ineza y'abantu bose dukorana.

"Dufise ingingo twashizeho kuva kera zijanye n'amagara n'umutekano aho hose dufise ibikorwa kw'isi, harimwo no muri Kenya."

Mu myaka ya 1980, imyiyerekano yarabaye hanze y'ahariko harabera inama rusangi ya buri mwaka ya Finlays i Glasgow ku buryo bwo gukoramwo mu mirima yayo y'icayi mu Buhindi.

'Ibikorwa bibangamye'

Umwe mu bari mu myiyerekano mu 1984 yari Roger Jeffery, ubu akaba ari umwigisha muri Kaminuza ya Edinburgh mu gisata c'ivyigwa vya poritike.

Yavuze ati: "Uwurongoye iyo kompanyi ico gihe yavuze ko turi abantu bahiga isoko hose, tuja ahantu hose turondera kuronka inyungu ku banyamitahe bacu kandi avuga ata kivyerekana na kimwe ashize ahabona ko ari abakoresha beza kandi ko abantu baronkera akarusho mu bikorwa vyabo."

Agira ico avuze ko urwo rubanza rw'ubu, Prof Jeffrey yavuze ati: "Uvyihweje neza muri rusangi, wokwemera ko kurima icayi ari igikorwa kibangamye, kandi ntibashobora gutangura guha abakozi babo imishahara nk'iyitangwa i Buraya, ariko nemera ko bashobora gusumvya uko biri ubu."