Anthony Martial: Yatyojwe kuri Instagram kubera ibara ry'urukoba rwiwe

Anthony Martial

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Martial yakinye iminota 66 mu rukino rwaraye ruhuje Manchester United na West Brom rukarangira ari 1-1
Yatangajwe

Umusatirizi wa Manchester United Anthony Martial yatyojwe ku rubuga rwa Instagram mu butumwa bw'ivangura rishingiye ku rukoba yarungikiwe inyuma y'urukino rwahuje umurwi wiwe na West Brom ku wa Mungu rukarangira iyo mirwi yompi inganya 1-1.

Bugize kabiri mu ndwi zitatu gusa Martial atyojwe, inyuma ya bagenzi we Marcus Rashford na Axel Tuanzebe nabo nyene baherutse guhura n'iki kibazo c'ivangura rishingiye ku rukoba ku mbuga ngurukanabumenyi.

Mu ndwi iheze, Facebook, ari yo mwene Instagram, yatangaje ko itazohagarika umwe mu bakoresha uru rubuga yatyoje umukinyi wa Swansea Yan Dhanda kubera ari umwirabure.

Troy Townsend wo mw'ishirahamwe Kick It Out rirwanya ivangura ati: "Raba birasubiriye kandi".

"Ubu ni ibintu vyibonekeza cane".

"Ndiko ndibaza nimba iyi konte bazoyihagarika mu kiringo c'ukwezi kumwe gusa, tuze twumva gusa bwa bujambojambo ngo 'ntusubire gukora ivyo' dusanzwe tumenyereye".

Uyu musatirizi Martial w'imyaka 25 akomoka mu Bufaransa yakinye iminota 66 muri uru rukino rwarangiye Man U inganya na West Brom igitsindo kimwe kuri kimwe.

Aya majambo yo gutyoza Martial yaherekejwe n'ubundi butumwa bwinshi bwahamagarira urubuga rwa Instagram kugira ico rukoze kuri kino kibazo.

Manchester United ivuga ko igihagaze mu biri mw'itangazo yasohoye mu mpera z'ukwa mbere, aho yatangaza ko "ibabajwe cane" n'iri hohotera, ikanasaba imbuga hwaniro hamwe n'abajejwe kuzigenzura "gufata ingingo ruhasha kugira ngo bahagarike iyi ngeso".

Igiporisi camaze kumenyesha ibijanye n'ubu butumwa bw'ivangura.

Ku wa 7 z'uku kwa kabiri, umukinyi w'inyuma wa Chelsea Antonio Rudiger yavuze ko yatutswe "bikomeye" mu butumwa bw'ivangura rishingiye ku rukoba yarungikiwe ku mbuga hwaniro.

Umukinyi Dhanda wa Swansea avuga ko kubona imbuga hwaniro ata ngingo zifata kuri iri tyozwa rishingiye ku rukoba biha ingoga abantu "kubandanya bakora aka kabi".

Uyu mwongereza Dhanda w'imyaka 22 akomoka muri Aziya yaratyojwe kuri Instagram inyuma y'aho umurwi wiwe utsindiwe na Manchester City mu nkino z'igikombe ca FA.

Ico gihe, Facebook yatangaje ko yahagaritse uwabikoze gusubira kurungika ubutumwa kuri Instagram.

Iyi kompanyi ivuga ko abantu bakeneye kuronswa akaryo ko kwigira ku makosa bakora.

Umuvugizi wa Facebook ati: "Ntidushaka amacakubiri n'urwanko bishingiye ku rukoba ku mbuga zacu".

Facebook na Twitter zompi zivuga ko ziyemeje kurwanya ivangura rishingiye ku rukoba ku mbuga zazo.

Mu ndwi iheze, Facebook yatangaje ko konte zizobandanya zicishwako amajambo yo gutyoza kuri Instagram zitazohagarikwa mu mwanya kanaka, ko ahubwo zizohagarikwa burundu kubera kubandanya ico caha.

Mu ndwi nkeya ziheze, abakinyi ba Premier League batari bake - harimwo Romaine Sawyers wa West Brom, Reece James akina muri Chelsea inyuma hamwe na mushikiwe, umusatirizi Lauren James wa Manchester United - bararungikiwe ubutumwa bw'ivangura rishingiye ku rukoba bucishijwe ku mbuga hwaniro.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza Football Association (FA) risaba reta gufata ingingo, mu gihe iherutse gutangaza ko amakompanyi y'imbuga hwaniro ashobora gutozwa "amahadabu manini" ashobora guharurwa muri za "miriyoni z'amapawundi" mu gihe yoyanirwa no gutorera umuti iki kibazo c'ivangura rishingiye ku rukoba ku mbuga zayo.