Lil Uzi Vert: Umuririmvyi wo muri Amerika yihomye mu gahanga diyama ya miliyoni 24 $

Ahavuye isanamu, LIL UZI VERT/TWITTER
Umuririmvyi wo muri Amerika Lil Uzi Vert yavuzweko vyinshi ku mbuga ngurukanabumenyi inyuma yo gukoresha amadolari imiliyoni 24 mu kugura ubutare bupima kara 11 yahomye kuruhanga rwiwe.
Inkuru zitangwa na BBC igisata ca Pidgin, zivuga ko yaguze ubwo butare mu nzu y'ubudandarizo ya Elliot Eliante ku madolari imiliyoni 24.
Lil Uzi Vert yatumye haba amajambo menshi y'abakunzi biwe kw'isi yose igihe yerekana video y'ingene ubu asa, agaca anandika ku mbuga ngurukanabumenyi ya Instagram ngo " Ubwiza burababaza" (Beauty is Pain).
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya Instagram ubutumwa
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 1
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 2
None Lil Uzi Vert ni nde?
Izina nyaryo rya Lil Uzi Vert ni Symere Bysil Woods, umuririmvyi wo muri Amerika w'umudiho wa Rap, akaba n'umwanditsi w'indirimbo.
Yavutse itariki 31 mu kwezi kw'indwi mu 1994 mu buraruko bwa Philadelphia i Francisville muri Amerika.
Ikintu gituma uwo muririmvyi atandukana n'abandi, n'ibicapo afise ku mubiri (Tatoo), n'ingene yagiye aritobora mu maso, ingene agenda ahindura uko yisokoza n'inyambaro ya kera.
Lil Uzi yamenyekanye cane inyuma yo gushira ahabona ururirimbo rwiwe rwa Luv is Rage mu mwaka wa 2015.
Izindi ndirimbo zatumye aba rurangiranwa ni nk'ururirimbo rwiwe Money Longer yaririmvye mu 2016, You was Right, Gucci Mane, Bad na Bouje iza mu kibanza ca 100 kuri Billboard muri Amerika hamwe na Tour Life rwatumye ahabwa agashimwe ka MTV k'ururirimbo rwa mbere mu gihe c'ubushuhe.
Bivugwa ko uwo muririmvyi yoba afise ubutunzi bushika ku miliyoni 16 z'amadolari, ariko ko hagati y'umwaka wa 2017 na 2018 yoba yararonse imiliyoni 20 avuye mu ndirimbo aririmbira ku mbuga ngurukanabumenyi hamwe n'ibiteramo vyiwe.

Ahavuye isanamu, LIL UZI VERT/INSTAGRAM










