Prezida Museveni yahagaritse ikigega kigenzurwa n''abanyamahanga'

Yatangajwe

Prezida wa Uganda yategetse ko hahagarikwa imfashanyo y'amamiliyoni y'amadolari, avuga ko akoreshwa n'abanyamahanga kandi abangamira ubwigenge bwa Uganda.

Mw'ikete yanditse, prezida Museveni yategetse igipolisi kugira amatohoza ku kungene ubushikiranganji bw'ikigega ca reta bwemereye abatanga imfanyo bo hanze kugira ico yise "ubwigenge mu gufata ingingo" ku bikorwa bashiramwo amafaranga, reta itarinze kubazwa.

Ikigega ca 'Democratic Governance Facility' gishirwamwo amahera n'abatanga imfashanyo, harimwo n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.

Ihagarikwa y'iyo mfashanyo rishobora kugira ingaruka mbi mu gihe yahora ihabwa menshi mu mashirahamwe yo ku nzego zo hasi yishinze guteza imbere demokarasi n'agateka ka zina muntu.

Prezida Museveni aherutse gutsindira kurongora Uganda ikiringo kigira gatandatu mu kwezi guheze. Uwo bari bahanganye Bobi Wine yavuze ko amatora yibwe ariko Museveni we avuga ko ata matora yari bwagende neza nkayo.

Kuri uyu wa mbere, umugambwe utavuga rumwe na reta muri Uganda, NUP, witwaye uhakana ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye itariki 14 z'ukwezi kwa mbere mu 2021.

Muri ayo matora, prezida Museveni ni we yatahukanye intsinzi n'amajwi 58.38% mu gihe uwo bari bahanganye Robert Kyagulanyi yaronse amajwi 35.08%.

Abandi bari bitoje mu kibanza c'umukuru w'igihugu na bo nyene bariyamirije ku mugaragaro ivyayavuyemwo, harimo Patrick Amuriat w'umugambwe FDC, Gen Mugisha Muntu wo mu mugambwe ANT, Norbert Mao wa DP hamwe n'uwitoza ku giti ciwe Gen Henery Tumukunde.