Ibivugwa mu mupira w'amaguru i Buraya ku wa gatatu 03.02.2021: Messi, Neymar, Mbappe, Sancho, Alli, Hakimi

Yatangajwe

Umumenyereza wa Barcelone Ronald Koeman avuga ko "afise ukwizera ariko atazi neza" ko umukinyi w'imbere wa Argentine, Lionel Messi w'imyaka 33, azoguma muri uwo mugwi muri uyu mwaka. (Athletic - subscription required)

Amasezerano ya Messi ya miriyoni 492£ (£:pound) bari bafitaniye na Barcelone azorangirana n'uyu mwaka, hakaba harimwo agace kamurekurira kuva muri uwo mugwi ata nzitizi mu gihe intara ya Catalogne yoronka ubwigenge. (El Mundo, via Mail)

Umukinyi w'imbere wa Brezil, Neymar, w'imyaka 28, azoshira umukono ku masezerano mashasha y'imyaka ine n'umugwi uza mu kibanza ca mbere mu Bufaransa, Paris St - Geramain. (Goal)

PSG yarerekanye ko ifise umugambi wo gusubira guhuza Neymar n'uwo bahoze bakinana mu mugwi Barcelone, Messi, ku kibuga ca Parc des Princes. (Metro)

Ariko rero, uwo mukinyi w'imbere w'Ubufaransa, Kylian Mbappe w'imyaka 22, vyitezwe ko amasezerano bafitaniye na PSG arangira mu 2022, ntarafata ingingo kuri kazoza kiwe. (ESPN)

Manchester United ishobora kuba yipfuza umukinyi w'imbere wa Borussia Dortmund ava mu Bwongereza Jadon Sancho, w'imyaka 20, inyuma yo gushima umukinyi wo ku ruhande wa Cote d'Ivoire, Amad Diallo, kuva aje ava mu mugwi wa Atalanta. Umukinyi w'imbere wa Dortmund wo muri Norvege Erling Braut Haaland, w'imyaka 20, hamwe n'umunyezamu wa Sevilla wo mu Bufaransa Jules Kounde, w'imyaka 22, ni bo uwo mugwi wipfuza cane. (Express)

Icipfuzo ca Arsenal co kugura umunyezamu Junior Firpo wo muri Espagne w'imyaka 24, caramiriwe kure na Barcelone. (RAC1, via Metro)

Uwurongoye umugwi wa Tottenham Daniel Levy yankiye umugwi wa PSG gutwara umukinyi wo hagati wo mu Bwongereza Dele Alli, w'imyaka 24, kubera igikomere afise gituma atamera neza. (Telegraph)

Arsenal, Chelsea na Manchester City bose barashaka umukinyi w'inyuma i buryo wa Inter Milan, wo mu gihugu ca Maroc, Achraf Hakimi,w'imyaka 22, uyu mwaka. (Calciomercato - in Italian)

Umukinyi w'imbere akiri muto wo mu gihugu ca Ireland, Sinclair Armstrong w'imyaka 17, vyavuzwe ko ashobora kuja muri Manchester City, Celtic na Crystal Palace, vyitezwe ko ashira umukono ku masezerano mashasha n'umugwi wa Queens Park Rangers. (TalkSport)

Real Madrid iriteguye kugurisha umukinyi w'imbere wo muri Brezil Vinicius Junior, w'imyaka 20, uyu mwaka. (AS - in Spanish)

Umukinyi w'imbere wa Arsenal wo mu Bwongereza Folarin Balogun, w'imyaka 19, ashobora kuva muri uwo mugwi akaja gukina ahandi atagisabwe gushika mu mpera z'uyu mwaka. (Express)

Umumenyereza wa Leicester City Brendan Rodgers agiye kuguma acunze ko isoko ry'abakinyi risubira kwugururwa kandi. (Independent)

Uwahoze akinira umugwi wa Liverpool n'Ubwongereza Daniel Sturridge, w'imyaka 31, ariko araronderwa cane n'imigwi ya MLS ariko wewe ariko arondera gusubira mu Bwongereza. (Mail)

Ukinyi w'inyuma wa Marseille wo muri Croatia Duje Caleta - Car, w'imyaka 24, afise agahinda kenshi inyuma y'aho ikiringo co guhanahana abakinyi kirangiriye adashoboye kwimukira mu mugwi wa Liverpool. (Mail, via Mirror)

Umugwi wa Fulham wagurishije umukinyi wawo, Aboubakar Kamara, w'imyaka 25, kw'ideni na Dijon ku musi wa nyuma wo guhanahana abakinyi, inyuma y'aho uwo mufaransa yankiye kuja mu myimenyerezo. (Mail)