Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Marcus Rashford wa Man U yaraye atyojwe ku mbuga hwaniro kubera ibara y'urukoba rwiwe
Umusatirizi wa Manchester United Marcus Rashford avuga ko yaraye ahuye n'ikibazo c'ihohotera rishingiye ku rukoba mw'ijoro ry'ejo ku wa gatandatu.
Uyu mukinyi w'imyaka 22 aherutse kuronswa agashimwe ku gikorwa yakoze co kurwanya ubukene bw'imfungurwa mu bana, yaronse ubutumwa bwinshi bw'ivangura rishingiye ku rukoba bumutuka ku rubuga rwa Instagram ejo k uwa gatandatu.
Ubu butumwa yaburungikiwe inyuma y'urukino rwahuje umurwi wiwe na Arsenal rukarangira ari 0-0.
Aciye kuri Twitter yanditse ati: "Ndi umwirabure kandi imisi yose nama ndavyishimira".
"Nta n'umwe, canke amajambo ayo ari yo yose yovuga, ashobora kuntuma niyumva ukundi. Nimba washaka kwumva amajambo akomeye hano, wihangane, hano nta na kimwe unyumvako".
"Nta mashusho y'ubu butumwa (screenshots) ndakwereka. Gukora ibi kwoba ari ukwisuzuguza kandi nk'uko ubizi nta gishasha kirimwo".
"Mfise abana beza b'amabara atandukanye bankurikira kandi ibi ntavyo bakeneye gusoma. Amabara meza akeneye guhimbazwa".
Mu kiganiro c'umwihwezo w'urukino rw'umusi (Match of the Day), Ian Wright yahoze ari umusatirizi wa Arsenal n'Ubwongereza, yavuze ko abategetsi n'amakompanyi y'imbuga hwaniro bakwiye gukora ibishoboka kugira bamenye abakoze ivyo.
Avuga ati: "Umengo ni ibisanzwe ko mu gihe umwirabure akinye nabi - canke bakaba ariko bavyibaza - baca batangura kuvuga aya muhe. Hariho uburyo bwo gufata abantu. Ntibari maso bihagije, nta na gato".
"Ni ikintu bategerezwa gukorana [abategetsi n'imbuga hwaniro]. Ariko rero wibaza ko bavyitaho"?
Jermaine Jenas yahoze akina hagati mu mirwi ya Tottenham, Newcastle n'Ubwongereza, yongerako ati: "Izi mbuga, jewe nkeneye ko zinyereka aba bantu kandi zikatubwira ico ziriko zirakora kugira zirengutse aba bantu imbere y'ubutungane. Kuri abo babaza igituma tubandanya dupfukama, ngira barabibonye".
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza rishimangira ko ryiyemeje kurwanya ivangura iryo ari ryo ryose.
Itangazo ryasohoye rigira riti: "Twese mu mupira w'amaguru dufatanye mu nda mu kwiyamiriza ivangura iryo ari ryo ryose. Ibi ntawushobora kuvyihanganira aho ari ho hose mu gihugu cacu".
"Tuzobandanya dukorana n'abo bose babifisemwo uruhara, reta n'imbuga ntangamakuru kugira turwanye ivangura - eka n'ibindi vyose vyorikomokako - mu rukino rwacu".
Ejo ku wa gatandatu nyene, umugabo umwe yarahagaritswe inyuma y'ubutumwa bw'ivangura rishingiye ku rukoba yarungikiye umukinyi wo hagati wa West Bromwich Albion, Romaine Sawyers.
Ku wa gatanu naho, Chelsea yavuze ko "yababaye cane" inyuma y'aho umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i buryo Reece James, atyogerejwe ku mbuga hwaniro kubera ari umwirabure.
Ku wa gatatu, abandi bakinyi basanzwe bakinana na Rashford, ari bo Axel Tuanzebe na Anthony Martial baratyogejwe ku mbuga hwaniro nyene kubera ibara ry'urukoba rwabo, inyuma y'aho umurwi wabo Man U utsindiwe na Sheffield United.
Ku wa mbere w'iyi ndwi, reta y'Ubwongereza yaragiriraniye ibiganiro n'abahoze ari abakinyi, co kimwe n'abakiri abakinyi, ku kungene ivangura n'ihohotera rishingiye ku rukora vyotuzwa.