Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Révérien Ndikuriyo yatowe kuba umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD
Umukenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo niwe yemejwe n'abanywanyi ba CNDD-FDD nk'umunyamabanga mukuru mushasha w'uyo mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi.
Ni inyuma y'ikoraniro kaminuza ridasanzwe ryabereye ku mugwa mukuru wa poritike, Gitega, ku wa Mungu 24/01/2021.
Umukenguzamateka Ndikuriyo asubiriye Evariste Ndayishimiye yari ajejwe ayo mabanga kuva mu 2016 igihe haba isubirwamwo ry'inzego zirongoye uyo mugambwe.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umushingamateka Ndikuriyo yashimiye Perezida Evariste Ndayishimiye bagendanye, hamwe n'abanywanyi b'umugambwe wiwe bamwizeye.
Yiyemeje kutazobahemukira.
Umukenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo yavukiye muri komine Kayogoro y'intara ya Makamba.
Reveriyano Ndikuriyo yahoze ari mu banywanyi ba CNDD-FDD igihe wari ukiri umuhari warwanya ubutegetsi mu ntambara yadutse mu Burundi inyuma y'igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye mu 1993.
Uyo muhari umaze gutera igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara, umukenguzamateka Ndikuriyo yarasubijwe mu buzima busanzwe akaba yararanguye amabanga atandukanye mu gihugu.
Kuva mu 2004 yabaye buramatari w'intara ya Makamba asanzwe avukamwo, gushika mu 2007 aho abereye umushingamateka gushika mu 2010.
Mu 2010, yatowe kuba umukenguzamateka, amabanga yasubiye gutorerwa mu 2015 mu matora yabayemwo impari nyinshi, maze aca atorwa kuyirongora gushika mu 2020.
Muri kino gihe, asanzwe arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu burundi, FFB kuva mu 2013.