Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Spice Diana ati 'Nsaba Imana ko twosubirana Uganda yacu nziza'
Igisata c'umuziki muri Uganda kiriko kiratera imbere, kandi kirimwo abacuraranzi batari bake b'abagore bamaze gutera imbere.
Spice Diana afise indirimbo zitari nke amaze gusohora ubu akaba ariko aritegurira urukurikirane rwiwe rwa mbere.
Aherutse kandi no gushirwa ku rutonde rw'abahiganira agashimwe kitiriwe MTV Africa Music Awards (MAMA).
"Iri genwa ryantumye mbona ko nkwiye gukora ntagoheka kubera vyanyeretse ko umuziki wanje ushimwa ku mbuga mpuzamakungu hamwe no muri Afrika".
"Numva umengo bambwiye bati: 'Hey, Spicey. Usanzwe ukora ibikomeye, rero utegerezwa kwihata gusumba'."
Spice Diana avuga ko ibihe bigoye Uganda yari imazemwo iminsi vyagize ingaruka mbi ku banyamuziki, akipfuza ko ibintu vyosubira mu buryo kugira ngo ibikorwa vyabo bibandanya ukuri kwamye.
Spice Diana yabwiye ikiganiro This Is Africa (Iyi Ni Afrika) ko umurwi w'abana batamba wiyise Triplets Ghetto Kids ari wo watumye ashobora gushika aho ageze.
Yarabakunda cane, bimutuma abona ko akwiye kuza arabandikira indirimbo, ariko bobo bamubonyemwo ubushobozi:
Ati: "Muri jewe nibwira nti: 'Oya, kuririmba ntavyo nshoboye', ariko bobo muri bo bavuga bati 'Urashobora kuririmba!' Si niyemera, ariko abo bana baranteye intege nyinshi, ku buryo nabona ntobahemukira".
Umwaka uheze ntiworoheye abanyamuziki muri Uganda. Mu bitandukanye n'ibindi bihugu vyinshi byo muri Afrika, Uganda yarafashe amategeko yo kubabuza ibikorwa vyabo.
Igihe abanyamuziki ba Nijeriya, Omar Ley na Tems bakora igiteramo cabo, birengagije amategeko ya Covid-19, abanyamuziki benshi ba Uganda barashavuye cane.
Spice Diana ati: "Twarashavuye cane, ariko mu nyuma twamenye ko ari umunya Uganda yari yateguye ico giteramo, maze twifatanya n'aba banyanijeriya kubera twabonye ko igiporisi cakoze nabi kubahagarika mu gihe atari bo bari bagiteguye".
Spice Diana avuga kandi ko imigumuko yagiye yibonekeza mu gihugu igihe cariko citegurira amatora yagize ingaruka mbi ku banyamuziki ba Uganda.
Ati: "Abantu benshi baratakaje ubuzima bwabo, abandi baratakaza ubuzi bwabo, hanyuma igihe cose ivyo bibaye, abakunzi bacu baba biteze ko hagira ico tuvuze".
Ati: "Rimwe na rimwe, usanga ata vyinshi uzi muri poritike - ugaca usanga iyo ubuze ico ushikiriza, abantu baraguhevye mbere n'umuziki wawe bakawuheba".
"Rero nsaba ko twosubirana Uganda yacu nziza inyuma y'ibi vyose".