Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda 2021 elections : Museveni aracari imbere mu majwi yo mu matora aheruka
Ni umusi ugira kabiri ivyavuye mu matora yo ku wa kane biriko biraharurwa muri Uganda, aho Perezida Yoweri Museveni amaze imyaka 35 ku butegetsi yari amaze igihe ahanganye n'umunyamuziki yahindutse umunyapolitike Robert Kyagulanyi, azwi kw'izina rya Bobi Wine.
Umurwi ujejwe gutegura amatora uvuga ko ibice 86% vy'amajwi ari yo amaze guharurwa.
Perezida Museveni w'imyaka 76 ari imbere ku majwi 5.303.831, ni ukuvuga 58.83%, mu gihe uwo bahanganye Bobi Wine afise 3.119.965 (34.62%) nk'uko bitangazwa n'uumrwi ujejwe amatora muri Uganda.
Imbere y'aho, umukuru w'uyu murwi, Simon Byabakama, yatangaje ko amatora yabaye mu mahoro, yishimira ko ari intambwe ikomeye.
Ibi biharuro vyabandanije bishikirizwa uko bimeze mu gihe itumatumanako ryacitse.
Bobi Wine yaramaze gutangaza ko atemera ivyavuye muri aya matora, anavuga ko ari we yayatsinze.
Avuga ko aya matora ari yo "yaranzwemwo ubusuma burenze urugero mu mateka ya Uganda", ariko akaba ata kimenyetso na kimwe yatanze cerekana ivyo yavuze.
Gusa avuga ko abarorerezi biwe ku biro vy'amatora bitari bike bafashwe ku wa kane bagafungwa, kandi ko guca itumatumanako vyakozwe kugira ngo bayovye igikorwa co guharura ivyavuye mu matora.
Yavuze ko urugamba ubu rutanguye.
Umurwi ujejwe gutegura amatora uvuga ko mu gihugu cose ahibonekeje ingorane ari ku biro vy'amatora bibiri gusa.
Vyitezwe ko ibiharuro mfatakibanza vy'ivyavuye mu matora yok u wa 14 z'uku kwa mbere bitangazwa kuri uyu wa gatandatu.