Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US: Abandi bakenguzamateka batanguje urugamba rwo kwaka intsinzi Biden
Umurwi w'abakenguzamateka ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko batazokwemeza intsinzi ya Joe Biden kiretse hashinzwe umurwi uzokora amatohoza ku busuma buvugwa mu matora aheruka.
Aba bakenguzamateka 11 barongowe na Ted Cruz, basaba ko iki gikorwa co kwemeza intsinzi ya biden corindirizwa iminsi cumi kugira ngo hihwezwe ibi bivugwa vy'ubusuma ariko gushika ubu ata vyemezo bitangwa.
Vyitezwe ko ku wa 06 z'uku kwa mbere, hazoba ari k uwa gatatu, inama nshingamateka na nkenguzamateka zikorana kugira zemeze ivyavuye mu matora yo mu kwa cumi na rimwe kw'umwaka urangiye, abakenguzamateka batari bake bakaba biteguriye kwemeza intsinzi ya Biden.
Gushika ubu, Perezida Donald Trump ntaremera ko yatsinzwe, akaba abandanya avuga ko amatora yabayemwo ubusuma, ariko na we nyene akaba ata vyemezo atanga.
Utwigoro two kugerageza guhindura ivyavuye muri ayo matora twaraburijwemwo n'amasentare. Ariko yararonse intsinzi ntoya cane ku bijanye n'amajwi makeya yo mu buryo bwa posita muri reta ya Pennsylvania, imwe mu mareta Biden yaronsemwo intsinzi.
Icegera ciwe Mike Pence asa n'uwahevye kuvuga ibijanye n'ubusuma buvugwa na Perezida Trump, ariko nijoro ku wa gatandatu, umukuru w'ibiro vyiwe, Marc Short, yatangaje ko Pence "yakiranye igishika" iyi ngingo y'aba bakenguzamateka yo "kwanka kwemeza ivyavuye muri aya matora" ku wa 06 z'uku kwa mbere.
Intumwa z'itora zaremeje ko Biden yatsinze ku majwi 306 kuri 232 ya Trump, ariko ibi bigategerezwa kubanza kwemezwa n'inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoraniye hamwe.
Vyitezwe ko bahejeje kuvyemeza, icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence - mu bubasha bwiwe nk'umukuru w'inama nkenguzamateka - azoca atangaza ko Biden ari we yatsinze ayo matora yo ku wa 03 z'ukwa cumi na rimwe 2020.
Bitegekanijwe ko Joe Biden n'icegera ciwe, Kamala Harris, bazorahira ku wa 20 z'ukwa mbere 2021.
Mbega aba ba somambike ba Trump bashaka iki?
Mw'itangazo basohoye, aba bakenguzamateka barongowe n 'umukenguzamateka wo muri reta ya Texas, Ted Cruz, bavuga ko amatora aheruka "yabayemwo ibirego bitari bwigere bibaho vy'ubusuma, ihonyangwa ry'amategeko agenda amatora, hamwe n'utundi tunenge".
Bafatiye ku vyigeze kuba mu 1877 - igihe hashingwa umurwi uhuriyemwo imigambwe yompi kugira ngo bakore amatohoza inyuma y'uko buri ruhande rutangaje ko ari rwo rwatsinze mu mareta atatu - basaba inama nshingamateka na nkenguzamateka gushinga umurwi "wo gukora igenzura ryihutirwa ry'iminsi 10 ku vyavuye mu matora muri ayo mareta arimwo impari".
Bati: "Ivyo birangiye, reta imwe imwe izosuzuma ivyashitsweko n'uyo murwi hanyuma ishobore gutumako ikoraniro ridasanzwe ry'inama nshingamateka yayo kugira ngo bibaye ngombwa bemeze ko amajwi ahindurwa".
Hagati aho, bo nyene barabona ko bafise amahirwe make yo kugira ico bashitseko. Bati: "Si ukuvuga ko tutabona ibintu. Turazi neza ko aba Democrats hafi bose, nimba atari bose, mbere n'aba Repubulika batari bake batazodushigikira".
Iyi nzira iratandukanye n'iyafahswe n'umukenguzamateka wa Missouri Josh Hawley, na we nyene avuga ko atazokwemeza ivyemejwe n'intumwa z'itora, avuga ko habayemwo utunenge.
Hari kandi n'akarwi k'abashingamateka b'aba Repubulika bategekanya kwanka ivyavuye mu matora.