Italy: Agitu Gudeda yari ikimenyetso co kwisanzura nk'impunzi yishwe

Agitu Gudeta yatanguje ibikorwa vyiwe n'impene 15

Ahavuye isanamu, Ethiopian embassy in Rome

Insiguro y'isanamu, Agitu Gudeta yatanguye gukora iforomaji n'impene 15 inyuma yo guhungira mu Butaliano mu 2010
Yatangajwe

Impunzi ituruka muri Ethiopia yari yabaye nk'ikimenyetso co kwisanzura mu Butaliano, Agitu Gudeta, yiciwe kw'iraro ryiwe mu ntara y'amajaruguru ya Trentino, nk'uko bivugwa n'igipolisi.

Umukozi aturuka muri Ghana yafashwe ku mvo zijanye no gusambanya uwo mugore ku nguvu no kumwica kubera ''amafaranga'', nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru ryo mu Butaliano Ansa.

Nta buryo bwigenga buraboneka bwo guhinyuza iyi nkuru.

Yari yahunze umugwa mukuru wa Ethiopia ,Addis Ababa, mu 2010 inyuma yo kuja mu myiyerekano yo kwiyamiriza ''ukunyaga amatongo'' kwarakaje abategetsi.

Ubutaliano yabugize iwabo ahingura iforomaji y'impene n'ibikoresho vyo kwigira mwiza mw'iraro ryari ryarahebwe muri Trentino.

Mu kiganiro yahaye itororokanirizo ry'amakuru Reuters mu 2018, Agitu yavuze ko yari yatanguye urudandazwa rwiwe n'impene 15.

Yari ageze ku mpene 180 mu 2018 igihe yaba umuntu rurangiranwa.

Bivugwa ko yagize ati: "Narubatse izina ryanje ndamenyekana, nta cambereye intambanyi".