Uganda: Bobi Wine arasubira mu myiyamamazo inyuma y'urupfu rw'uwacungera ubuzima bwiwe

Yatangajwe

Robert Kyagulanyi azwi kw'izina rya Bobi Wine ahiganira intebe y'umukuru w'igihugu muri Uganda avuga ko uyu munsi asubira mu myiyamamazo yari yahagaritse mu kiringo c'imisi itatu inyuma y'aho uwacungera ubuzima bwiwe apfiriye agonzwe, abanyamakuru batatu nabo bagakomereka.

Ku wa Mungu uheze, Bobi Wine ahiganwa kw'izina ry'umugambwe wiwe NUP yarahagaritse imyiyamamazo yiwe mu karere ka Masaka, kari mu bumanuko bushira uburengero inyuma y'aho umumenyeshamakuru Ashirafu Kasirye akomerekerejwe n'abajejwe umutekano, imodoka yiwe nayo ikononekara bikomeye.

Mu gihe yariko asubira inyuma ku mugwa mukuru Kampala, uwumucungerera ubuzima nawe yaragonzwe n'imodoka Bobi Wine avuga ko ari iya gisirikare maze aca arapfa ubwo nyene, akaba yashinguwe bukeye.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru nijoro ku wa kabiri ku cicaro c'umugambwe wiwe NUP ku mugwa mukuru Kampala, Bobi Wine yamenyesheje ko uno munsi asubira mu myiyamamazo aho aza kuyitangurira mw'izinga rya Kalanga.

Bitegekanijwe ko avuyeyo aca aja Wakiso gushika i Kampala, uburere buri muri 13 umurwi ujejwe gutegura amatora wabujijemwo imyiyamamazo kubera iyongerekana ry'ibitigiri vy'abandura ca kiza ca Covid-19, ariko Bobi Wine akaba yaragararije iyo ngingo y'uyu murwi.

Bobi Wine ati: "Bakoresheje umurwi ujejwe gutegura amatora kugira ngo bahagarike imyiyamamazo yacu muri ubwo burere bwose, ariko rero ejo nariboneye Perezida Museveni ari i Mukono, ari ho nabaza abagize uyu murwi ingene bakora akazi kabo. Nico gituma jewe nzokora imyiyamamazo yanje n'aho bayihagaritse, nzoza nganire na mwe".

Mw'ijambo ryiwe ry'imyiyamamazo, Perezida Yoweri Museveni yarishuye abarongoye amadini ku bijanye n'ivyo basavye ko amatora yokwigizwa inyuma kubera coronavirus.

Ejo ku wa kabiri, Perezida Museveni yategerezwa gukorera imyiyamamazo yiwe mu burere bwa Kampala na Wakiso ariko kubera umurwi ujejwe gutegura amatora wafashe ingingo yo kubuza ivyo bikorwa muri ubwo burere, yaciye aja kwugurura ibarabara rya Mukono hamwe n'ihinguriro rya gaze muri ako karere ka Mukono, ahejeje akaba yashikirije ijambo abanywanyi biwe ku mboneshakure no kw'iradiyo.

Muri iryo jambo ryiwe, yavuze ko amatora ategekanijwe ku wa 14 z'ukwa mbere adashobora kwigizwa inyuma nk'uko bisabwa n'abarongoye amashengero y'abakristu muri ico gihugu.

Ati: "Ntibikenewe. Turashobora gutegura amatora n'aho hari coronavirus. Umuntu aragenda agatora, ahejeje agaca ataha. Mbega amafaranga amaze gukoreshwa gushika ubu wosubira kuyaronka he? Amafaranga amaze gukoreshwa n'umurwi ujejwe amatora ashobora kwubaka amabarabara ashika atanu, woyakura he?"

Abandi bariko bariyamamaza bobo barabandanya n'imyiyamamazo yabo. Akarorero ni nka Jenerali Mugisha Muntu ejo yari mu karere ka Mitiyana mu bumanuko bushira uburengero bw'umugwa mukuru Kampala, aho yasavye abanywanyi biwe kwitabira ayo matora ku bwinshi kugira baruhurire Perezida Museveni.

Mugisaha Muntu yabwiye abari bitavye imyiyamamazo yiwe ati: "Mu bihugu bibanyi vya Kenya na Tanzania, turabona ingene abakuru b'ibihugu bahanahana ubutegetsi mu mahoro, twarabonye Perezida Moi ashikiriza ubutegetsi Perezida Kibaki, na Kibaki nawe agahereza Uhuru".

"Muri Tanzania tumaze kuvyibonera incuro zine zose, rero ni ngombwa ko iyi ndwara tuyivura. Tubasavye ko ku wa 14 z'ukwa mbere 2021, muruhurire Jenerali Museveni mu kuduhunda amajwi kugira ngo agende mu karuhuko".

Patrick Amuriat Oboi wo mu mugambwe FDC, inyuma yo guterwa amazi y'ipiripiri ku wa mbere n'abajejwe umutekano, bikaba vyabaye ngombwa ko anyarukanwa kwa muganga kugira avurwe, ejo ku wa kabiri yarasubiye mu myiyamamazo, aho yari mu karere ka Bukedea k'intara ya Teso.