Pierre Buyoya yahoze arongoye Uburundi yashinguwe uyu musi i Bamako muri Mali

Yatangajwe

Pierre Buyoya yarongoye Uburundi incuro zibiri akaba aheruka gushengera ku myaka 71 uyu munsi yashinguwe ku mugwa mukuru wa Mali, Bamako, nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru vyo muri iki gihugu.

Imisa yo kumusezera muri Grande Cathedrale de Bamako, yitabiriwe n'abo mu muryango wiwe, intumwa zaserukiye leta ya Mali, n'izaserukiye Ubumwe bw'Afrika eka n'abahagarariye ibihugu vyabo muri Mali.

Nta baserukiye reta y'Uburundi barungitswe mu birori vyo kumushingura nk'uko ibinyamakuru byo muri Mali bibivuga. Reta y'i Gitega ntiraba ryiza uyu muhisi.

Hanyuma yashinguwe mw'itongo ry'abapfuye rya Ekleziya Gatolika i Bamako.

Buyoya yatwaye Uburundi mu 1987 - 1993 na 1996 - 2003 hose afashe ubutegetsi ku nguvu, intwaro yiwe ikaba itavugwako rumwe.

Mu 1993 yatsinzwe mu matora n'umuhisi Perezida Melchior Ndadaye, yemeye aho intahe ishize atanga ubutegetsi mu mahoro.

Mu kwezi kwa 10 uyu mwaka yakatiwe umunyororo wo guherayo na sentare mu Burundi, yagirizwa uruhara mw'igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye mu 1993.

We yahakana ivyo yagirijwe akavuga ko urwo ari urubanza rufise imvo za politike. Mu kwezi guheze yavuze ko 'yatanze imihoho kugira aronke umwanya wo kweza izina ryiwe'.

Haciye indwi zirenga gatoya zibiri Buyoya yarashengeye giturumbuka, umuntu umwe wo muryango wiwe yabwiye BBC ko yahitanywe na Covid-19 kandi ko yaguye i Paris mu Bufaransa.

Hari ababona Buyoya nk'uwahisemwo inzira y'amahoro ku Burundi, akemera amasezerano ya Arusha akarekura ubutegetsi ku neza mu 2003.

Hanyuma y'ibi akagirwa intumwa idasanzwe y'Ubumwe bwa Afrika mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Sahel.

Uyu munsi, i Bujumbura naho nyene habaye imisa yo kumusezera.