Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Pierre Buyoya yahoze arongoye u Burundi yashengeye ku myaka 71
Pierre Buyoya yabaye Prezida w'Uburundi mu biringo bitandukanye gushika ku myaka 13, yashengeye afise imyaka 71.
Umuntu umwe wo muryango wiwe yabwiye BBC ko yahitanywe na Covid-19 kandi ko yaguye i Paris mu Bufaransa.
Umudipolomate umwe w'igihugu ca Buraya na we yemeje inkuru y'urupfu rwa Pierre Buyoya.
Mu kwezi kw'icumi k'uyu mwaka, ubucamanza bw'Uburundi bwamuciriye igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose ahamwe n'ivyaha bine bifatiye kw'igandagurwa ry'umuhisi Prezida Melchior Ndadaye.
We co kimwe n'abandi 18 bagirizwa kugira uruhara mw'igandagurwa ry'umukuru w'igihugu wa mbere yatowe n'abanyagihugu mu nzira ya demokarasi, Prezida Melchior Ndadaye.
Mu kwezi kwa 11, Buyoya yatangaje ku mugaragaro ko atanze imihoho mu mabanga yiwe aho yahora aserukira ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika muri Mali no mu karere ka Sahel.
Mu kiganiro ico gihe yagiranye n'abanyamakuru i Bamako muri Mali, Buyoya yavuze ko ari ingingo yafashe we nyene ubwiwe kugira ngo ahangane n'uru rubanza.