HRW isaba UN kubandanya ishinze ijisho ku Burundi ku gateka ka zina muntu

Ahavuye isanamu, AFP
Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch (HRW), ritera akamo akanama ka ONU kajejwe umutekano kubandanya gushinga ijisho ku kungene agateka ka zina muntu kabandanya guhonyangwa mu Burundi.
Iryo shirahamwe rivuga riti: "Ibikorwa bibi bijanye n'umutekano hamwe n'inkuru zerekeye ubwicanyi, kunyuruza no guhagarikwa bidakurikije amategeko birabandanya mu Burundi, n'aho hari habonetse icizere c'impinduka inyuma y'amatora ya prezida mu kwezi kwa gatanu mu 2020."
Mw'itangazo ryo kw'itariki zine z'ukwezi kwa 12, ryashikirijwe n'igihugu ca Afrika y'epfo kirongoye akanama ka ONU kajejwe umutekano muri kino gihe, hafashwe ingingo yo guhagarika ivyegeranyo vy'urutavanako ku Burundi.
Ariko bakabandanya kuganira ku kungene ibintu vyifashe muri ico gihugu mu manama agenewe Afrika y'ibiyaga binini n'iyo hagati.
Avuga kuri iyo ngingo, Louis Charbonneau ashinzwe imigenderanire ya HRW na ONU agira ati:
"Inama zerekeye Uburundi mu kanama ka ONU kajejwe umutekano zisigaye zitumvikanwako na bose kandi ntizibere ku gihe, mu gihe ico gihugu n'abagishigikiye bagerageza kuburizamwo igenzurwa ry'uko ibintu vyifashe.
"Mu bisanzwe, ako kanama kazoguma kagenzura nk'uko kahora uko ibintu vyifashe mu Burundi, ariko abarundi benshi, iyo ngingo n'ubutumwa buteye amakenga mu gihe kitoroshe Uburundi burimwo."
Gushika ubu reta y'Uburundi nta co iravuga kuri iryo tangazo, ariko yamye ivuga ko ivyo HRW ivuga ata shingiro bifise kandi bifise intumbero ya politike.
Reta y'Uburundi yakiranye umunezero udasanzwe iryo jambo ryashikirijwe n'umukuru w'Inama ya ONU ijejwe umutekano, ku bijanye no gusaba ko Uburundi bwokurwa kuri urwo rutonde.
Umukuru w'igihugu Évariste Ndayishimiye yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter ati: "Ndashimiye Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano kubona yakirije yompi akamo nayiteye mu nama ya bose."
Kubw'iwe, gukura Uburundi ku rutonde rwigwako na ONU bifasha iki gihugu, incuti zaco n'abagenzi kwitaho iterambere n'imibereho myiza y'abenegihugu.
Ingingo ya ONU ya 2303, yemejwe mu kwezi kw'indwi mu 2016 bivuye ku mutekano wariko urahungabana n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu, yategeka umunyamabanga mukuru wa ONU kuza aragira icegeranyo cerekeye uko ibintu vyifashe mu Burundi buri mezi atatu.










