'Nairobi yahindutse icicaro c’ahava ibitero bitumbereye Somalia' - Osman Abukar Dubbe

Kenya ni kimwe mu bihugu vyarungitse abasirikare mu ngabo z'Ubumwe bwa Afrika (Amisom) muri Somalia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kenya ni kimwe mu bihugu vyarungitse abasirikare mu ngabo z'Ubumwe bwa Afrika (Amisom) muri Somalia
Yatangajwe

Umushikiranganji wa Somalia ajejwe kumenyesha amakuru Osman Abukar Dubbe yagirije igihugu ca Kenya ko gitegura guhungabanya Somalia mu gihe citegurira amatora y'abashingamateka n'aya prezida, nk'uko vyatangajwe n'imboneshakure ya reta ya Somalia, Somali National TV.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru caciye ku rubuga rwa Facebook rw'iyo mboneshakure ikibiriraho yagize ati:

"Turubaha Kenya, turashima ubucuti dufitaniye nk'ababanyi n'inyungu duhuriyeko twese. Ku ruhande rwacu, ntituzobidohokako. Ariko, bisa n'uko Kenya ata co biyibwiye, ahubwo ibandanya kurota ku murango mu gushaka kwigarurira ubutaka n'amazi vya Somalia."

Uwo mushikiranganji yagirije igihugu ca Kenya kwivanga muri politike y'ico gihugu no guha indaro i Nairobi (umugwa mukuru wa Kenya) abatavuga rumwe na reta ya Somalia.

Abanye politike bo mu ntara ya Jubbaland yo mu bumanuko bwa Somalia bari mu baherutse kugirira inama i Nairobi kubijanye n'amatora yo muri ico gihugu ategekanijwe mu mwaka wa 2020/2021.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru yavuze ati: "Somalia ntirigera na rimwe iha indaro abanye politike batavuga rumwe na Kenya, bashaka guteza ibibazo ababanyi bacu.

"Ariko Nairobi hahindutse icicaro c'ahava ibitero bitumbera igihugu ca Somalia. Habaye icicaro c'ihonyangwa ry'amasezerano yumvikanyweko hagati mu gihugu ca Somalia.

"Nairobi yabaye ikibanza gitegurirwamwo imigambi yo guteza imishamirano ya politike mu ntumbero yo guteza ibibazo ubutegetsi bw'igihugu cacu".

Dubbe kandi yavuze ko Al-Shabaab yafashe uturere mu bumanuko bwa Somalia inyuma y'aho abasirikare ba Kenya bari mu ngabo z'Ubumwe bwa Afrika (Amisom) muri ico gihugu, baviriye mu bisagara bikomakomeye vyo muri ako karere.

Uwo mushikiranganji yabwiye abamenyeshamakuru i Mogadishu ati: "Inyuma y'aho ingabo za Kenya ziviriye muri ivyo bisagara ata we zibimenyesheje, vyaciye vyigarurirwa na Al-Shabaab. Nimwiyumvire ibibazo abanye Somalia babayo bagize. Ivyo ni ibintu dukwiye kwirengagiza? Genda mubaze ababa i Fahfadhun ivyabashikiye."

Ku musi wa mbere itariki 30 z'ukwezi kwa cumi na rimwe, reta ya Somalia yarahamagaye uwuserukira ico gihugu i Nairobi, ica isaba uwuserukira Kenya Mogadishu "kugenda kubonana n'abamutwara."

Ubushikiranganji bwa Kenya bujejwe imigenderanire bwahakanye ivyo bivugwa ko bwivanga mu bibazo vya Somalia hamwe na politike y'ico gihugu.

Imigenderanire hagati ya Kenya na Somalia yaratosekaye muri iyi myaka ya vuba bivuye ku matati y'akarere kagizwe n'amazi ka metero kwadrato 150.000 mw'ibahari Indiyano kagwiriyemwo igitoro na gaze.