Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ethiopia: Hagati ya reta na TPLF, ni nde agenzura Mekelle?
Abarwanyi ba leta ya Tigray begukira umugambwe Tigrayan People's Liberation Front (TPLF) muri Ethiopia bavuga ko bisubije igisagara gikomeye, bakanakorora n'indege y'ingwano ya reta.
Bavuga kandi ko banafashe n'umudereva w'iyo ndege, nk'uko babitangaje ku mboneshakure y'iyi ntara, Tigray TV.
Hari haciye iminsi ibiri umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu, Abiy Ahmed, atangaje ko ingabo za Ethiopia zigaruriye umugwa mukuru wa Tigray, Mekelle, anatangaza ko intambara muri ako karere ihagaze.
Reta irahakana ibi bitangazwa n'aba bagwanyi, ikavuga ko ari ikinyoma ceruye.
Abajijwe nimba amakuru atangazwa n'umugambwe TPLF ko abagwanyi bawo bisubije igisagara ca Aksum, kiri mu bisagara bikomeye muri ako karere, Zadig Abraha, umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe intwaro rusangi yavuze ati: "Iki ni ikinyoma cambaye ubusa".
Yabwiye BBC ko abarongoye umugambwe TPLF bariko barahunga kugira ngo bakize igufa, bakagenda bagwana intambara ya kinyeshamba.
Ariko, umukuru w'umugambwe TPLF, Debretsion Gebremichael, avuga ko ivyo kurangira kw' iyi ntambara umushikiranganji Abiy avuga ko yaheze, biri kure nk'ukwezi.
Avuga ko ingabo ziwe zihanganye n'ingabo za leta mu micungararo y'umugwa mukuru Mekelle.
Ashikiriza ijambo imbere y'inama nshingamateka ya Ethiopia ku wa mbere w'indwi iheze i Addis Abeba, Abiy yaragirije TPLF ko iherutse kugandagura abantu 113.
Yaragirije kandi uyu mugambwe ko ukokeza indyane zishingiye ku madini kuva ashitse ku butegetsi mu 2018, mu ntumbero yo gucafuza reta yiwe.
Yavuze kandi ko ibice 99% vy'ibitero vy'indege vyagenze neza kandi ko atabasivire bahasize ubuzima.
Kubera itumatumanako mu karere ka Tigray ryahagaritswe, biragoye kwemeza aya makuru atangwa n'impande zompi.
Bivugwa ko abantu baharurwa mu bihumbi boba bamaze kugwa muri iyo ntambara, na yo abagera ku 43.000 bakaba bamaze guhungira muri Sudani.
Hagati aho, ishirahamwe ritabara imbabare kw'isi, Croix Rouge, riragabisha ko ibitaro bikuru vya Mekelle biriko bija habi kubera imiti iriko irakena.