Ethiopia itangaza ko igomba ikore igitero 'rurangiza' ku mugwa mukuru wa Tigray, Mekelle

Yatangajwe

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed avuga ko agomba agomore ingabo mu gitero "rurangiza", ku mugwa mukuru w'intara (Leta) ya Tigray, Mekelle.

Avuga ko igisirikare kizogerageza kutagirira nabi abasivire anasaba abanyagihugu bo muri ico gisagara kuguma mu ngo zabo,

Atangaje ibi inyuma y'uko ikiringo yari yahaye abarwanyi ba Tigray ngo babe bamanitse amaboko kirangiriye ejo ku wa gatatu.

Umugambwe TPLF usanzwe urongoye Mekelle urarahira ukarengwa ko utegerezwa kubandanya intambara.

Abantu baharurwa mu majana nibo bavugwa ko boba bamaze kuhasiga ubuzima, nayo abandi baharurwa mu bihumbi bakaba barateshejwe izabo mu gihe ingabo za Ethiopia zimaze kwigarurira ibisagara bitari bike vya Tigray vyari mu minwe ya TPLF.

Biragoye kwemeza amakuru ku bijanye n'iyi ntambara kubera amaterefone n'itumatumanako muri Tigray vyugawe.

Intumwa zitatu z'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika zashitse ku mugwa mukuru wa Ethiopia Addis Abeba kugira ngo zigerageze kwumvikanisha impande zompi, ariko Ethiopia ntiyerekwa ivy'ibiganiro, ikavuga ko iyi ntambara ari ikibazo ca Ethiopia bwite, kandi ko leta yiwe yiyemeje kugarukana ubutegetsi muri Tigray.

Izi ntumwa zitatu ntizizokwemererwa gushika muri Tigray.

Umushikiranganji wa mbere Abiy avuga iki?

Yategetse igisirikare ca Ethiopia gukora igitero kuri Mekelle - igisagara gituwemwo n'abantu 500,000 - mu "gice ca nyuma" c'urugamba rw'igisirikare ca Ethiopia kuri TPLF.

Bwana Abiy avuga ko bizokorwa mu "bwitonzi bwinshi" kugira ngo bakingire abasivire kandi ko "bazokwigora uko bashoboye kwose" kugira ngo ntihagire vyinshi vyononekara i Mekelle.

Asaba abanyagihugu ba Mekelle n'ababa mu micungararo yaho gusubiza ibirwanisho, bakaguma mu ngo zabo, kandi bakigira kure y'ibirindiro vya gisirikare.

Avuga ko ibigo ndangakahise n'ivyegukira amadini, hamwe n'uburere butuwemwo n'abanyagihugu bitazoterwa.

TPLF yishura iki ?

Umukuru w'uyu mugambwe ukomeye muri ako karere, Debretsion Gebremichael, avuga ko ingabo za Tigray "ziteguye gupfira ibanga mu gukingira" uburenganzira bwabo bwo kurongora ako karere.

Abarwanyi ba TPLF basanzwe bakomoka mu murwi witwara gisirikare n'iyindi mirwi y'abarwanyi bo muri ako karere bigishijwe cane ivya gisirikare, boba baharurwa mu b250.000. Abihweza ibintu n'ibindi bafise ubwoba ko iyi ntambara ishobora gukwira hose.

Amashirahamwe y'abagiraneza afise ubwoba ko iyi ntambara ishobora guteza ibibazo vy'ubutabazi no guhungabanya akarere k'ihembe rya Afrika.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritewe impungenge z'uko hashobora kwaduka intambara ikomeye mu gihe ingabo za Ethiopia zotera Mekelle, rikanagabisha ko hashobora kuba n'ivyaha vyo mu ntambara.

Umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu uragiriza umuhari w'urwaruka wa Tigray ko ari wo wakoze ubwicanyi mu ntango z'uku kwezi aho abasivire barenga 600 bishwe.

Uyu murwi uvuga ko uyu muhari ufadikanije n'abarwanyi b'ako karere, wishe abantu baba mu gisagara ca Mai-Kadra ariko batavuga ko ntara ya Tigray mu kubacumita, kubakubita ibibando no kubaturira gushika aho bapfa.

Ariko TPLF yoyo irahakana ko ata ruhara ibifisemwo, isagaba ko haba amatohoza mpuzamakungu yigenga.