Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zanzibar - Tanzania: umukuru wa ACT-Wazalendo yasubiye gufatwa hama ararekurwa
Umukuru w'umugambwe ACT Wazalendo Maalim Seif muri Tanzania yariko yitoza kurongora izinga rya Zanzibar, n'abandi bategetsi basangiye kurongora uwo mugambwe bafashwe n'igipolisi barapfungwa muri iryo zinga.
Maalim Seif hanyuma yaje kurekurwa arishe ingwati nk'uko abo mu mugambwe wiwe babivuga.
Uwariko yitoza ku giti c'umukuru w'igihugu kw'izina ry'umugambwe CHADEMA muri Tanzania Zitto Kabwe aremeza aya makuru y'ifatwa rya Maalim Seif n'abandi bafatanije kurongora uyu mugambwe harimwo icegera c'umukuru wawo Juma Duni Haji hamwe n'umwe mu bagize inama nkuru y'uyu mugambwe.
Maalim Seif yafashwe haciye akanya gato ahejeje gutangaza ko agiye kurongora imyiyerekano y'amahoro kugira ngo bahagararire uburenganzira bwabo bahabwa na demokarasi.
Ku wa kabiri w'iyi ndwi nyene, Maalim Seif yari yafatiwe ku kibanza c'amatora kiri ku ruzi Garagara ajanwa ku cicaro gikuru c'igipolisi ca Zanzibar akaba yagiye kurekurwa haciye amasaha atari make, ingendo yiyamirijwe bikomeye n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi.
Sibwo bwa mbere muri iri zinga rya Zanzibar haba amatora atera impari zikomeye. Mu matora yo mu 2005, harabaye imigumuko.
Amatora aheruka yo mu mwaka wa 2015 yarafuswe n'umukuru w'umurwi wari ujejwe gutegura no guhagararira amatora avuga ko yaranzwe n'inenge zikomeye.
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bariyamirije isubiramwo ry'ayo matora ntibayitaba maze uwitoza ku giti c'umugambwe CCM aca atangazwa ko ari we yatsinze.
Abantu 17 nibo bariko bahiganira ikibanza co kurongora iryo zinga rya Zanzibar.
Ariko abari bahanganye cane ni abakandida, umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi Maalim Seif Sharrif Hamad yitoje ku ncuro igira gatandatu hamwe na Hussein Mwinyi, umuhungu w'uwigeze kuba umukuru w'iri zinga n'umukuru w'igihugu ca Tanzania.
Ku mugobora w'uyu wa kane, umurwi ujejwe gutegura no guhagarikira amatora watangaje ko uwuhiganwa kw'izina ry'umugambwe CCM usanzwe uri ku butegetsi, Hussein Mwinyi, ari we yatahukanye intsinzi muri iryo zinga.
Ali Mohammed Shein arangije ibiringo vyiwe bibiri akaba arindiriye kubisira uwuzotsinda muri aya matora muri iri zinga ryegukira Tanzania.
Muri Tanzania ho, abatavuga rumwe n'ubutegetsi bataka amakungu
Ku rundi ruhande, mu gihe ivyavuye mu matora yaraye abaye muri Tanzania yose bitaratangazwa, abatavuga rumwe n'ubutegetsi basaba amakungu ko yofata ibintu mu minwe.
Uwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ku giti c'umugambwe CHADEMA, Tundu Lissu, asaba umuryango w'ibihugu vy'ubuseruko bwa Afrika, EAC, hamwe n'umuryango w'ibihugu vy'ubumanuko bwa Afrika, SADC, kutemera ivyavuye muri ano matora.
Mu kiganiro n'abanyamakuru kuri uyu wa kane, Tundu Lissu yavuze ati: "EAC na SADC ntibahave basohora amatangazo yo kwemera ubu busuma. Bavuge ukuri. Abatanzania ni barwanire uburenganzira bwabo mu mahoro nk'uko biri muri demokarasi".
Bwana Lissu yavuze ko ibice 30% bakuwe ku ntonde zitandukanye muri ano matora mu gihugu cose.
Avuga ko umugambwe wiwe watanze abitoza mu bushingamateka 244 ariko y'uko 63 muri bo bakuwe ku ntonde, wongera utanga abitoza mu bahanuzi b'amakomine 3754 ariko 1025 bakaba barakuwe ku ntonde.
Ati: "Ibi ntivyari bwigere bibabo kuva twinjiye mu matora ashingiye ku migambwe myinshi".
Lissu yavuze kandi ko n'abahagarikizi benshi bo ku ruhande rw'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bimwe impapuro zibaha uburenganzira bwo kwinjira mu bibanza vy'amatora.
Lissu ati: "N'intumwa zasigaye ku biro vy'amatora ntibigeze bahabwa inkaratasi z'ivyavuye mu matora nk'uko amategeko abivuga, iki conyene kikerekana neza ko ata matora ashingiye ku migambwe myinshi yabayeho".
Hagati aho, umurwi ujejwe gutegura no guhagarikira amatora muri Tanzania urahakana ibibivugwa n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi ukavuga ko ibivugwa vyose ata na kimwe kirigera gishikirizwa uyu murwi.