Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Cameroon: Abitwaje ibirwanisho bakoze igitero kw'ishure bagandagura abana
Abana bashika batandatu nibo bagandaguwe abandi batari bake barakomereka mu gitero cakozwe n'abantu bitwaje ibirwanisho kw'ishure ry'abigenga riri mu karere gasanzwe karangwamwo imvururu muri Kameruni, nk'uko bivugwa n'abategetsi.
Abategetsi b'akarere ka Kumba kari mu bumanuko bushira uburengero bwa Kameruni bagiriza abarwanyi bavuga ururimi rw'icongereza bashaka kwiyonkora ko ari bo bakoze ico gitero. Aya makuru ntaremezwa n'uruhande ataho rwegamiye.
Umwe mu bajewe indero muri ako karere avuga ko abo bana bishwe bari hagati y'imyaka 12 na 14.
Hari uturere tumwe twa Kameruni turangwamwo uruhagarara kuva aho imirwi y'abavuga ururimi rw'icongereza yongerereje umurindi muvyo gusaba ko baronka ubwigenge mu 2016.
Amashure amwe amwe yo mu burere buvuga icongereza aherutse kwugurura inyuma y'imyaka ine yose yarugaye kubera ubwoba buterwa n'imirwi y'abarwanyi ishaka ko Leta ya Ambazonia yiyonkora ikigenga.
Abaharanira uburenganzira bw'abakoresha ururimi rw'icongereza muri ico gihugu bagiriza ko ba nyamwinshi bakoresha ururimi rw'igifaransa bacinyiza inkehwa zikoresha icongereza.
Ejo ku wa gatandatu mu masaha yo ku mutaga, niho abitwaje ibirwanisho binjira mw'ishure ryitwa Mother Francisca bari ku ma pikipiki. Hari abana bakomeretse igihe basimba bava mw'igorofa ya kabiri bagerageza guhunga ico gitero
Amareresi yakwiragijwe ku mbuga hwaniro yerekana abakuze bariko biruka bahetse abana.
Ali Anougou icegera c'uwurongoye igisagara yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Basanze abana mw'isomero baca babugururirako umuriro".
Nta wuzi igituma iryo shure ari ryo ryatewe, ariko uyu mutegetsi avuga ko cakozwe n'abarondera kwiyonkora.
Hagati aho, umwe mu bategetsi barongoye abo bashaka kwiyonkora yavuze ko bariko bategura itangazo biyamiriza ubwo bwicanyi.
None iyi ntambara ishingiye kuki?
Imyiyerekano ishingiye kw'ikoreshwa ry'igifaransa mu masentare no mu mashuri yo mu burere bwa Kameruni bukoresha icongereza - mu buraruko bushira uburengero hamwe no mu bumanuko bushira uburengero - yadutsemwo imigumuko mu 2017.
Ibi vyatumye inzego zijejwe umutekano zihiga buhongo abasivire bavuga icongereza bafashe ibirwanisho kugira ngo barwanye leta irongowe na Perezida Paul Biya asanzwe akoresha igifaransa.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi baramaze kuhasiga ubuzima abandi nabo ibihumbi amajana barata izabo mu gihe inzego z'umutekano zihanganye n'abashaka kwiyonkora.