Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwagandaguye John Lennon yasavye imbabazi ku 'caha c’agahomerabunwa' yakoze haciye imyaka 40
Mark Chapman, umugabo yishe John Lennon, yasavye imbabazi umupfakazi, Yoko Ono w'imyaka 40, yasizwe n'uyu yahoze ari muririmvyi rurangiranwa, inyuma y'imyaka 40 apfuye.
Uyu mucuraranzi w'umwongereza John Lennon azwi ko yashinze umurwi w'abanyamuziki Beatles wabikoze bigacika kuva utangujwe mu ntango za 1960.
Chapman yarashe Lennon amasasu ane amusanze hanze y'inzu yabamwo mu karere ka Manhattan mu gisagara ca New York, amurasira mu maso y'umugore wiwe Ono, hari mu 1980.
Yarankiwe kurekurwa vy'agateganyo igihe yari arengukishijwe ku ncuro ya cumi na rimwe mu kwezi guheze.
Igihe yariko arumvirizwa, Chapman yavuze ko yishe uyu munyamuziki rurangiranwa wo mu bwoko bwa rock arondera gusa icubahiro, akavuga ko mu bisanzwe yari akwiye igihano c'urupfu.
Yongera ko y'uko igihe cose aguma yicuza iki "caha c'agahomerabunwa", akemera ko ashobora kumara ubuzima bwiwe mw'ibohero.
"Yari rurangiranwa"
Ari imbere y'abacamanza i New York, Chapman yavuze ati: "N'ukuri nongeye gusaba imbabazi kuri iki caha".
"Nta citwazo na kimwe mfise. Ibi vyari ivyo kwihesha agaciro. Nibaza ko iki ari icaha kitagira urugero gishobora gukorerwa umuntu w'intungane".
"Yari rurangiranwa. Ntabwo namwishe kubera imico yiwe canke uko yari ameze. Yari umugabo w'intungane afise umuryango. Yari umuntu w'akarorero. Yari umuntu yavuga ibintu turiko turavuga ubu kandi ni ikintu gikomeye".
"Nkoresheje amajambo yanyu, naramwishe, kubera yari umuntu azwi cane, cane, cane rwose, nico cabintumye, kandi nabikoze nshaka cane, cane, cane rwose icubahiro, ukwikunda birengeje".
"Ndashaka kongerako iki kintu, kandi ndagishimangire cane. Narakoze icaha c'ukwikunda. Ndababajwe n'umubabaro nateye umugore wiwe Ono. Ni ikintu kitarigera kimva mu mutwe".
Abandanya avuga ko mu bisanzwe yari akwiye igihano c'urupfu - igihano cagiye gukurwaho mu ntara ya New York mu 2007 - n'aho ata wari bwigere anyongwa kuva mu 1963.
Ati: "Iyo uzi neza ko uriko utegura umugambi wo kwica umuntu ukamenya ko ari bibi kandi ukabikora wewe nyene ubwawe, kubwanje ico ni igihano c'urupfu".
Abajijwe nimba ubutungane bwakoze neza, Champan yishuye ati: "Eka ntaco maze, ntaco".
"Mu gihe amategeko hamwe na mwebwe mwofata ingingo yo kungumiza hano mu minsi nsigaje kubaho, si noja ng'aho ngo ndiko ndaharira n'ukuri".
Mu 2015, uyu munyatugenegene Yoko Ono akomoka mu Buyapani, akaba yagumye arwanya Chapman igihe cose yarondera ko yorekurwa vy'agateganyo, yabwiye ikinyamakuru Daily Beast co ku ngurukanabumenyi ko yumva ubwoba bwinshi cane mu gihe Chapman yorekurwa.
Ati: "Ico nguma niyumvira ni uko yabikoze rimwe, ariko kandi ashobora gusubira kubikorera uwundi muntu - ico ni ukukimenya. Ashobora kubikorera jewe, canke Sean [umwana wiwe], eka ashobora kubikorera uwo ari we wese, rero iyi niyo ngorane".
Impapuro z'urubanza zashitse mu minwe y'ishirahamwe ry'ibinyamakuru Press Association zerekana ko abacamanza banse ko Chapman arekurwa, bavuga ko "bishobora guhungabanya umutekano w'abanyagihugu".
Igihe akora iki caha, Chapman yari afise imyaka 25. Ubu afise 65, yararongoye umugore wiwe akaba aba hafi y'aho amaze imyaka umunani apfungiwe.
Mu nama y'abacamanza bariko bariga nimba yari akwiye kurekurwa vy'agateganyo, Chapman yasiguwe nk'umuntu asigaye yarihebeye cane Imana kandi ko ari "umukirisu akomeye".
Urubanza rwo kwiga nimba ashobora kurekurwa vy'agateganyo ruzosubira mu kiringo c'imyaka ibiri.