Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Jacob Blake: Trump ategura urugendo i Kenosha irangwamwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ivanguramoko
Umukuru wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump ategura urugendo mu ntara ya Wisconsin irangwamwo imyiyerekano inyuma y'aho umugabo w'umwirabure arasiwe n'abapolisi, ubu akaba ari indembe.
Trump ategura urugendo mu gisagara ca Kenosha ku wa kabiri nk'uko ibiro vy'umukuru w'ico gihugu Maison Blanche bibimenyesha.
Perezida Trump azoba ajanywe cane cane no kubonana n'abajejwe kwubahiriza amategeko hamwe no kuraba ivyononekariye mu myiyerekano.
Jacob Blake yaramugaye kubera amasasu indwi yose yarashwe mu mugongo n'umupolisi, abatari bake bakabona ko bigoye ko azosubira gutambuka.
Iryo raswa ryatumye haduka imyiyerekano, rimwe rimwe yaranzwemwo imishamirano, mu gisagara ca Kenosha no mu bindi bisagara muri Amerika.
Uno mwaka kandi wararanzwe n'imyiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza ivanguramoko rikorerwa abatari abazungu hamwe n'ubugome bw'igipolisi, inyuma y'urupfu rw'uwundi mwirabure George Floyd mu gasho k'igipolisi.
Ikizwi kuri uru rugendo
Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu Judd Deere avuga ko Perezida Trump azobonana n'igipolisi muri ico gisagara "yongere yihweze ivyononekariye mu myiyerekano".
Abajijwe nimba azobonana n'umuryango wa Blake, Bwana Deere avuga ko ico kitaremezwa.
Perezida Trump nta vyinshi avuga ku bijanye n'iraswa rya Blake ku wa Mungu uheze.
Ku wa gatanu yabajijwe nimba yibaza ko umupolisi yarashe Blake akwiye gushirwa imbere y'ubucamanza, aca yishura ati: "Ntaco novuga ubu, ndiko ndavyihweza neza. Nzobanza kuronka icegeranyo c'ingene vyagenze", yongera ko ati "ni ibintu ntipfuza kubona".
Perezida Trump ariko ariyamamariza ikiringo ca kabiri mu matora ategekanijwe uno mwaka, kimwe mu bigize imyiyamamazo yiwe kikaba ari ugutsimbataza umutekano n'ugukomeza ubutungane.
Mw'ijambo yashikirije mw'ikoraniro ry'umugambwe wiwe w'aba Repubulika, ariyamiriza "imvururu, ubusuma, n'ubwononyi twabonye mu bisagara birongowe n'aba democrates", aha akaba yavuze Kenosha n'ibindi bisagara.
Wisconsin ni intara ntahompagaze yashigikiye Barack Obama incuro zibiri zose, ariko ivamwo itsindirwa na Donald Trump ku rugero ruto mu 2016, aho yasumbije uwo bahiganywe amajwi ibihumbi 20 gusa.
Ibintu bimeze gute i Kenosha?
Ejo ku wa gatandatu abantu hafi igihumbi nibo bihaye amabarabara mu gisagara ca Kenosha, baririmba bati "Black lives matter"(Ubuzima bw'abirabure ni kirumara).
Se wa Jacob Blake yasavye ko iyo myiyerekano yobandanya mu mahoro, anagirako asaba ko ubutungane bwokora kugira umuhungu wiwe atunganirizwe.
Yabwiye abari muri iyo myiyerekano ati: "Abantu beza muri kino gisagara barabitahura. Ni twagisambura tuzobura vyose. Bireke. Reka dufate ijoro rimwe tubereke ko ata ntumbero dufise yo gusambura".
Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko ingabo z'igihugu zirenga igihumbi zarungitswe i Kenosha, abenshi muri bo bakaba bava mu zindi ntara.