Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
USA: Intara ya Oregon yitwariye ubutegetsi bw'igihugu kw’ihohotera rikorerwa abari mu myiyerekano
Umushikirizamanza mukuru mu ntara ya Oregon muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yitwariye ubutegetsi bw'igihugu, abwagiriza ko buriko burahohotera abari mu myiyerekano .
Kuva umwirabure George Floyd yicwa, igisagara ca Portland muri iyo ntara kiri mu myiyerekano y'urutavanako y'ijoro.
Muri ino ndwi, abapolisi barungitswe n'ubutegetsi bw'igihugu bari mu mamodoka atamenyekana barabonetse bariko bacakira abari mw'ibarabara banabapfunga ataco babagirije.
Ubutegetsi bw'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika buvuga ko buriko bugerageza kugarukana umutekano muri ico gisagara.
Izo ngabo z'ubutegetsi bwa Amerika zarungitswe na Perezida Donald Trump ziratera abari mu myiyerekano vya vyuka bikoroza amosozi be n'amasasu ya plastiki.
Mu minsi iheze, umushikiranganji mfatakibanza w'intwaro yo hagati Chad Wolf yavuze ko abari mu myiyerekano ari imirwi y'abagumutsi.
Ejo ku wa gatandatu mu masaha yo ku mugoroba, abari mu myiyerekano barerekanywe bariko basambura uruzitiro ruri hafi ya sentare y'igihugu, ariko haciye amasaha make rurasanurwa.
Ibiro vy'umushikirizamanza wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Oregon bwatangaje ku rubuga rwa Twitter ko urwo ruzitiro rwari rufise intumbero yo "kugabanya icuka kibi hagati y'abari mu myiyerekano n'abashinzwe kwubahiriza amategeko, maze asaba abantu kubireka bonyene.
Abapolisi batangaje ko hanze y'inyubakwa y'ishirahamwe ry'abapolisi ba Portland mu mburaruko bw'igisagara hateye imidugararo. Igipolisi kivuga ko iyo nyubakwa yaturiwe ariko ko bashoboye kuzimya umucanwa.
None urwo rubanza ruvuga ngw'iki?
Muri uru rubanza, umushikirizamanza mukuru wa Oregon, Ellen Rosenblum, asaba ko hafatwa ingingo yo kubuza izi ngabo gusubira guhagarika abantu muri ico gisagara.
Mw'itangazo yasohoye, umupfasoni Rosenblum yavuze ati: "Ibi bintu bitegerezwa guhagarara. Uretse ko vyaka uburenganzira abanyagihugu bwo gukora imyiyerekano, biriko biteza uruhagarara mu mabarabara".
Yongerako y'uko uburyo bakoresha "budakenewe namba kandi ntibujanye n'imico y'ubuntu biranga Oregon".
Abona ko ubutegetsi bwa Amerika bwahisemwo ico gisagara kugira ngo butere ubwoba abanyagihugu bashe coba, maze bahebe kwiyamiriza ubugome bw'igipolisi n'ugushigikira rya sekeza ryiswe Black Lives Matter (Ubuzima bw'Abirabure ni nkenerwa).
Asaba buri munyamerika kwiyamiriza ibi bintu igihe cose abibonye.
Ati: "Nimba biriko biraba hano muri Portland uno munsi, ejo bishobora kuba n'ahandi".
Mu ntango z'ino ndwi, buramatari w'intara ya Oregon, Kate Brown, yaragirije abajejwe umutekano barungitswe na leta ya Amerika "gukoresha vyenyuje igikenye".
None ni igiki cabaye neza na neza?
Inkuru yatangajwe n'ikigo ntangamakuru Oregon Public Broadcasting (OPB) mu ntango z'ino ndwi, yari igizwe n'abiboneye ubwabo ingene abo bajejwe umutekano barungitswe n'ubutegetsi bw'igihugu, bambaye impuzu zo kwiyoberanya, bakoroka bava mu mamodoka yiyoberanije, bayora abantu baterera mu modoka baca babatwara igikubikubi.
Indwi iheze yaranzwe n'imidugararo ikomeye hagati y'abari mu myiyerekano n'abo bajejwe umutekano barungitswe mu ndwi zibiri ziheze na Perezida Trump kugira ngo bahagarike iyo myiyerekano.
Ireresi yasohowe na OPB yerekana umwe mu bari mu myiyerekano, Mark Pettibone, asigura ingene ku wa 15 z'uku kw'indwi "yajugunywe" mu modoka yarimwo abantu bitwaje ibirwanisho.
Bwana Pettibone yavuze ko bamujanye mu gasho ka sentare y'igihugu, aho yasomewe ibijanye n'uburenganzira afise nk'impfungwa. Amaze kwanka kwishura ibibazo, yararekuwe ata dosiye bamwugururije.
Nk'uko bivugwa n'ikigo ntangamakuru OPB, abajejwe umutekano ku rwego rw'igihugu baramaze gucira urubanza abantu n'imiburiburi 13 ku vyaha bijanye n'iyi myiyerekano.
Ubutegetsi bwa Trump buvuga iki?
Igihe ashika muri ico gisagara ku wa kane aje kubonana n'abajejwe umutekano, umushikiranganji mfatakibanza w'intwaro yo hagati n'umutekano yavuze ko abajejwe umutekano barungitswe ngo bahagarike "akajagari".
Mw'itangazo yasohoye, bwana Wolf yaragirije abategetsi b'intara n'ico gisagara ko bananiwe no "kugarukana umutekano".
Avuga ati: "Haciye iminsi 47 yose igisagara ca Portland kirangwamwo uruhagarara"
"Buri joro abatera imidugararo baronona amatungo y'igihugu, harimwo n'inyubakwa za sentare, bakanatera n'abajejwe umutekano basanzwe bayacunze".
Amajambo ya Wolf niyo asanzwe avugwa na Perezida Trump. Muri ino ndwi nyene, umukuru w'igihugu yashimagije utwigoro tw'izo ngabo z'igihugu zijejwe umutekano i Portland, avuga ko bakoze igikorwa gikomeye.