Sudan: aba isilamu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza impinduka kw'itegeko rya ki Isilamu

Ahavuye isanamu, AFP
Abanyagihugu batari bake bashigikiye amategeko ashingiye kw'idini rya isilamu, Sharia, bihaye amabarabara ku mugwa mukuru wa Sudani, Khartoum, biyamiriza impinduka leta iherutse gukora.
Izo mpinduka zemerera abatari Abanywanyi b'iryo dini kwinywera inzoga, zigakuraho amategeko yo gukubitwa n'ayabuza ubwigenge mu vyo kwemera.
Izi mpinduka zije inyuma y'aho uwari amaze igihe kinini arongoye ico gihugu Omar al-Bashir yirukanwe umwaka uheze mu myiyerekano ikomeye.
Nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP, abari muri iyo myiyerekano biyamiriza ko amategeko ya kisilamu yoroshwa, biha akaruru bavuga bati: "Amategeko y'Imana ntashobora gusubirizwa n'ayandi " - kandi bafise ivyapa vyanditseko ngo: "Turanse ubuhakanyi ".
AFP isubiramwo amajambo yabwiwe umushikiranganji wa mbere Abdalla Hamdok asanzwe arongoye leta mfatakibanza, aho bamwe mu bari muri yo bavuga bati: "Hamdok, Khartoum ntabwo ari New York."
Bamwe mbere mu bari mu myiyerekano bafise amasanamu y'umushikiranganji w'ubutungane Nasredeen Abdulbari, akaba ari we yatangaje izi mpinduka mu mpera z'indwi iheze.
Mu mategeko mashasha, abagore nabo ntibagikeneye uruhusha rw'umubanyi w'umugabo kugira ngo bashobore gusohokana n'abana babo.
Abatari abanywanyi b'idini rya Isilamu ubu bemerewe kunywa inzoga mu mwiherero, ariko iryo kubuza aba Isilamu ryoryo ryagumyeho.
Muri iryo tegeko kandi, umuntu wese yagiriwe n'icaha co kwanka Islam, canke ubuhakanyi, ntazongera guhanishwa igihano c'urupfu.
Ishingwa ry'amategeko akomeye ashingiye kw'idini rya Isilamu mu myaka ya za 1980 riri mu ntandaro zikomeye z'intambara yamaze igihe kirekire, maze ituma Sudani y'Ubumanuko ironka ubwigene, aho abantu benshi ari abakirisitu canke bagikurikiza amadini kama.










