Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo: igipolisi caraye gitaye muri yompi abatari bake bari mu myiyerekano i Kinshasa
Igipolisi muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo caraye gitaye muri yompi abantu batari bake mu gihe cariko kigerageza gutatanya abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza igenwa ry'umukuru w'umurwi ujejwe amatora muri ico gihugu.
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n'abanywanyi ba Perezida Felix Tshisekedi w'ico gihugu barihaye amabarabara ejo ku wa gatandatu ku mugwa mukuru Kinshasa biyamiriza uwo bavuga ko ari igikoresho c'uwahoze ari umukuru w'igihugu Joseph Kabila.
Iyo myiyerekano kibaye ikindi kimenyetso c'icuka kibi kiri hagati y'umukuru w'igihugu hamwe n'uwahoze akirongoye.
Mu ndwi iheze, umushikiranganji w'ubutungane yarahagaritswe mu mwanya muto bivuye ku kutumvikana ku bijanye n'ihinduka mu gisata c'ubutungane.
Ni ibintu bidatangaje kubona igenwa ry'umukuru mushasha w'umurwi ujejwe amatora ritera uruhagarara muri ico gihugu.
Abashingamateka batoye Ronsard Malonda yari amaze imyaka irenga cumi ari mu barongoye uyo murwi wateguye amatora aheruka yaranzwe n'igipfungu.
Vyari vyitezwe ko abarongoye amadini batanga izina ry'uwo bipfuza ko yorongora uyo murwi.
Abasenyeri b'idini Gatorika basanzwe bafise uruhara rukomeye cane mu buzima bwa politike muri ico gihugu, hamwe n'ab'amadini y'igiporotesanti bandikiye Perezida Felix Tshisekedi bamusaba ko atokwemeza igenwa rya bwana Malonda.
Bavuga ko atatowe kandi ko bakiriko bararondera uwo babona akwiriye ico kibanza.
Hari ugukwegana gukomeye muvyo ubutegetsi hagati y'umukuru w'igihugu hamwe n'uwo yasubiriye Joseph Kabila asanzwe ari we afise abashikiranganji benshi muri leta ya Perezida Tshisekedi, kandi inama nshingamateka ikaba yiganziwe n'abamushigikiye.
Perezida Felix Tshisekedi yatowe mu matora yo mu mpera z'umwaka wa 2018, amatora abatari bake bagaye kuko bavuze ko yaranzwe n'amanyanga.