Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DRC: Amezi 7 inyuma y'amatora, leta yoba igiye gushingwa
Inkuru y'uko Leta ihurikiyemwo impande zompi igiye gushingwa, yamenyekanye mw'ijoro ryo kuri uyu wa mbere kuri tereviziyo y'igihugu.
Abumvikanisha urunani FCC rw'uwahoze atwara igihugu Joseph Kabila, n'urwa perezida Tshisekezi -CASH, nibo babitangaje inyuma y'umwumvikano wabaye hagati y'izo mpande ku munsi wa gatanu.
Leta izoba igizwe n'abashikiranganji 66.
Muri abo harimwo umushikiranganji wa mbere Sylvestre Ilunga Ilunkamba, yatanze n'uruhande rwa Kabila.
Urwo ruhande kandi ruzoba rufise abashikiranganji 42, nayo abasigaye 23 n'abo urunani rwa perezida Tshisekedi.
Abazoja muri ivyo bibanza ariko ntibaramenyekana.
Leta igiye gushingwa hashize amazi indwi yose amatora yatsinzwe n'urunani CASH arangiye.
Abenshi bibabjije ibibazo ku vyavuye muri ayo matora, mu gihe Tshisekedi yanugwanugwa ko yoba yagiranye amasezerano yo gusangira ubutegetsi na Kabila, imbere y'uko ayo matora aba.