France: François Fillon yari umushikiranganji wa mbere yaciriwe umunyororo

Yatangajwe

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa François Fillon n'umugore wiwe baciriwe umunyororo kubera ubunyonyezi.

Uyo mu nyapolitike yagirijwe ko yarishe umugore wiwe amafaranga angana n'imiliyoni 1.3 z'amadolari ku kazi atigeze akora igihe yakora mu nama nshingamateka.

Yaciriwe umunyororo w'imyaka itanu mu gasho, itatu muri yo ikaba irindirijwe. Umugore wiwe wewe yaciriwe umunyororo w'imyaka itatu ariko irindirijwe.

Ico caha catumye ibikorwa vyo kurondera kwitoza mu 2017 bihagarara. Bompi bunguruje urubanza, bituma Fillon adatabwa muri yompi.

Uyo mugabo w'imyaka 66 niwe munyapolitike wo ku rwego rwo hejuru w'Umufaransa aciriwe umunyororo kuva Repubulika ya gatanu itanguye mu 1958.

Udupfukamunwa bari bambaye kubera coronavirus twatumye bitaboneka mu maso ingene bakiriye uru rubanza igihe rwasomwa.

Igihe sentare yasoma urwo rubanza uno munsi ku wa mbere, umucamanza yari arongoye intahe yavuze ati: "Amahera yarishwe ntiyari ajanye na gato n'akazi kakozwe. Umupfasoni wa Fillon yahawe akazi ataco kari kamaze".

Uyo mukenyezi yagirijwe ko yafashije mw'inyuruzwa n'isesagurwa ry'umutungo w'igihugu.

Bompi baciwe ihadabu ry'amahera $423.000. Hampande y'ivyo, bategetswe kugarukana umuliyoni 1.12 w'amadorari ya Amerika mu kigega c'inama nshingamateka yari yahaye akazi Penelope Fillon kuva 1998 gushika 2013.

Umugabo wiwe kandi yabujijwe gusubira kurangura amabanga y'igihugu mu kiringo c'imyaka 10.

Francois Fillon amaze imyaka mirongo n'iyindi muri politike. Yarabaye umushingamateka, umukenguzamateka mbere aranaronswa n'amabanga y'ubushikiranganji, imbere y'uko aba umushikiranganji wa mbere w'u Bufaransa hagati ya 2007 na 2012 igihe hatwara Perezida Nicolas Sarkozy.

Imbere y'amatora y'umukuru w'igihugu yo mu 2017, yatsinze mu matora ntangamarara mu mugambwe w'abaharanira Repubulika, aho gushika mu kwa mbere kwa 2017 yahabwa amahirwe menshi yo gutorwa.

Hagati aho, ibintu vyagiye kuyangara haciye iminsi muri uko kwezi nyene kubera ivyo yagirijwe vyo kunyuruza itunga ry'igihugu.

Yagumye ahakana ivyo yagirizwa avuga ko ari umugambi w'abahiganwa nawe ico gihe wo gucafuza izina ryiwe.

Hagati aho, ibibazo vyagumye biba ndanse gushika aho asaba imbabazi yemera ko yakoresheje abo mu muryango iwe, ati "n'aho bidateye kubiri n'amategeko vyatumye ntakaza icizere".