Wari uzi ko ushobora kwandurira coronavirus mu kazu ka surwumwe?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abashakashatsi berekana ko, mu bakoresha twa tuzu twa surwumwe twa none, kurya gusunika amazi yo mu gikono umufuniko wuguruye bituma haba umwuka uja mu mpwemu duhema maze umuntu agashobora kwinjiza imigera nk'iya coronavirus biciye mu guhema.
Abahinga b'abashinwa bavuga ko kurya gusunika amazi gushobora gutuma umwuka urimwo amazimazi uvuye muri kirya gikono ushobora kuduga ukagera ku burebure bwo gushika ku mutwe canke no kurenga.
Uwo mwuka ugizwe n'amazimazi ushobora kuguruka gushika hafi mu metero yose uja mu kirere nk'uko abahinga bo kuri kaminuza ya Yangzhou babisigura.
Basaba ko mu gusunika amazi iyo umuntu ahejeje kwituma ari ukubanza gupfundikira kirya gikono.
Coronavirus ikwirakwizwa n'imphwemu iyo umuntu akoroye canke yasamuye, canke agakora ku bikoresho vyasizweko imigera.
Abantu basanzwe baranduye uwo mugera nabo nyene bashobora kugira iyo migera mu mazirantoke abavamwo, n'aho bitererekanwa neza nimba iyo nayo ishobora kuba inzira yo kwanduza abandi.
Abahinga kw'isi yose bariko barapima neza amazi atwara imicafu kugira ngo bamenye nimba koko hari abantu boba baranduye coronavirus biciye kuri ayo mazi.
Hari iyindi migera ishobora gukwirakwira bivuye kw'isuku rike ry'utuzu twa surwumwe.
Rero ngo iyo amazi asunitswe avuye mu ngunguru ya karya kazu ka surwumwe, akubita kunkuta z'igikono, bigatuma haba uruvangatirane n'uwo mwuka uva mu gikono.
Uwo mwuka ugizwe n'utubumbe duto cane rwose tw'amazi ku buryo dushobora kuguma mu kirere mu kiringo kirenga umunota wose, nk'uko Ji-Xiang Wang na bagenzi biwe bo kuri kaminuza ya Yangzhou mu Bushinwa babisigura.
Ku ruhande rwiwe, Dr Bryan Bzdek wo mu kigo kijejwe ubushakashatsi ca Bristol kw'ishure kaminuza rya Bristol, avuga ko n'aho bitaboneka neza ko coronavirus ishobora gukwirakwira muri ubu buryo, birumvikana neza ko ari vyiza kuba magabo.
Ati: "Abakoze ubwo bushakashatsi bavuga ko ari iyo umuntu ahejeje kwituma ari vyiza kwugara kirya gikono c'akazu ka surwumwe mu gihe co gusunika amazi, kugirira isuku imbuga za kirya gikono n'ahandi hose umuntu ashobora gukorakora, kandi agakaraba neza iyo avuye mu kazu ka surwumwe".
Abona ko n'aho bitaboneka neza ko ivyo bishobora kugabanya ikwirakwira ry'imigera ya Covid-19 na SARS, ni vyiza ko izo ngingo zerekeranye n'isuku ry'akazu ka surwumwe zikurikizwa ngo kuko hari n'iyindi migera myinshi cane yandukira iciye mu mazirantoke.










