Rwanda: Ingene Felicien Kabuga yagiye akwepa abarondera kumufata

Ahavuye isanamu, EPA
Umurwizatunga Félicien Kabuga yarashoboye kwinyegeza sentare ijejwe gucira imanza abagize uruhara muri jenoside yo mu Rwanda mu kiringo c'imyaka 26.
Yakoresheje amazina y'ububeshi 28 akagira n'imigenderanire ikomeye n'abantu bo ku migabane ibiri, ivyatumye adashobora gufatwa.
Uyo mutama w'imyaka 84 yagumye yinyegeza igihe kirekire gushika aho sentare mpuzamakungu yari yashinzwe kugira ishengeze abateguye jenoside ya 1994 ihagarikiye ibikorwa.
Ariko, yagiye gufatwa mu ndwi iheze aho yari yinjegeje mu gisagara ca Paris, bivuye ku matohoza yakozwe na Serge Brammertz, umushikirizamanza wa ONU arongoye umurwi ujejwe gukurikirana abakoze ivyaha vyo mu ntambara mu Rwanda na Yougoslavia
Ati: "Hari haciye umwaka twibaza ko yashobora kuba ari mu Bwongereza, mu Bufaransa canke mu Bubirigi, nta mezi abiri yari ahaciye tumenye ko yari mu Bufaransa".
"Abategetsi b'u Bufaransa barashoboye kumenya inzu yari yinyegejemwo, ari naho haciye haba igikorwa co kumufata".
Avuga ko kimwe muri bikuru bikuru vyatumye adashobora gufatwa gushika ubwo abana biwe babigizemwo uruhara rukomeye.

Ahavuye isanamu, AFP
Azwi ko afise n'imuburiburi abana batanu - babiri mu bakobwa biwe bakaba barongowe n'abahungu b'uwahoze ari umukuru w'igihugu c'u Rwanda, Juvenal Habyarimana.
Abajejwe amatohoza b'u Bufaransa baragendereje abana biwe kugira ngo bashobore kumufatira mw'igorofa ya gatatu mu karere ka Asnières-sur-Seine i Paris, aho yari asanzwe aba ku bimuranga vy'ububeshi, aho yakoresha igitabo c'inzira c'igihugu ca Afrika kitamenyekanye.
Nk'uko bivugwa na koloneli Eric Emeraux arongoye igipolisi kidasanzwe kijejwe kurwanya amabi akorerwa mu ntambara, ikiza ca coronavirus naco nyene carafashije.
Ingingo za gumamurugo mu Bufaransa zatumye ibikorwa vyinshi bihagarara mu burere butandukanye bwa Bulaya, bituma uyo muntu yagirizwa ko ari we yafashije jenoside afatirwa umwanya uhagije.
Mu minsi 100 gusa mu 1994, hafi abantu 800.000 barishwe mu Rwanda n'Abahutu b'intagongwa - bafashwe mu mugongo na Kabuga, mu butunzi yari yakuye mu rudandazwa rw'icayi.
Ubwo bwicanyi bw'agahomerabunwa bwabaye inyuma y'aho indege ya Juvenal Habyarimana irasiwe, akahasiga ubuzima.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zari zemeye gutanga imiliyoni zitanu z'amadolari ku muntu yari gutanga amakuru yatuma Kabuga afatwa.
Ariko rero vyarabaye ibisigabwenge ingene uyo muntu wa mbere yahigwa n'ubutungane ku mugabane wa Afrika, agatwe kiwe katanzweko imiliyoni zitanu z'amadolari ku vyaha indwi vya jenoside n'ivyaha vy'agahomerabunwa yagirijwe mu 1997, yashoboye kwinyegeza imyaka n'imyaka, abacamanza mu bihugu n'imigabane bakamurondera bakamubura.
None yoba yaba muri Kenya?
Bivugwa ko Kabuga yabaye mu bihugu vyinshi muri Afrika y'Ubuseruko harimwo na Kenya, aho we n'umuryango wiwe bari basanzwe bafise amatungo.
Kenya yaravuzwe cane igihe kirekire ko ari yo yari ihaye indaro uyo mugabo, abategetsi bakomeye nabo bakamukingira ikibaba, maze utwigoro twose two kumuhagarika ntihagira ico dushikako.
Mu 2006, sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku Rwanda yavuze ko yari ifise ivyemezo ko Kabuga yagendera canke kandi akaba muri Kenya, aho yari asanzwe afise amatungo.
Haciye imyaka itatu, Stephen Rapp, yaserukira Amerika mu bijanye no kurwanya ivyaha vyo mu ntambara, yaragirije amaleta ya Kenya yagiye akurikirana ko yanse gutanga Kabuga.
Avuga ko hari n'ivyemezo ko Kabuga yanitabira iminsi mikuru yitabwa n'abantu bakomeye, ivyo Kenya yamye yamirira kure.
Nta nkeka ko umuryango wa Kabuga wari ufise imitahe muri Kenya, kuko umwe mu mitungo yiwe wanateye impari gushika muri sentare mu 2015, igihe umugore wiwe, Josephine Mukazitoni, bari bawusangiye, arondeye kuwusubirana ariko bikanka.
Uwo mutungo wari uzwi kw'izina rya Spanish Villas wagiye gufatwa inyuma y'aho ONU ifatiye icemezo isaba ibihugu vyose kurondera no gufata amatungo ya Kabuga.
Uruhigi rw'imbwa
Ibinyamakuru vyarerekanye incuro nyinshi ko Kabuga yari muri Kenya, n'aho bitigeze bitanga ivyemezo ko we canke umugore wiwe baba muri ico gihugu.
Avugwa ko yashoboye gukwepa incuro nyinshi imitego y'abapolisi yo kumufata ku mugwa mukuru wa Kenya, Nairobi.
Mu gitero cakozwe i Nairobi ku wa 19 z'ukw'indwi 1997, igihe igipolisi cahagarika abandi banyarwanda indwi bagirizwa jenoside, Kabuga yarashoboye kubacika afashijwe n'umutegetsi wo hejuru yari yamaze kumugabisha.

Ahavuye isanamu, Reuters
Nayo ku bamenyeshamakuru barondera kumenya ivy'iwe, kwari ukwita mu mutego.
Ku wa 16 z'ukwa mbere 2003, umunyamakuru yigenga William Munuhe, yatowe yapfiriye mu nzu i Nairobi.
Mwenewabo, Josephat Gichuki, avuga ko amaze gupfa yasanze Munuhe yariko ategurana na FBI umugambi wo gufata Kabuga yiyise umudandaza.
Gichuki yabwiye BBC ati: "Icadutangaje, ni uko igipolisi cavuze ko Munuhe yapfuye yiyahuye, yishwe n'umwuka urekurwa n'imbabura y'amakara (monoxide de carbone)".
"Igihe twamuhamba, jewe nariboneye igikomere c'urusasu mu mutwe, n'amaraso mu cumba ciwe".
Haciye imyaka umunani, umumenyeshamakuru John Allan Namu avuga ko yahenzwe n'ibigirankana n'uwamuhaye amakuru y'ububeshi amwereka umuntu w'umurwizatunga atari we, ngo ni we Kabuga.
Avuga ko ivyo vyakozwe kubera hari abatari bishimiye ivyo amatohoza yiwe yari yashitseko, harimwo ko Kabuga yari afise inomero y'ikonte mw'ibanki imwe ya Kenya ariyo yakoresha mu rudandaza rwiwe.
Vyarageze kure gushika aho we n'umuryango wiwe baba mu kinyegero kubera iterabwoba yariko akorwako ko yari gushobora kwicwa.
Namu yabwiye BBC ati: "Uravye aho yafatiwe, biragaragara neza ko Kabuga yabayeho yinyegeza ikiringo kinini kubera yari akingiwe ikibaba n'abantu benshi kw'isi cane cane muri Kenya".
Ng'urwo uruhigi rero
Inyuma gato ya jenoside, Kabuga yahungiye mu Buswisi ariko ntiyemerewe kuhaba, bikavugwa ko yoba yaciye agaruka muri Afrika aciye i Kinshasa, umugwa mukuru wa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, ico gihe yitwa Zaïre.
Ivyemezo hafi vyose vyerekana ko yaba muri Kenya, n'aho Brammertz avuga ko yabonywe muri Madagascar no mu Burundi.
Avuga ko ayo makuru yose ataco yigeze ashikako, ari co gituma urugamba rwo kumuhagarika rwabaye "urugamba ruhanitse cane, rwo kurondera ahantu hose yashobora kuba yikekwa".

Ahavuye isanamu, Reuters
Ni urugamba rwafashe n'imiburiburi imyaka ibiri, uhereye aho yabonetse ubwa nyuma - mu Budagi aho yari yabonywe yagiye kwibagisha mu 2007.
Umwihwezo muremure ku biganiro yagiranye n'abantu ku ma telefone hamwe n'ibijanye n'ikoreshwa ry'amafaranga watumye tumenya ko yari i Paris.
Patrick Baudouin wo mw'ishirahamwe ryitaho uburenganzira bwa muntu, International Federation for Human Rights, avuga ati:
"Biragoye kwibaza ko yoba yarahungiye ku butaka Bufaransa ata babimufashijemwo".
Ibi bisigabwenge ku kuntu yashoboye kwinyegeza imyaka n'imyaka vyatumye ishirahamwe Human Righs Watch risaba ko haba amatohoza ku kungene vyagenze n'ababimufashijemwo.
Ingendo ziwe imbere y'ingingo za guma mu rugo
Ababanyi biwe i Paris bavuga ko uyo mutama yari abaye aho hantu mu kiringo c'imyaka itatu gushika kuri ine.
Olivier Olsen, umwe mu babanyi biwe, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko Kabuga yari "umuntu yavuga make cane", kandi ko "mu kuvuga yongorera iyo hagize umuha yambu".

Ahavuye isanamu, Rex Features
Avuga ko imbere y'ingingo ya guma mu rugo Kabuga yakunda kuboneka kenshi agiye gutembera.
Kabuga ubu apfungiwe mw'ibohero rya La Santé Prison hagati muri Paris, akaba ari ho azoguma mu kurindira ko ashikanwa mw'ibohero rya IRMCT.
Brammertz avuga ko bishobora gufata indwi zitari nke canke amezi mbere n'imyaka imbere y'uko imanza zitangura, ari i La Haye canke mu gisagara ca Arusha, ahari icicaro ca sentare icira imanza abakoze jenoside mu Rwanda (TPIR).
Hagati aho, ababuranira Kabuga bamenyesha ko yipfuza kuburanishwa mu Bufaransa.
Abarokotse jenoside bafise icizere ko ivyo bitazotevya imanza, maze bakaronswa ubutungane bipfuza.
Inyuma y'ifatwa rya Kabuga, Valerie Mukabayire, arongoye ishirahamwe ry'abapfakazi mu Rwanda, yabwiye BBC ati:
"Uwarokotse jenoside wese aranezerejwe n'ihagarikwa ryiwe. Twese twari turindiranye igishika iyi nkuru nziza. Ni vyiza ko agiye gushirwa imbere y'ubutungane".










