Coronavirus: New York ifise ibitigiri bibini vy’abanduye gusumba ibihugu vyose kw’isi

Ahavuye isanamu, Reuters
Intara ya New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri kino gihe ifise ibitigiri binini vy'abanduye coronavirus gusumba ibihugu vyose kw'isi uretse ico gihugu.
Iyo ntara yamenyesheje ko abamaze kwandura Covid-19 gushika ejo ku wa kane bageze kuri 159.937.
Iyo ntara ikaba isumbije ibihugu vyari bizwi ko ari vyo bifise abanduye benshi nka Espanye (153,000 ) hamwe n'Ubutaliyano (143,000).
U Bushinwa, aho uwo mugera watanguriye mu mpera z'umwaka uheze, bufise igitigiri ca 82.000 c'abantu bose hamwe banduye.
Amerika imaze kugera kuri 462.000 banduye uwo mugera hamwe n'abashika hafi 16.500 bahitanywe nawo.
Kw'isi yose, abashika umuliyoni 1.6 nibo bamaze kwandura, nayo 95.000 bakaba bamaze kuhasiga ubuzima.


N'aho New York ariyo ifise igitigiri kinini c'abanduye coronavirus kw'isi, ico abamaze guhitanwa n'uwo mugera (7000) kiri hasi y'ica Espanye (15.500) n'ico Ubutaliyano (18.000), n'aho gisumba incuro zirenga zibiri ico abahitanywe nawo mu Bushinwa.
Hari amasanamu yerekanywe y'abakozi bambaye imyambaro yo kwikingira impanuka bariko barahamba abapfuye mu kinogo kimwe mu gisagara ca New York.
Amasanamu yafashwe na za ndege zitagira umudereva, drones, yerekana abakozi bariko bamanuka mu kinogo kirekire bakoresheje ingazi, aho amasandugu y'ibiziga yariko arashingurwa.
Ayo masanamu yafatiwe mu karere kitwa Hart Island, kigeze gukoreshwa n'abategetsi b'ico gisagara imyaka 150 iheze mu guhamba abapfuye batagira ab'iwabo, canke abo mu miryango itari ishoboye kwihambira abayo.
Ibikorwa vyo guhamba kuri iryo tongo ry'abapfuye vyariyongereye kubera ico kiza, biva ku munsi umwe mu ndwi bishika ku minsi itanu mu ndwi, nk'uko bimenyeshwa n'igisata kijejwe amabohero.
Abapfungwa bo mw'ibohero rya Rikers Island nibo mu bisanzwe bakora ico gikorwa, ariko kubera barengewe, vyabaye ngombwa ko barondera abandi bakozi babikora.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w'igisagara ca New York, Bill de Blasio yavuze mu ntango z'iyi ndwi ko iryo tongo ry'abapfuye rishobora kwikorwako mu guhamba abahitanywe na kino kiza.
Igitigiri c'abahitanwa na coronavirus i New York cariyongereye gushika kuri 799 ku wa gatatu, igitigiri kinini kitari bwahebo ku munsi ugira gatatu.
Ariko buramatari w'intara ya NewYork, Andrew Cuomo, yagize icizere kinini inyuma y'aho igitigiri c'abinjijwe ibitaro kubera covid-19 mu mavuriro ya New York cagabanutse ku ncuro igira kabiri, gushika kuri 200.
Avuga ko ivyo vyerekana ko ingingo yo kwirinda kwegerana yazanye akarusho.
Avuga ko iki kiza ari "ikibombe kiriko kirakwiragira mu bantu kidacagura, ikibi gisa n'ico twabonye ku wa 11 z'ukw'icenda 2000".
Icizere cabonetse kandi ejo ku wa kane aho ibitigiri vyari vyitezwe kurwego rw'igihugu vyagabanutse.

Ahavuye isanamu, Reuters
Dr Anthony Fauci, umwe mu bategetsi bakomeye bagize umurwi wo kurwanya coronavirus washinzwe n'ibiro vy'umukuru w'iguhugu wa Amerika.
Yabwiye ikinyamakuru NBC co muri Amerika ko ibiharuro vyerekana ko Abanyamerika bashobora kuzohitanwa na Covid-19 "bashobora kuba muri 60.000".
Mu mpera z'ukwa gatatu, uyo Dr. Fauci yari yavuze ko "abari hagati ya 100.000 na 200.000" aribo baboneka ko bashobora guhitanwa n'uwo mugera.
Ico gitigiri ca 60.000 gishobora kungana n'ic'abahitanywe n'indwara y'ibicurane hagati y'ukw'icumi 2019 n'ukwa gatatu 2020 muri Amerika, nk'uko ibiharuro bitangwa n'ubutegetsi bivyerekana.
Hagati aho, icegera c'umukuru w'ico gihugu Mike Pence ashimangira ko covid-19 yandukira gusumba indwara y'ibicurane hafi incuro zitatu.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu vyarerekanye ubwoba ko abashika imiliyoni 2.2 z'Abanyamerika bashobora guhitanwa na coronavirus mu gihe atacokorwa ngo uwo mugera uhagarare.










