Inkwano: ''Umugabo wanje ntiyoshobora kungura''

Geoffrey and Angela's wedding photo

Ahavuye isanamu, EriStudios

    • Umwanditsi, Inkuru ya Nyasha Michelle, irimwo amakuru ya Celestina Olulode
    • Igikorwa, Abamenyeshamukuru
  • Yatangajwe

''Simbona ko gutanga inkwano ari nk'ugutanga ikiguzi... Geoffrey ntiyoshobora kuronka ikiguzi c'amafranga yongura'', niko Angela, umwongereza yavukiye muri Ghana avuga.

Aha ariko arasigura ingene umugenzo wo gutanga inkwano ubarizwa ahanini hirya no hino muri Africa yo munsi ya Sahara, awubona.

''Ahubwo nkunda iciyumviro c'uko uwugiye kuba umucance wanje hamwe n'abari mu ruhande rwiwe bambona nk'itunga rije mu muryango wabo''.

Inkwano itangwa n'umuryango w'umugabo ku muryango w'umwigeme, ubugeni bwiwe buri mu kuba.

Mu kuyitanga hashobora kurihwa amafranga, agashimwe canke mbere bigatangwa ukwo ari bibiri.

Haraho itangirwa rimwe, ariko s'ukuvuga ko kuyitanga imice bidakunze kuboneka. Inkwano irakorwa cane no mu bihugu vya Thailande, Ubushinwa na Papua New Guineya.

Kubwa Angela impande zose zirayemera.

Abanyafrika barafise akanyamuneza ko kuba abanyafrika, urabizi. Hari igihe bitari bikenewe kuba wonezerererwa ikintu co kuba umunyafrika. None urabona iyi ndamukanyo nziza yo kurwana munda iri mu migenzo y'abanyafrika.

Umugabo wiwe Geoffrey, asanzwe ari umwongereza yavukiye muri Ghana asigura inkwano y'uyo muryango nk'ikimenyetso c'ukuntu awubona neza.

''Ntakintu kindi gikomeye kurusha akamaro k'inkwano kuko ishobora no gusubiza inyuma imigenderanire, kubera ivyo, bituma igira insiguro y'ijambo ''Inkwano''

''Nturi ikidandazwa, nta n'umwe yoshobora kukugura''

Indwi imwe imbere y'ibirori, Geoffrey na Angela barahimbaje umusi mukuru w'ubugeni mu migenzo yo mu gihugu ca Ghana.

Ni mugihe c'ivyo birori - hashirwa hamwe amafranga n'izindi ngabire bigize inkwano - bakabishira umuryango wa Angela.

Ariko umuryango waragerageje guha iyindi ntumbero uyo mugenzo buke buke: ''Inkwano itangwa ihava isubira inyuma, dusubira kuyigabirwa ukwo turi babiri''.

Mama wanje yarambwije ukuri kandi kuva mu ntango ya kare, yaguma abimbarira. ''Nturi uwo kudandaza, ntanumwe yokugura''.

Ikiguzi c'inkwano kirahinduka cane. Geoffrey avuga ko yatanze amafranga agereranye - ''aharurwa mu majana''.

Ariko umugabo n'umukenyezi aribo Blessing na Chelsea, batuye i Derby, bashimye kubikora ukuntu gutandukanye n'ukwo.

Blessing na Chelsea, batuye i Derby

Ahavuye isanamu, BBC

Insiguro y'isanamu, Blessing avuga ko yashimye gukora iminsi 7 ku ndwi kugira akwize inkwano

Blessing, ava mu gihugu ca Zimbabwe avuga ko yarondeye akazi kagira kabiri kugira arihe inkwano. ''Novugako ngereranije, akwiye kugira ntange nk'ingwati notanga kugira ndonke inzu y'aha mu Bwongereza''.

Ubwa mbere, Chelsea ntiyagomba gufata intumbero yo gutanga inkwano, bifatiye ku bugeni buciye ku migenzo, kubera se wiwe yitavye Imana.

''Nabona nti... ninde agiye kwakira aya mafranga? Kubera ahanini agiye kuba yitwa ko ari Papa wawe canke Mama wawe. Sinabibona neza ahanje''.

Ariko Blessing yarahimirije umugore wiwe kubibandanya, naho yarishe amafranga menshi, yemeza ko kuriha inkwano bifise akamaro kanini cane.

Iyo aba atarishe inkwano avuga ko atari gushobora kwegera uyo muryango w'umugore wiwe.

Ntibizwi neza igihe inkwano yakwiriye muri Afrika. Ariko mu bihugu vyinshi yaje imbere y'amafranga.

Dukurikije kahise, ihindagurika ry'imigenzo riva ku gihugu n'umuco.

Evelyn Schiller
Insiguro y'isanamu, Evelyn Schiller avuga ko isigaye irangwa n'amafranga kurusha izindi ngabire

Evelyn Schiller yarahimirije kugira muri Uganda inkwano ihebwe. Aremeza ko muri iyi myaka 30 iheze, inkwano itagihagaze ku migenzo.

Raba muri iki gihe, ingene ingabire zimeze. Ziharugwa mu mafranga, aha rero niho ijambo ikiguzi riva. Inkwano ntikiri ingabire ihabwa abavyeyi. Yacitse inkwano.

Mu 2015, Sentare nkuru ya Uganda yategetse ko inkwano itangwa n'uwubishatse, ariko bishitse, bakahukana, gusaba kuyisubizwa biteye kubiri n'amategeko.

Ugushigikira inkwano birabandanya muri Uganda, kubera bibonwa nk'akaryo ko gukomeza imigenderanire mu migwi y'abantu.

Tolly yemezako inkwano isa nk'ukumwigarurira
Insiguro y'isanamu, Tolly yemeza ko inkwano isa nk'ukumwigarurira

Abirabure b'abongereza barafise umuco wabo

Umwongereza afise amavuko muri Nigeria, Tolly T, akaba abika ibiganiro, yarabajije nimba umugenzo w'inkwano ashobora kuwikorera. Ahanini... ni nk'ukumpa amahera ku mwana wanje. Bisa n'ubutunzi mfise.

Uwafashije mu gushikiriza ibiganiro vyabitswe n'ikigo Recepts yemeza ko imigenzo ishira imbere uguha agaciro ibintu bikorwa n'abakenyezi. Ni ukwibonamwo ubushobozi nk'akarorero.

None mu nyuma iheza imfasha iki, jewe mu kuba umukenyezi mwiza?

''Ndiyumvira benshi mu bacu bakuze, bo muri kino kimpumbi, nk'abirabure b'abongereza, canke abirabure gusa, abanyanigeriya bafise ubwenegihugu bw'ubwongereza, canke mbere n'abandi batandukanye, dufise umuco wacu natwe, niko yongeye aravuga.

Turiko turatora bikeyi dukeneye nk'abanyafrika tukongera tugatora ibindi bikeyi nk'abongereza nyene.

Twashizeho ihwaniro ry'umuco aho dusiguza ibintu, mu nyuma tukabikora kubera tubona bidufitiye akamaro.