Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RNC: Jean Paul Turayishimye ahakana ivyo yagirizwa kw'izimira rya Ben Rutabana
Uwahoze ari umuvugizi w'umuhari (ishyaka) RNC utavuga rumwe n'ubutegetsi Jean Paul Turayishimye, arahakana yivuye inyuma ko ata ruhara afise mw'izimira rya Ben Rutabana.
Bwana Turayishimye yahagaritswe burundu mu butegetsi bwa RNC rivuga ko afise uruhara rukomeye mw'iryo zimira rya Rutabana.
Turayishimye yabwiye BBC ko nawe yumvise ibura rya Ben Rutabana yari komiseri muri uyo muhari rikamutungura, kandi ko bariko bakurikirana iki kibazo nk'umuhari.
Abajijwe na BBC ico abivugako, Bwana Turayishimye avuga ko ata na rimwe yigeze abazwa n'inzego z'ubuyobozi ku bibazo zimbwagiriza.
Avuga ko atangazwa n'ukuntu abayobozi ba RNC bavuga ko bafise ibimenyetso simusiga ko afise uruhara mw'izimira rya Ben Rutabana mu gihe "mu kiganiro Jenerali Kayumba Nyamwasa yakoranye na radio Itahuka ku wa 12/14/2019, yavuze ko Ihuriro ribabajwe no kutamenya aho Rutabana ari".
Tabitha Gwiza, mushiki wa Ben Rutabana, nawe aheruka kwirukanwa mu butegetsi bwa RNC, mu kwezi guheze yabwiye BBC ko "hari abantu bakeya bo hejuru muri RNC bafise uruhare mw'ibura rya Rutabana".
Bwana Turayishimye afise amakenga kw'ihagarikwa ryiwe kuko avuga ko ibirego bashingiyeko mu kumuhagarika vy'agateganyo atari vyo bafatiyeko mu kumuhagarika burundi.
Kubw'iwe, izimira rya Rutabana rirateye ikibazo abayobozi ba RNC abona ko yo nyene ubwayo ifisemwo uruhara.
Benjamin Rutabana azwi cane nka Ben Rutabana umuryango wiwe uvuga ko wamubuze kuva ku wa 08 z'ukwezi kw'icenda umwaka urangiye haciye iminsi mike ageze i Kampala muri Uganda avuye aho aba i Bulayi, ubu ntarongera kuboneka.