Ifoto y'iyi nzoka yatwaye igihembo ca 'British Ecological Society' c'uyu mwaka

Ahavuye isanamu, Roberto Garcia Roa
Ikigo kirengera ibinyabuzima n'aho biba co mu Bwongereza, 'British Ecological Society' catangaje ko ifoto y'isato ikunze kuba mu biti muri Madagascar ari yo yabaye iya mbere uyu mwaka.
Uwatsindiye agashimwe k'ifoto iheta izindi, Roberto Garcia Roa yagize ati "Birababaje kubona mu bice vyinshi vya Madagascar, ibinyabuzima bibangamiwe kubera ibikorwa vya muntu, birimwo uruhigi, imiriro ya nyakanga kandi guhura n'inzoka nini nini bisigaye ari nk'umuzi w'ibuye.
Avuga ko igihe yagendera Madagascar, yagize amahirwe yo kubona iyo nzoka idasanzwe akayifotora.
Mu kugerageza gutanga ikigereranyo c'ibibazo izi nzoka zihura navyo, uyu muhinga mu gufata amafoto yakoresheje umuco usa n'ikibengebenge, ahandi ahaca ibitutu.
Amafoto yatoranijwe arusha ubwiza ayandi, azokwerekanwa mu nama y'uyu mwaka wa 2019, mu muji wa Belfast hagati y'amagenekerezo ya 10 na 13 z'ukwa 12. Mu nyuma azokwerekanwa mu nzu y'iratiro ya Ulster Museum, kuva kuwa 11 z'ukwezi kwa kabiri umwaka wa 2020.
Iyifatwa ko iriyo iziheta: Ishamba ry'ibiti biriko birata amababi inyuma y'ici (Autumn), ifoto yafashwe na Mikhail Kapychka

Ahavuye isanamu, Mikhail Kapychka
Ishamba ryo mu karere ka Mogilev, muri Belarus, ibiti vyataye amababi imbere y'igihe c'ubukonje (hiver).
Iyiza imbere mu zafashwe n'abaciga,bahaye akazina ka 'flames in flimes': ifoto ya Nilanjan Chatterjee

Ahavuye isanamu, Nilanjan Chatterjee
Inyoni yo mu bwoko bwa 'Phoenicurus fuliginosus' yafotowe aho ikunda kuba, irindiriye kubona icorirenza mu dukoko tuguruka ikunda kwihereza tuva mu mazi ari hafi yayo.
Ico mbona nico nawe ubona? ifoto ya Pablo Javier Merlo

Ahavuye isanamu, Pablo Javier Merlo
"Inka n'inyoni iyinungarayeko, biriko vyitegereza ubwiza bw'imirambi ya Beagle Channel, igabura Chile na Argentina, ku rugabano rw'urukurikirane rw'imisozi miremire ya Andes."
Amahinduka y'ishamba rya tundra, ifoto ya Gergana Daskalova

Ahavuye isanamu, Gergana Daskalova
"Ishamba rya tundra ryiziziwe n'ubushuhe kurusha ahandi hose kw'isi, ariko kubona umuntu arigenda genda n'amaguru, bishoboka ku kirere gito cane.
"Gukoresha drones, bifasha kubona ikirere kinini, aho ihindagurikira ry'ibihe ririko riratuma ibinyabuzima vyo mu gice c'uburaruko bw'umubumbe w'isi bigeramirwa.
"Ku mazinga ya Qikiqtaruk-Herschel, muri Canada, mu bihakorerwa harimwo kwikorera imizigo minini minini irimwo ibikoresho, no kuvunja umuyange nk'abagiye gusamayo akayaga."
Imishwarara ibengerana, ifoto ya Roberto Garcia Roa

Ahavuye isanamu, Roberto Garcia Roa
"Kubengerana canke guca ibibatsi ni ibintu biboneka ku binyabuzima bimwe bimwe, kuva kuri duto cane two mu bwoko bwa bacteries, gushika ku bikoko biboneka n'amaso harimwo iyi scorpion yo muri Madagascar."
Umukuku w'imisambi yo mu bwoko bwa Flamingoes, ifoto ya Peter Hudson

Ahavuye isanamu, Peter J Hudson
"Imisambi uyimenyera ku mazosi n'amaguru, ariko kandi ifise n'ukuntu yerekana ubwiza bwayo mu buryo butangaje.
Peter Hudson avuga ko yafashe iyi foto ari mu ndege agenda hejuru y'ikiyaga Magadi, [Kenya,], ati "Nitegereje ingene iyi misambi yishira mu murwi w'iforoma nk'iyo umutima."
Igikere co mu bwoko bwa Harlequin, ifoto ya Khristian V Valencia

Ahavuye isanamu, Khristian V. Valencia
"Mu gihe vyinshi mu bidukikije bibangamiwe, ibikere vyo bigeramiwe no guhona burundu mu bihe vya vuba.
"Igikere kizwi k'izina ry'ubwoko rya Atelopus spurrelli, gikambakamba mu mashamba ya Choko muri Colombia, kiraba ko bwoca kabiri."
Inkura (Rhino) zicibwa mahembe rimwe mu mwaka, ifoto ya Molly Penny

Ahavuye isanamu, Molly Penny
Molly Penny avuga ko yafashe iyo foto ari muri Afrika y'epfo. Agira ati : "Nagize amahirwe yo kugira uruhara mu kugabanya amahembe ya zine mu nkura zera zo muri Afrika y'epfo".
"Inkura zigabanirizwa amahembe rimwe mu mwaka, mu ntumbero yo kuzirinda kwicwa n'abayashaka.
Ngo ni igikorwa canezereje Molly kandi atazokwibagira.
Nta kwihindukiza mu gusinzira, ifoto ya Felix Fornoff

Ahavuye isanamu, Felix Fornoff
"Agakoko gateye bwa ruyuki kitwa Megachile, karikiye uruvyaro rwako muri ayo mababi, kaciye kazingagiramwo ivyumba.
Guhinduka kw'ibara mu maso y'ibi bikogoshi, ni ikimenyetso c'uko vyakuze ibiri mu gusohoka, bikaguruka".
'Ubusigo buhuma ntibuba bunini', ifoto ya Roberto Garcia Roa

Ahavuye isanamu, Roberto Garcia Roa
"Ubunini ni vyo ni ikintu gikomeye ku binyabuzima, ariko si iminsi yose. Ibitangurirwa ni ibikoko bitangaje cane bifise ubuhinga bukomeye vyifashisha mu gihe bihanganye n'ibikoko bibiruta, vyaba ivyo bihiga canke ibibihiga. Muri ubwo buhinga harimwo kwubaka igisenge canke kwikora ku bumara.
Roberto Garcia Roa atanga akarorero ku kimonyo yafashe ifoto muri Malaysia, cananiwe kwikura mu vyara vy'agatangurirwa gato.
Ibitabonekera amaso, ifoto ya Sanne Govaert

Ahavuye isanamu, Sanne Govaert
"Kino kizinu (Mycena) cakuriye mu mutumba w'igiti cabunzwe.
"Kubera muri ico giti hishangije uburyo hateye mu bijanye n'umuco, umuyaga n'ubushuhe, ico kizinu catonzeko urume."
Gutondagira, ifoto ya Gergana Daskalova

Ahavuye isanamu, Gergana Daskalova
"Akarere ka Arctic gatera gashuha, ariko, kuri benshi muri twebwe, biragoye ko twiyumvisha ubudasa ubwo bushuhe butera nk'ingaruka mu bidukikije.
"Hano, igitutu c'umuntu kiboneka nk'akantu gato cane ugereranije n'ubunini bw'ikimanga gikomeza kunyonyora akayira kahora gakoreshwa kw'izinga rya Qikiqtaruk-Herschel, muri Canada".
Intagoheka, ifoto ya Khristian V Valencia

Ahavuye isanamu, Khristian V. Valencia
"Inzoka yo mu bwoko bwa Sibon nebulatus igendagenda mu mashamba yaColombia ataco yonona.
"Bivugwa ko igendagenda ijoro irondera ikiyitunga, izindi nzoka ivyarako hamwe n'aho icumbika".
Igikoko kigenda gahoro bwa kinyamasyo carusinvye, kijabuka ibirabara: ifoto ya Andrew Whitworth

Ahavuye isanamu, Andrew Whitworth
Andrew avuga ko "yari mu nzira atwara imodokari avuye mw'izinga rya Osa, mu bumanuko bwa Costa Rica, mu mwijima w'imvura.
"Igikoko bita Paresseux (Bradypus variegatus) cagize amahirwe yo kujabuka ibarabara, umushoferi w'iyi Toyota, akibona hakiri kare."









