Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugore wo muri Amerika yarashwe yibungenze yakuweko icaha c’ubwicanyi
Umushikirizamanza w'akarere ka Alabama yahanaguye ibirego vy'ubwicanyi ku mugore yari yibungenze, aho umwana wiwe yapfuye atari bwavuke inyuma y'aho arasiwe mu nda.
Marshae Jones w'imyaka 28 y'amavuko avugwa ko yarashwe n'uwo bakorana mu gihe yari afise imbanyi y'amezi atanu.
Yegetsweko amakosa igihe igipolisi kimwagirije ko ari we yatanguye intambara yagiye guhitana ubuzima bw'umwana wiwe.
Umushikirizamanza Lynneice Washington avuga ati: "Nta ruhande na rumwe rwatsinzwe muri iyi dosiye, ahubwo bose barabuze mu vyabaye".
Abaharanira agateka k'abakenyezi bari biyamirije ivyo umukenyezi Jones yagirizwa.
Inyuma y'aho iyo ngingo itangarijwe, abunganirizi mu mategeko b'umupfasoni Jones bavuze bati: "Turashimishijwe n'ingene umushikirizamanza yihweje ivyabaye agafata ingingo y'uguhagarika urubanza rw'akarenganyo".
Ishirahamwe riharanira ubwigenge, American Civil Liberties Union (ACLU), rivuga ko iyo ngingo ishingiye ku cipfuzo caryo "muri bino bihe bigoye: umushikirizamanza adatinya gukoresha ubwitonzi n'ububasha bwiwe akanka guca imanza za ngondagonde".
Umwunganirizi mu mategeko w'umupfasoni Jones, Mark White, avuga ko "ingingo y'umushikirizamanza w'ako karere izofasha [Jones] Marshae gukira ibikomere yagize".
Asaba ko abanyagihugu bagumye inyuma y'umupfasoni Jones bokora uko bashoboye kugira ngo ivyabaye ntibisubire.