Umuganwakazi Haya, umugore w'uwurongoye Dubai yahungiye mu Bwongereza'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuganwakazi Haya Bint al-Hussein, umutambukanyi w'umukuru wa Dubai, Sheikh Mohammed Al Maktoum, ari mu buhungiro i Londres mu Bwongereza, akavuga ko yahunze umugabo wiwe.
Sheikh Mohammed w'imyaka 69 y'amavuko, umutunzi ruhebwa yanditse ubutumwa ku rubuga hwaniro rwa Instagram yagiriza "ubuhemu" umugore atavuze izina.
Uyo muganwakazi yavukiye muri Yorodaniya akiga amashure yiwe mu Bwongereza, afise imyaka 45 y'amavuko, akaba yubakanye na Sheikh Mohammed kuva mu mwaka wa 2004 nk'umugore wiwe agira gatandatu "kandi akaba ariwe muto".
Bivugwa ko Sheikh Mohammed afise abana 23 ku bagore batandukanye.
Umuganawakazi Haya yari yabanje guhungira mu Budagi mu ntango z'uno mwaka.
Ubu avuga ko aba mu nzu yo hagati mu gisagara ca Londres ifise agaciro k'imiliyoni 107 z'amadorari, akaba ariko aritegurira urugamba muri Sentare.
None ni igiki catumye ahunga agaheba ubuzima bwiza i Dubai avuga ko "yashatse kurokora igufa"?
Amakuru ava mu bamwegereye avuga ko Umuganwakazi Haya yaronse amakuru adahumuriza ajanye n'icatumye umwe mu bakobwa b'uwo mutegetsi, Sheikha Latifa, asubira i Duba mu mwaka uheze.
Yari yahunze ico gihugu ca Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu (Emirats Arabes Unis) n'ubwato abifashijwemwo n'umufaransa, aza guhagarikwa n'abantu bitwaje ibirwanisho ku nkengera z'ibahari mu gihugu c'Ubuhindi, aca agaruka i Dubai.
Ico gihe, umuganwakazi Haya ari kumwe n'uwigeze kurongora izinga rya Irlande, Mary Robinson yaravugiye cane ubutegetsi bwa Dubai kuri ivyo vyari bihejeje kuba.
Abategetsi ba Dubai bavuze ko uyo mwigeme Sheikha Latifa yari "yakorewe vya mfura mbi" kandi ko ubu "amerewe neza i Dubai".
Ariko abaharanira agateka ka muntu bamenyesha ko yanyurujwe agasubizwa agasubizwa inyuma ku nguvu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kuva ico gihe, bivugwa ko umuganwakazi Haya yaronse ayandi makuru kuri ivyo vyashikiye uyo mwigeme, bituma havyuka urwanko hagati yiwe n'abo mu muryango w'umugabo wiwe gushika aho yumva adatekaniwe i Dubai.
Inkuru itangwa n'umwe mu bamwegereye ivuga ko atinya ko nawe nyene ashobora kunyuruzwa "agasubizwa" i Dubai.
Ibiro vy'ubuserukizi bwa Leta zunze Ubumwe z'Abarabu i Londres ntibwashatse kugira ico buvuze kuvyo bwita "ikibazo hagati y'abantu babiri".
Ariko ico kirimwo ibintu bishobora kugira ingaruka ku migenderanire hagati y'ibihugu.
Biravugwa ko umuganwakazi Haya yipfuza kwigumira mu Bwongereza ari naho yize.
Ari nka hamwe umugabo wiwe batandukanye yosaba ko asubizwa mu gihugu, ivyo vyoteza ibibazo mu vy'imigenderanire ku gihugu c'Ubwongereza gisanzwe gifitaniye ubucuti bukomeye n'ico gihugu.
Ico kibazo kandi kirakomeye ku gihugu ca Yorodaniya, kuko umuganwakazi Haya ni mushiki w'umwami wa Yorodaniya, Abdullah.
Hafi ica kane c'umuliyoni w'abanyayorodaniya bakora mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu bakaba basanzwe barungika mu gihugu amahera, vyumvikana ko yorodaniya itokwemera ukwinubana n'ico gihugu.










